Hagiye kugurishwa vuba amareresi 50 ku muhora ngurukanabumenyi

Amareresi 50 y’abarundi agiye kugurishwa hakoreshejwe umuhora ngurukanabumenyi. Ngabo Rehonsi yemeza ko uwo mugambi ushigikiwe n’ishirahamwe «Udala Media » rikorera mu Bwongereza. – Vyanditswe na Ngendakumana Firipo

Ngabo

Ngabo Rehonsi: «Uwo mugambi uje ubwa mbere aha mu Burundi no muri Afirika.» ©Iwacu

«Udala Media» ni ishirahamwe mpuzamakungu ryo gutangaza amakuru. Ni ryo rigiye gukora ibishoboka vyose kugirango amareresi y’abarundi ashobore kugurishwa biciye ku muhora ngurukanabumenyi. Ivyo vyemezwa na Ngabo Rehonsi, aserukira iryo shirahamwe muri Afirika yo hagati n’iy’ubuseruko, akaba n’umwe mu basanzwe basohora amareresi mu Burundi. Ku bwiwe ivyo ntivyari bimenyerewe kuboneka ku mareresi y’abarundi: «Uwo mugambi uje ubwa mbere aha mu Burundi ndetse no muri Afirika.» Abandanya avuga yuko uwo mugambi uzaniye akarusho kanini abasanzwe basohora amareresi kuko amafaranga azogurishwa ireresi yose azoca aja ubwo nyene kw’ikonte ya mwene kuyisohora. Agira ati: «Uko ireresi izorabwa na benshi ni ko amafaranga azokwiyongera kw’ikonte ya mweneyo.»
Ngabo rero arafise umwizero w’uko amareresi y’abarundi azoshikira neza abayagura haba mu bihugu vya Buraya, muri Amerika y’uburaruko mbere no mu karere ka Aziya. Akabona rero yuko, usivye ko abarundi basohora amareresi bazohamenyekanira, n’amafaranga bazoyunguka cane, ufatiye ku butunzi abo bazoyagura basanzwe bafise.

Aho ivyo bikorwa biteye

Ngabo Rehonsi amenyesha yuko guhera mu kwezi kwa Munyonyo kw’umwaka urangiye, uwo mugambi wari wamaze gutangura, aho bariko baragerageza kwegeranya amareresi y’abanyafirika kugirango bayashire hamwe. Akavuga rero yuko ico gikorwa kizorangirana n’ukwezi kwa Ndamukiza muri uno mwaka. Aha rero yemeza ko bamaze kwegeranya no kurungika amareresi y’abarundi agera kuri 50 kandi yo mu migabane itandukanye (longs et courts métrages, documentaires, séries, films d’animation, etc.)
Ariko rero, Ngabo Rehonsi asaba bagenziwe basanzwe basohora amareresi gukingira uburenganzira bwabo, na cane cane bakagenda kwiyandikisha mu kigo cishinze gukingira uburenganzira bwa bene abo citwa Office Burundais du Droit d’Auteurs (OBDA). Ico kigo gituma ata badandaza amareresi yasohowe n’abandi kandi batabifitiye uburenganzira, mu gihe ahatari hake usanga hari abafise amazu agurishirizwamwo imiziki n’amareresi kandi akenshi ugasanga bene kubihinyanyura ntibafitaniye amasezerano n’abo bantu babigurisha. Ngabo, ari na we asanzwe yarasohoye ireresi yitwa «Gito, l’ingrat», arababazwa n’uko mu barundi basohora amareresi hari abari ku rushi, canke ata bariho, bafise mwene ubwo burenganzira bukingira ivyo baba babiriye akuya.

Uko amareresi yahora agurishwa

Ngo imbere y’uko ubwo buryo bushasha bwo kugurisha amareresi bushika hano mu gihugu, abasanzwe bayasohora ntibahora boroherwa mu bijanye no kuyagurisha. Ngo naho bahora bazimenyekanisha biciye ku buryo bw’imboneshakure, kugirango bazigurirwe ntivyoroha mbere ngo bazerekana ku buntu. Ati abantu bomenya yuko umuntu kugirango ategure ireresi gushika aho ayirangiza aba yakoresheje uburyo budasanzwe, haba ku bijanye n’umwanya, ibikoresho canke amafaranga.

Ico mwiyumvira
  1. gggg

    amareresi niki?

Amasezerano y'abayagira kur'urubuga ngurukanabumenyi rwa IWACU

Ivyiyumviro n'ibivugirwa hano ntibitegerezwa kurenga amategeko y'umubano mwiza. Mu bibujijwe kwandikira hano, harimwo amajambo y'amacakubiri afatiye ku bwoko, ibitsina, ukwemera kujanye n'idini, gutyozanya canke gutukana, amajambo ahamagarira gucanamwo, canke aza atanga amakuru ajanye n'ubuzima bwihereranye bwa muntu. Ikibujijwe kandi ni ugukoresha amasanamu canke ivyandikwa vy'abandi udatomoye isoko yavyo.
Iwacu ntizotiriganya mu gufuta icanditswe cose coza kirenga kuri ano masezerano, canke ivyanditswe bisubiwemwo, bitanzwe bitajanye n'inkuru vyandikiweko, bihayagiza ibidandazwa canke bidashingiye ku kwubahana hagati y'abahurira hano. Icanyuma : intererano izogirwa mu ndome nkuru izofutwa vuba.

Kwongerako iciyumviro

Votre adresse de messagerie ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *