Haraye hubatswe ibiro bishasha vya sentare y’intango

Sentare y’intango yo mu Kayanza yaraye ishikirijwe inyubakwa nshasha n’umugambi Gutwara neza ufashwe mu mugongo n’ubumwe bwa buraya. – Vyanditswe na Urakeza Sedrike Soredade

Inyubakwa nshasha za sentare y’intango yo muri komine Kayanza ©Iwacu

Inyubakwa nshasha za sentare y’intango yo muri komine Kayanza ©Iwacu

Izo nyubakwa nshasha zigizwe n’inzu 7 harimwo iyo ku buraniramwo, ibiro vy’abacamanza, ivy’abagerefiye hamwe n’utuzu twa surwumwe. Kampimbare Yakoborina, umugerefiye ati: “ Ni umunezero udasanzwe kuri twebwe kuko ubu tugiye gukora tumerewe neza. Abacamanza ubu ntibazosubira kwicara mu cumba kimwe canke ku ntebe imwe batorohewe. N’abantu batwitura bagiye kworoherwa kandi bakirwe neza cane.”
Umukenyezi yari yaje kuraba ivyo birori ntahisha umunezero wiwe: “Ubwa mbere sentare y’intango yahora ikorera mu mazu ya komine Kayanza. Kugirango turonke ijambo twahora turindira gutonda umurongo tukanarambirwa.”
Mu gihe c’umutaga, ni ho umushikiranganji ajejwe ubutungane Barandagiye Pasikari, aherekejwe n’uwuserukira ishirahamwe ry’ubumwe bwa buraya mu Burundi Patrike Spirlet batabura igitambara co kwinjira izo nyubakwa. Icegera c’umukuru wa sentare y’intango yo mu Kayanza, Mbonyumugenzi Patirike, yaciye aboneraho akaryo ko kumenyesha abari aho mu mwaka w’2013 ko iyo sentare yaciye imanza 453 muri izo izishika 213 zikaba zarashikirijwe: “ Izo nyubakwa nshasha zizotuma dushobora gukorana ubwira mu guca imanza nyishi kurusha uko twahora kandi tuzice twisunze amategeko n’ubuhinga.”
Mw’ijambo ryiwe ry’ikaze, Ndayimanisha Kaneziyusi, buramatari w’intara ya Kayanza yarashimiye cane umugambi Gutwara neza ku ntererano yawo mu vy’ubuhinga hamwe no mu kuronsa uburyo bw’amafaranga. Yaciye agirako yibutsa abari aho ko sentare z’intago zishika 8 zimaze kwubakwa nuwo mugambi kandi ukazironsa n’uburyo bwo gushingura amadosiye yakera hakoreshejwe ivyuma vyabigenewe. Naho biri uko buramatari ntiyibagiye kuvuga yuko iyo ntara igifise ingorane ahanini ziturutse kugitigiri kinini cane c’abapfunzwe n’ubuzima babayemwo bukaba atari bwiza.

Ishirahamwe rya buraya riharanira ubutungane kuri bose

Uwari yaserukiye ishirahamwe rya buraya ati: “Kwugurura izi nyubakwa bijanye n’ukurangiza umugambi wari watanguye mu 2007.” Yaciye yibutsa ko uwo mugambi wubatse amasentare 55 mu ntara 7 ari zo (Kayanza, Cibitoke, Bujumbura, Gitega, Karusi, Ruyigi na Bururi) zimwe zarasubiwemwo izindi ziraronswa ibikoresho. Yaramenyesheje kandi ko iyo ntererano yatumye izo sentare z’intango zikora neza: “Haratanzwe inyigisho ku bacamanza hamwe no ku bakozi bose bo mu gisata c’ubutungane tutibagiye gukarihiriza ubwenge abakozi batandukanye bo mu bushikiranganji bw’ubutungane.” Yabandanije amenyesha yuko ishirahamwe rya buraya rizoguma rishigikiye uguteza imbere ubutungane mu Burundi.

Umushikiranganji w’ubutungane n’uwuserukira ishirahamwe ry’ibihugu vya Buraya bariko baratabura igitambara c’ukwinjira inyubakwa za sentare. ©Iwacu

Umushikiranganji w’ubutungane n’uwuserukira ishirahamwe ry’ibihugu vya Buraya bariko baratabura igitambara c’ukwinjira inyubakwa za sentare. ©Iwacu

Iryo shirahamwe rya buraya rirashimira ubushikiranganji bw’ubutungane kubona bwaratunganije inyigisho ku bacamanza bose: “Ni itambwe ikomeye mu kwigenga kw’ubutungane.”
Umushikiranganji w’ubutungane Barandagiye Pasikari, mw’ijambo ryiwe yarashimiye cane ishirahamwe rya buraya aho yamenyesheje yuko iyo ataba intererano yaryo ubushikiranganji butari gushobora gukora imigambi yose yabwo. Yaragarutse ku kigo co gukarihiriza ubwenge abakozi bo muri ubwo bushikirannganji citwa CFPJ, hamwe n’uruhara bagize mw’ishirwaho ry’imirwi y’abantu bitaho ibibazo vy’ubutungane ku mitumba ariko bakukira sentare z’intango.
Nishimwe Naporewo, umukuru wa sentare nkuru y’igihugu, yamenyesheje yuko ku bw’imfashanyo baronkejwe n’umugambi Gutwara neza hamwe n’ishirahamwe ry’ababirigi CTB, amasentare y’intango yashoboye guca imanza zishila ibihumbi 38.068 mu 2013. Mu ntara ya Kayanza yonyene izishika 200 zarashikirijwe.

Amasezerano y'abayagira kur'urubuga ngurukanabumenyi rwa IWACU

Ivyiyumviro n'ibivugirwa hano ntibitegerezwa kurenga amategeko y'umubano mwiza. Mu bibujijwe kwandikira hano, harimwo amajambo y'amacakubiri afatiye ku bwoko, ibitsina, ukwemera kujanye n'idini, gutyozanya canke gutukana, amajambo ahamagarira gucanamwo, canke aza atanga amakuru ajanye n'ubuzima bwihereranye bwa muntu. Ikibujijwe kandi ni ugukoresha amasanamu canke ivyandikwa vy'abandi udatomoye isoko yavyo.
Iwacu ntizotiriganya mu gufuta icanditswe cose coza kirenga kuri ano masezerano, canke ivyanditswe bisubiwemwo, bitanzwe bitajanye n'inkuru vyandikiweko, bihayagiza ibidandazwa canke bidashingiye ku kwubahana hagati y'abahurira hano. Icanyuma : intererano izogirwa mu ndome nkuru izofutwa vuba.

Kwongerako iciyumviro

Votre adresse de messagerie ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *