Gusuzumisha ibidandazwa ni igikorwa c’abafasha abadandaza

Igikorwa c’abaunganira abadandaza mu gusuzumisha ibidandazwa kigenda nneza kandi kiratahurwa n’abadandaza na OBR. Ariko haracari utugorane twovanwa mu nzira.-Vyanditswe na Ngendakumana Firipo

 Ndikumana Petit-Jean: «Ibisata vy’amaduwane birahakanye ayo manyanga yategerezwa no guhanwa.»  ©Iwacu

Ndikumana Petit-Jean: «Ibisata vy’amaduwane birahakanye ayo manyanga yategerezwa no guhanwa.» ©Iwacu

«Dukora neza akazi kacu. Nta ngorane dufitaniye n’abakiriya bacu b’abadandaza». Bivugwa na Nikuze Nesitori, umukuru w’abafasha abaranguzi gusuzumisha ibidandazwa mu gisagara ca Gitega. Umudandaza twavuganye aravyemeza. Abandi babiri bafasha abadandaza gusuzumisha ibidandazwa bemeza ko ata ngorane bafitaniye na OBR kuko ngo bakora umwuga wabo n’ubuhinga bijanye.

Ariko ngo hari aho bishika ntibumvikane n’abakozi ba OBR ku nsiguro z’amategeko. Baridoga ko OBR itaborohereza akazi kabo. Rurimbuka Sebasiyano, arongoye igisata ca duwane kiraba akarere ko hagati no mu buseruko, aremera ko muri rusangi ibiro vya OBR vy’i Gitega bikorana neza n’amashami ya duwane. Ariko ngo hari aho abadandaza bamwe bamwe berekana ibidandazwa bike ku vyo baranguye, n’amafagitire y’ukuri baranguriyeko bakayanyegeza. Akemeza yuko hari aho usanga babifashwamwo n’ababafasha gusuzumisha ibidandazwa.

Hari amadidane kw’igabanuka ry’ibidandazwa bisuzumihwa i Gitega

Abafasha abadandaza gusuzumisha ibidandazwa i Gitega batanguye kwidogera igabanuka ry’igitigiri c’ivyo basuzumisha biri mu biro vya OBR i Gitega. Bituma biyumvira ko akazi kabo kagiye guhera. Bati ingingo nshasha ituma ibidandazwa biharurirwa bikiri ku mupaka yatumye abadandaza benshi b’i Gitega babisuzumisha bashitse i Kobero (Muyinga) canke i Gasenyi (Kirundo). Ngo bituma amakamyo atirirwa araca ku munzani ashikiza ibidandazwa kw’isoko. Ubu rero ngo baronka akazi iyo haje ibidandazwa bizananye i Mishiha mu Cankuzo. Ivyo vyo gusuzumwa ngo vyerekeye cane cane ibifungurwa be n’ibidandazwa bishotse mu Rwanda.

Ibidashimisha ishirahamwe ABADT

Ndikumana Petit-Jean, arongoye ishirahamwe ry’ibisata vy’amaduwane mu Burundi (ABADT), aranegura cane ivyo bagirizwa ko bafasha nya n’abarangura hamwe n’abafasha abadandaza gusuzumisha ivyo baranguye mu gukoresha impapuro zitari zo. Ati ibisata vy’amaduwane birahakanye ayo manyanga yategerezwa no guhanwa. Ariko OBR ntibikora.

Ku bijanye n’umwanya bamara mu gusohora ibidandazwa, aridogera imirongo miremire y’abasuzumisha hamwe n’uburyo OBR ishaka kugereranya n’igiciro co mw’isoko mu gushinga igiciro c’ikori ry’ibidandazwa. Ngo bituma akazi kikwega. Aragaruka no ku mafaranga arihishwa amakamyo arengeje imisi itatu ku kivuko ca Bujumbura yakuwe ku bihumbi munani akaja ku bihumbi 60 kuri buri kamyo ku musi. Ati ayo makamyo yoba arenza iyo misi kubera amakosa ya OBR. Ati: «Uwo mudandaza yokwunguka ari uko ibidandazwa vyiwe birengeje imisi itatu mu kivuko ni nde?» Ariko aremera yuko hari igihe ivyo biteba bivuye ku badandaza nk’iyo bagumanye inkaratasi zisabwa.

Ivyo batumvikanako n’abaranguzi

Ndikumana avuga ko hari aho bishika abakiriya babo bakigira mu bindi bisata vy’amaduwane nk’iyo aha mbere babahakaniye ko inkaratasi zitari iz’ukuri kandi bigaragara. Ariko muri rusangi ngo ntibakunda guhakana inkaratasi z’abakiriya. Amenyesha rero yuko naho igikorwa cabo gifasha abinjiza ibidandazwa birashika bakavyinjiza batabahanuje ufatiye nko ku gaciro amafaranga avunjwako canke inkaratasi zo kwijiza ibidandazwa.

OBR iratanga umuco

Nibigira Ferisite, arongoye ibikorwa vy’amaduwane muri komisariya iraba amaduwane hamwe na Gahiro Imelde akorera muri iyo komisariya, bavuga yuko igisata ca duwane ari umwuga w’ubuhinga usaba ubumenyi. Ariko rero ngo bigaragara yuko ivyo bisata bikoresha abatabifitiye ubumenyi. Ku vyo bagirizwa ko batevya amadosiye bavuga yuko iyo ibisabwa bikwiye bifata umusi umwe. Ku biciro barihisha bisunze ivyo kw’isoko ngo ni uburyo bwo kumenya agaciro k’ibidandazwa.

Amasezerano y'abayagira kur'urubuga ngurukanabumenyi rwa IWACU

Ivyiyumviro n'ibivugirwa hano ntibitegerezwa kurenga amategeko y'umubano mwiza. Mu bibujijwe kwandikira hano, harimwo amajambo y'amacakubiri afatiye ku bwoko, ibitsina, ukwemera kujanye n'idini, gutyozanya canke gutukana, amajambo ahamagarira gucanamwo, canke aza atanga amakuru ajanye n'ubuzima bwihereranye bwa muntu. Ikibujijwe kandi ni ugukoresha amasanamu canke ivyandikwa vy'abandi udatomoye isoko yavyo.
Iwacu ntizotiriganya mu gufuta icanditswe cose coza kirenga kuri ano masezerano, canke ivyanditswe bisubiwemwo, bitanzwe bitajanye n'inkuru vyandikiweko, bihayagiza ibidandazwa canke bidashingiye ku kwubahana hagati y'abahurira hano. Icanyuma : intererano izogirwa mu ndome nkuru izofutwa vuba.

Kwongerako iciyumviro

Votre adresse de messagerie ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *