Hari ibisata vyafuswe bicibonekeza

Mu gihe ubushikiranganji bujejwe inyigisho bwafuse ibisata bigufi vy’amashure (A₃), amashure abiri y’abigenga avuga ko atabimenyeshejwe. Mu buyobozi bwa bw’ayo mashure bavuga ko ari ukwica amatwi. – Vyanditswe na Bayaga Manyusi

ETALIBU

Abanyeshure biga kw’ishure rya ETALIBU mu Buyenzi ©Iwacu

Ishure ETALIBU ryo mu Buyenzi, ni iry’abigenga rifise igisata cigisha kuvura n’ikindi gisata kigufi bigisha imyaka A₃. Umuyobozi yatumenyesheje ko ata tegeko ry’umushikiranganji arabona ribuza ico gisata. Avuga ko yavyumvise ku matwi. Inama yagizwe n’abo mu gisata c’indero ku wa 17 Ruheshi, ku vyerekeye ico kibazo, uwo muyobozi avuga yuko atayitavye ariko ko hitavye uwujejwe ivyigwa. Tubajije uwo ajejwe ivyigwa, na we nyene yemeza yuko ata rwandiko rw’umushikiranganji rubuza ayo mashure baronse.
Avuga yuko iryo shure rifise abanyueshure bangana 25 bari mu mwaka wa mbere w’ico gisata kitacemewe n’ubushikiranganji bw’indero. Tumubajije kazoza kabo, nta nyishu yashoboye kuduha, ariko ngo ico kibazo baragishikirije uwuserukira ishure imbere y’amategeko, Rukara Muhamedi. Abo banyeshure bobo bari bakoze ibibazo ukuri kwamye.

Abanyeshure nta co babiziko

Ishure ETC (Ecole de la Technologie), riri muri komine ya Ngagara. Rifise igisata kigufi cigisha gukora imiduga yaharavye. Aho twahaca twahasanze umuyobozi, Swedi Jérôme. Tumubajije igituma babandanije bandika abanyeshure mu gisata kitemewe na reta, yatwishuye ati: «Nta rwandiko rw’umushikiranganji ndabona nk’uko bisanzwe bigenda.» Ariko ntahakana yuko atari bwavyumve, uretse yuko ngo inkuru yumvise zivuga yuko bizotangura ku mwaka w’ishure utangura. Arongera ati: «Ntituzoca kubiri n’ingingo y’umushikiranganji.» Uwo muyobozi yatumenyesheje yuko ubumenyi butangwa kuri iryo nshure bukwiye, ko mu bihugu vyose ataho barenza imyaka itatu muri ico gisata. Arongera ati: «Ni batange urundi rutonde ruzokwigishwa ku myaka ine ko ivyo babihinduye.»  Ikindi yatumenyesheje ni uko naho yaronse iyo nkuru, abanyeshure atigeze abibamenyesha. Na bo nyene bariga nk’abandi bose kandi barakoze n’ibibazo. Ariko rero ntiyashimye kutumenyesha igitigiri c’abo banyeshure begwa n’iyo ngingo.

Barenga ku mategeko

«Nta n’umwe arekuriwe kwitwaza yuko atazi amategeko», ivyo bivugwa na Ndereyimana Serejiyo, umuyobozi ajejwe amashure y’ubuhinga mu bushikiranganji bujejwe amashure yisumbuye. Uwo rero yerekana urwandiko rw’umushikiranganji rufuta bene ayo mashure, rwasohotse kuwa 28 Gitugutu 2013. Ariko aremeza yuko bari baragiranye amanama n’abayobozi b’amashure imbere y’igihe arabamenyesha uwo mugambi wariko urategurwa. Canke urwo rwandiko ni bo bonyene batarubonye ? «Twari twababujije ni uko bakunda kurenga ku mategeko.» Akavuga rero yuko ivyo bisata vyari ku mashure arenga cumi ariko ayo mashure abiri ni yo gusa yasubiye kubandika. Akavuga rero ko atabona kazoza k’abo banyeshure. Ngo vyobazwa bene ayo mashure. Agira ati: «Ahanje ngiye kumenyesha ubugenduzi bukuru buheze bufate ingingo. Ntibishoboka ko baguma badadaza imbere y’amategeko.»

Ico mwiyumvira
  1. Gacunange

    Ego iyo ngingo yo guhufa ivyo bisata bigufi bigufi ni nziza na ho ije iteba

Amasezerano y'abayagira kur'urubuga ngurukanabumenyi rwa IWACU

Ivyiyumviro n'ibivugirwa hano ntibitegerezwa kurenga amategeko y'umubano mwiza. Mu bibujijwe kwandikira hano, harimwo amajambo y'amacakubiri afatiye ku bwoko, ibitsina, ukwemera kujanye n'idini, gutyozanya canke gutukana, amajambo ahamagarira gucanamwo, canke aza atanga amakuru ajanye n'ubuzima bwihereranye bwa muntu. Ikibujijwe kandi ni ugukoresha amasanamu canke ivyandikwa vy'abandi udatomoye isoko yavyo.
Iwacu ntizotiriganya mu gufuta icanditswe cose coza kirenga kuri ano masezerano, canke ivyanditswe bisubiwemwo, bitanzwe bitajanye n'inkuru vyandikiweko, bihayagiza ibidandazwa canke bidashingiye ku kwubahana hagati y'abahurira hano. Icanyuma : intererano izogirwa mu ndome nkuru izofutwa vuba.

Kwongerako iciyumviro

Votre adresse de messagerie ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *