Ibagiro ry’ I Gitega : isuku ni rike

Kw’ibagirory’ i Gitega nta suku riharangwa abahakorera bagiriza komine Gitega ko iheruka gutoza itagisi ikibagira ko ryategerezwa kubagarukako.-Vyanditswe Kwizera Emeri

 Imitwe y’inka irunze hasi ©Iwacu

Imitwe y’inka irunze hasi ©Iwacu

Ushitse kw’ibagiro uhasanga amaraso menshi cane, abayangayanga bayagendagendamwo ataco bambaye mu birenge. Inyama na zo nyene bazirunda hasi, impuzu z’abayangayanga ziba zicafuye utoraba. Insazi nazo zikaduma ku nyama. Abaguzi bagura inyama zijejeta amaraso. Ku metero nka zibiri zahari inyama niho bogereza ivyo mu nda. Isuku rike rirangwa kw’ibagiro ry’i Gitega rikaba ritumwa n’uko abakozi ari bake cane n’ibikoresho bikaba bidakwiye nk’uko bimenyeshwa n’umuganga apima ibitungwa muri komine ya Gitega Ndikumasabo Manweri. Uwo anamenyesha ko ibagiro rifise abakozi batarenga batatu bakora isuku. Naho nyene bakaba atakindi Gikoresho na kimwe co gukora gusukura bafise atari umukubuzo.

Amakosa atabwa kuri komine Gitega

Abakora muri iryo bagiro bata amakosa kuri komine. Kuko kubw’abo ariyo itoza amatagisi yo kugira isuku mw’ibagiro. Abo baribaza ico amatagisi atangwa akora, mugihe atozwa uko umusi wakabaye. Bamenyesha ko inka yose irihirwa amajana 2 y’amarundi ku musi, ibindi bitungwa bitibito bikarihishwa amafaranga 60 ku gitunwa kandi ku musi. Eka na Obr ubu ntitangwa gutoza ikori. Yoyo itoza amaja 8 ku nka kandi kumusi, ku bitungwa bito bito naho amajana 5.

Amahera atangwa si ayo gusa umuyangayanga w’inka agomba gutangura gukorana n’ibagiro arihishwa ibimbi bitandatu vy’ukwemererwa uw’ibitungwa bitobito nawe akakwa ibihumbi 2. Igikorwa kijanye n’ugupima n’ukuraba ko ibitungwa bibarwa bimeze neza birabwa n’ishure kaminuza ry’uburimyi ISA. Ariko naho ngaho kwibagiro hoho bafise abaraba ko ibitingwa bikomeye imbere y’uko bishika kw’isoko,muri komine gitega ibibanza bibagirwamwo vyose ntibizwi, hariho ababagira mu kinyegero. Bivurwa n’umuganga w’ibitungwa muri komine Gitega Ndikumasabo Manweri. Ntiyemeza ko ibitungwa vyose bishobora gupimwa. Ariko ati:” Turafise abaduserukira ku mitumba bajejwe amagara y’ibitungwa. Umuntu afashwe abaze igitungwa kidapimye aracibwa ihadabu.”

Amasezerano y'abayagira kur'urubuga ngurukanabumenyi rwa IWACU

Ivyiyumviro n'ibivugirwa hano ntibitegerezwa kurenga amategeko y'umubano mwiza. Mu bibujijwe kwandikira hano, harimwo amajambo y'amacakubiri afatiye ku bwoko, ibitsina, ukwemera kujanye n'idini, gutyozanya canke gutukana, amajambo ahamagarira gucanamwo, canke aza atanga amakuru ajanye n'ubuzima bwihereranye bwa muntu. Ikibujijwe kandi ni ugukoresha amasanamu canke ivyandikwa vy'abandi udatomoye isoko yavyo.
Iwacu ntizotiriganya mu gufuta icanditswe cose coza kirenga kuri ano masezerano, canke ivyanditswe bisubiwemwo, bitanzwe bitajanye n'inkuru vyandikiweko, bihayagiza ibidandazwa canke bidashingiye ku kwubahana hagati y'abahurira hano. Icanyuma : intererano izogirwa mu ndome nkuru izofutwa vuba.

Kwongerako iciyumviro

Votre adresse de messagerie ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *