I Gitega abageze mu zabukuru baributswe

Ku wa 11 Gitugutu , ishirahamwe URISANZE ryarifatanije n’abageze mu zabukuru bo mu makaratiye ya Rango na Nyabiharage mu guhimbaza umunsi mpuzamakungu wabahariwe.-Ndayisenga Farasisiko.

  Uwugeze mu za bukuru ariko arugurura ibahasha ©Iwacu

Uwugeze mu za bukuru ariko arugurura ibahasha ©Iwacu

Uwo musi wahimbarijwe kw’ishure ryisumbuye rya komine riri muri Rango. Ishirahamwe Urisanze ryari ryatunganije uwo munsi mukuru ryari ryakoranije abatama n’abatamakazi bashika ku mirongo itatu baturutse mu makaritiye ya Rango na Nyabiharage.
Mw’ijambo ryiwe , Manirakiza Mariya Beyatirisi ,umukuru w’ishirahamweUrisanze mu ntara ya Gitega, yaramenyesheje abari aho ingorane nyamukuru zihanze abageze mu zabukuru .Ati: « Indwara, kubura agashambara , inzara n’ukunyagwa utwabo na cane cane amatongo ni vyo bibangamiye abageze mu za bukuru.”Yongera ati: » Icatuzindukanye ni ukuremesha abageze mu zabukuru no guhimiriza abantu bose na cane cane urwaruka ngo babiteho , babafashe ico batacifasha banabashikire aho batacishikira « .

Ijambo ryiwe ryarangijwe no gutanga akabahasha kuri umwe umwe muri abo basaza bari bitavye uyo munsi mukuru .Ntiyibagiye kumenyesha ko itunganywa ry’uwo munsi ryakeshejwe akigoro k’abagize ishirahamwe Urisanze mu ntara ya Gitega aho babarizwa muri cumi na bane.

Na bo nyene bakwiye kuvuzwa ku buntu

Umukuru wa karatiye ya Rango ,yari yaserukiye intwaro,ashimira ishirahamwe Urisanze , yasavye ko ryorushiriza kwitaho abatama n’abatamakazi mu kubagendera mu mihana kugira ngo bamenye utubagora dutandukanye .Yarongeye ati : »Ni mubavugire no ku nzego zo hejuru mu ntwaro kugira nabo bavuzwe ku buntu kuko bakarirwa n’indwara nyinshi cane ».
Abageze mu zabukuru bari bitavye ivyo birori barashimiye cane ishirahamwe « Urisanze”. Nk’umwe twaganiriye, n’akanyamuneza kenshi , agira ati: »Ako kigoro tukakiranye urweze rwinshi, aha uwodusesa ku mutima yosanga atari twebwe. »

Mwomenya ko uwo munsi mukuru usanzwe uhimbazwa kw’isi yose igenekerezo rya mbere Gitugutu yamara mu Burundi ukaba wahimbajwe kw’igenekerezo rya 11 Gitugutu aho ku rwego rw’igihugu ibirori vyabereye muri komine Bisoro mu ntara ya Mwaro ku civugo kivuga giti « Ni tugire urunani mu kuronderera hamwe umuti w’ingorane zihanze abakurambere bacu »

Amasezerano y'abayagira kur'urubuga ngurukanabumenyi rwa IWACU

Ivyiyumviro n'ibivugirwa hano ntibitegerezwa kurenga amategeko y'umubano mwiza. Mu bibujijwe kwandikira hano, harimwo amajambo y'amacakubiri afatiye ku bwoko, ibitsina, ukwemera kujanye n'idini, gutyozanya canke gutukana, amajambo ahamagarira gucanamwo, canke aza atanga amakuru ajanye n'ubuzima bwihereranye bwa muntu. Ikibujijwe kandi ni ugukoresha amasanamu canke ivyandikwa vy'abandi udatomoye isoko yavyo.
Iwacu ntizotiriganya mu gufuta icanditswe cose coza kirenga kuri ano masezerano, canke ivyanditswe bisubiwemwo, bitanzwe bitajanye n'inkuru vyandikiweko, bihayagiza ibidandazwa canke bidashingiye ku kwubahana hagati y'abahurira hano. Icanyuma : intererano izogirwa mu ndome nkuru izofutwa vuba.

Kwongerako iciyumviro

Votre adresse de messagerie ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *