I Musongati: ubutare bwa nikere burahagaritse umutima bene amatongo

Mu kurondera ubutare bwa nikere i Musongati hararanduwe imirima. Bene imirima baridogera ishirahamwe BMM ko ritari ryabagishije inama kandi ko bahawe umuzibukiro muto. Bafise ubwoba ko bari mu kubakura mu matongo yabo. Abajejwe intwaro barabahumuriza. Abazi amategeko basaba ko yobanza gukurikizwa. Iwacu yaravuganye na bo – Vyanditswe na Bayaga Manyusi

Ikibanza kirimwo ubutare bwa nikere ©Iwacu

Ikibanza kirimwo ubutare bwa nikere ©Iwacu

Abanyagihugu bo muri komine Musongati mu ntara ya Rutana, baridogera ishirahamwe BMM ryo mu gihugu ca Afirika y’epfo, kuko ryabaranduriye imirima mu gihe ryariko rirarondera ubutare bwa nikere mu mwaka w’2008. Abo banyagihugu nyene baratinya ko bazokurwa mu matongo yabo.

Sebahene Matiyasi, umuyobozi nshingwabikorwa muri BMM, yarabariye Iwacu ko aho hari nikere ingana amatoni imiriyoni 150, kandi hakaba n’ubundi butare nka fer, cobalt na cuivre. Bamwe muri abo banyagihugu barayagiye Iwacu ibijanye n’ico kibazo. Bukuru Tarasisiyo, aba ku gacimbiri Gitaramuka ko ku mutumba Buhinga muri komine Musongati, avuga ko igihe bakora ibikorwa vyo gusuzuma ko hariho ubutare bwa nikere batabimenyesheje bene imirima: «Nta n’uwo bagisha inama ngo atume asoroma imirima yiwe.»

Imirima yarandurwa ku nguvu

Uwo mugabo yemeza ko mu kwimba batarabira ngo hari imirima. «Ugize ngo uravuga bahimba ku nguvu. Yari amarira kuko wasanga imirima bashize hasi. »  Ikindi avuga ni uko batashimishijwe n’umuzibukiro, ati: «Iyindi ngorane, baduha udufaranga duke.» Arongera akagaragaza amakenga ko bazohava babatwara ahandi. Avuga ko bigeze kubandika ngo babajane ahitwa Mwishanga. Ati biravugwa ko aho i Ceranda ata wokworoherwa kuko ngo n’icatsi ntikihamera. Na ho aho bari ubu ngo baratera ikigoti bakaronka akumbati. Ati: “Botuma bimba ubwo butare twigumiye mu gatongo kacu, aho igipimo kiguye bakimba, ukaguma wirimira iruhande, uwo inzu ibomowe bakayimwubakira. Ivyo bisumba kuja mu kigwati tukabaho nk’impunzi.” Ku bijanye no kubaha umuzibukiro agira ati: “Ayo mahera ntaco yotumarira kuko tutoronka ahandi tugura muri ayo.”

Basaba umuzibukiro ukwiye

Bukuru Tarasisiyo: “Nta n’uwo bagisha inama” ©Iwacu

Bukuru Tarasisiyo: “Nta n’uwo bagisha inama” ©Iwacu

Bukuru aremeza ko bashigikiye iterambere ati ryoba ari iry’iwacu. Ariko ati uwo igipimo cociraho yohabwa umuzibukiro ukwiye, na we uwo inzu iguyemwo ni we yotuma yimuka ariko bakamushira hagufi. Arongerako ati: “Ntitwoshima kwimukira ahandi kandi n’abahunguka babuze aho baja birigwa bararira. Oya ni ukuri ntitwokwimuka.” Eka n’umupfasoni Kampimbare karine aba ku mutumba Muganahe komine ya Musongati, avuga ko ivyo bintu vyabateye umutima uhagaze gushika aho abantu biyumvira guheba kurima, ati ariko nta woheba. Agira ati kugira uve mu gatongo uje ahandi wumva umubabaro ukabura uko ubigira. Ati: “Aho bavuga Mwishanga ni ahantu habi gose, mu biti kandi naho wohashira intabire ntihomera. Iryo terambere ntituryanka ariko biraduteye ikibazo.” Uwo mupfasoni ngo ahora atembera mu za Giharo aho abantu baho usanga bafise ubuzima bubi bikamutera ubwoba. Kampimbare rero ati: “Nsaba ko nk’uwo ico gipimo coba kiguyeko batomwimurira muri iyo ntara, batume bamwimurira mu kandi gace. Ntidutekere nka kumwe kwo mu rwimo rwo mu myaka iheze.”

Ntibashima kuva mu matongo yabo

Ntirandekura Sitanisirasi, afise imyaka 42 n’abana ndwi akaba ku mutumba Gitaramuka. Amenyesha ko aho iwabo vyifashe neza bitifashe neza kuko ngo bumva bagomba kuzohava babomora mu matongo. Avuga kandi ko ata handi na hamwe azi kuko atari bwigere ayerera. Barutwanayo Barutoromeyo, umuhumure w’imyaka 63 aba ku mutumba Buhinga akagira n’itongo mu Gitaramuka, avuga ko ivyo gukurwa mu matongo yabo bavyakira nabi cane. Ati: “Kubona aho wavukiye haza umuntu akagira ati angara vaho si vyiza.” Uwo muhumure abandanya avuga ko mu gihe baza gusuzuma ko hariho ubutare bwa nikere, wasanga imirima bonona yaba amahonda, ibigoti, ibitoke, ibigori, imijishi (imivyuka) n’ibindi. Ati biravugwa ko bagomba kutwomora, ngo ubucimbiri munani bwo ku musozi bazobangaza bose. Barutwanayo agira ati: “Dusaba kuguma ngaha, yamara ku mirima baturanduriye bakaduha umuzibukiro.”

Umuzibukiro waratanzwe bivanye n’igiciro c’igiterwa cose

Bahizi Jiriberi, musitanteri wa komine Musongati, avuga yuko ivyo bikorwa abanyagihugu bari babizi, kuko ngo kuva ubwo butare bwubuka, barababwiye ko bazohava. Avuga mbere ko n’ubushikiranganji bw’ubutare n’agataka bwamaze kugira urusansuma rw’imihana vyerekeye. Ku bijanye n’imirima yononekaye, musitanteri agira ati: “Ivyo bikorwa vy’ivyigwa vyarabaye. Amamashini hari aho yaciye mu matongo kandi barabahaye umuzibukiro. Naho caba igiti canke igiterwa barawubaha bivanye n’igiciro ca kimwe cose muri ivyo biterwa.”

Ati tumaze kwumva imyidogo twaravuganye n’ishirahamwe vyerekeye, riravyumva hanyuma ni ho baca baja gusaba urutonde rw’ibiciro vy’umuzibukiro ku biterwa. Uwo musitanteri avuga ko mu nyuma babwiye abo banyagihugu ko ahari ikimenyetso batosubira kuharima. Uwo mutware arongera ati: “Twaraciye no mu banyagihugu baraterera n’ivyiyumviro vyabo. Abahinga baraza mu mihana, abantu baratanga ivyipfuzo vyinshi. Nko ku mizibukiro basaba ko batobaha amafaranga, bagasaba amatongo.”

Ngo si igikorwa ca komine ni ic’igihugu

Bahizi Jiriberi: «Ivyo bikorwa vy’ivyigwa vyarabaye.» ©Iwacu

Bahizi Jiriberi: «Ivyo bikorwa vy’ivyigwa vyarabaye.» ©Iwacu

Mu bindi abo banyagihugu basaba, musitanteri avuga kutajanwa kure ngo ntibatandukanywe n’imiryango yabo. Musitanteri Bahizi avuga ko hari n’umurwi warungitswe na Reta kugira wige ingaruka zoba ku bijanye n’ibidukikije. Kuri musitanteri rero, ngo ico kubashira Mwishanga ngo abantu barashobora gufatira ku tuntu, ati ariko ntaho turavugana kuko na komine ntiyoronka aho ibashira, barashobora no kuja mu yindi ntara. Akavuga rero ati ikizokwihutirwa ni uko Reta yobanza kuronka aho ishira abo banyagihugu.

Ku bwiwe rero ngo ico si igikorwa ca komine ni ic’igihugu. Naho biri uko, umuyobozi mukuru w’ubutare n’agataka, Ngenzebuhoro Manwera, arahumuriza abo banyagihugu. Ati ni batekane nta kintu kijanye no kubakura mu matongo yabo kiri mu migambi haba ubu no mu mwaka w’2014. Ati hageze ko bimba aho bari bazohava hisunzwe amategeko abiraba. Avuga ko kwimba nikere bisaba uburyo bwinshi na bwo bukaba butaraboneka. Ati hageze twobanza kubagisha inama n’amahera agaharurwa. Ubu baracari mu vyigwa.

Amategeko avuga ko ibikorwa bitangura hatanzwe umuzibukiro

Bigirimana Jiriberi: “Itegeko riratomora ko ubutare bwose ari ubwa Reta” ©Iwacu

Bigirimana Jiriberi: “Itegeko riratomora ko ubutare bwose ari ubwa Reta” ©Iwacu

Bigirimana Jiriberi, uwanonosoye amategeko akaba n’umushingwamanza, avugako iyo ubutare butowe mu kibanza kibamwo abantu bahabwa umuzibukiro. Uwo ngo bawuhabwa iyo ayo matongo ari ayabo atari ayo batijwe na Reta, kandi bakawuhabwa imbere yo gukurwa muri ico kibanza canke bakabaha ahandi. Ati: “Itegeko riratomora neza ko ubutare bwose ari ubwa Reta. Mu gihe ishatse kubukoresha buri mu kibanza c’abanyagihugu, irabukoresha itanze umuzibukiro utegekanywa n’amategeko, hubahirijwe bose.”

Bigirimana amenyesha ko itegeko bwirizwa n°1/138ryo kuwa 7 Mukakaro 1976 rigenga ubutare, rikurikizwa hubahirijwe itegeko rigenga amatongo n’uburenganzira bwa bene amatongo. Ati birumvikana ko ibikorwa vyo kugerageza ubwo butare bitokorwa vyononera bene amatongo, batahawe umuzibukiro. Agateka kabo koba karahonyanzwe. Avuga ko ingingo ya 36 y’ibwirizwashingiro ivuga ko umuntu wese afise uburenganzira kw’itongo ryiwe. N’itongo ridasanzwe rikoreshwa nyeneryo nta kibuza ko asaba umuzibukiro.

Amasezerano y'abayagira kur'urubuga ngurukanabumenyi rwa IWACU

Ivyiyumviro n'ibivugirwa hano ntibitegerezwa kurenga amategeko y'umubano mwiza. Mu bibujijwe kwandikira hano, harimwo amajambo y'amacakubiri afatiye ku bwoko, ibitsina, ukwemera kujanye n'idini, gutyozanya canke gutukana, amajambo ahamagarira gucanamwo, canke aza atanga amakuru ajanye n'ubuzima bwihereranye bwa muntu. Ikibujijwe kandi ni ugukoresha amasanamu canke ivyandikwa vy'abandi udatomoye isoko yavyo.
Iwacu ntizotiriganya mu gufuta icanditswe cose coza kirenga kuri ano masezerano, canke ivyanditswe bisubiwemwo, bitanzwe bitajanye n'inkuru vyandikiweko, bihayagiza ibidandazwa canke bidashingiye ku kwubahana hagati y'abahurira hano. Icanyuma : intererano izogirwa mu ndome nkuru izofutwa vuba.

Kwongerako iciyumviro

Votre adresse de messagerie ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *