Guhindura inyifato biciye mu mareresi

Ishirahamwe « Population Media Center » rigiye gutanguza mu Burundi ibikino bifasha abanyagihugu guhindura inyifato. Inyigisho ku banditsi zaratanguye. Abakurikira izo nyigisho barazishima – VYanditswe na Bayaga Manyusi

Ndayishimiye Yohani Bosiko: ”Tuzokwisunga imico n’akaranga” ©Iwacu

Ndayishimiye Yohani Bosiko: ”Tuzokwisunga imico n’akaranga” ©Iwacu

Ishirahamwe rituruka muri Reta zunze ubumwe za Amerika, «Population Media Center», rigiye gufasha abarundi guhindura inyifato ribicishije mu mareresi, kuva mu 2013 gushika 2016. Izo nyigisho zizibanda ahanini ku vyerekeye amagara y’abantu, haba mu bijanye no kudafungura bikwiye ku rwaruka, guteza imbere amagara y’abavyeyi, kwigisha ibijanye no gutandukanya imvyaro, indero idakumira no kwikingira ikiza sida n’izindi ndwara zandurwa ziciye mu bihimba vy’irondoka.
Ku bwa Ndayishimiye Yohani Bosiko aserukira iryo shirahamwe mu Burundi, amenyesha ko iryo shirahamwe rikorera mu bihugu 47 muri kino gihe. Hano mu Burundi ngo rikorana n’ubushikiranganji bw’amagara y’abantu no kurwanya ikiza ruhonyanganda sida, hamwe n’ubushikiranganji bwo gufatana mu nda. Ndayishimiye yemeza ko hari amashirahamwe mpuzamakungu abafashe mu mugongo, nka Unicef, Fnuap, Psi, Segal Family Fondation na Pam. Iryo shirahamwe ririko riratanga inyigisho ku banditsi b’amareresi, ari na bo bazotegura amareresi azocishwa ku maradiyo atandukanye. Abandanya amenyesha ko bazokwisunga imico n’akaranga vyamye biranga igihugu n’abakibamwo. Ikindi bazisunga ni ibiharuro vyerekana urugero rw’abantu baciye ku ntebe y’ishure n’abatahaciye .

Imigenzo mibi izohinduka myiza

Ku bwa Ndayishimiye ngo bategekanya kuzokorana n’amaradiyo ane asanzwe asamiranira mu Burundi, akaba ari iradiyo y’igihugu, Isanganiro, Bonesha na RPA. Bategekanya ko izo reresi zizohora zica kw’iradiyo incuro zibiri mu ndwi, zikazogaburwa mu mice 208 izokoreshwa mu kiringo c’imyaka itatu. Mu ntumbero yo kwongerereza amahirwe abazoba bagenewe gukwirikirana izo nyigisho ziciye mu bikino, bategekanya kuzohitamwo amasaha yorohereza abantu benshi. Ihangiro nyamukuru rero ngo ni uko imigenzo mibi iri mu bantu ihinduka ikaba myiza. Muri kino gihe rero ngo babanje gutanga inyigisho ku banditsi, mu nyuma na ho bazozitanga ku bakinyi. Na yo ivya nkenerwa kugira ngo wemererwe ni ijwi hamwe no kumenya gusoma. Ibijanye n’imyaka canke igitsina ntibabiraba. Bashima rero ko bokorana n’abantu batamenyerewe amajwi kuko vyotuma abantu bumviriza batabifata bwa bikino, ahubwo bakabibonamwo ukuri. Ku bijanye n’akarusho vyazanye aho bamaze kubikora, Ndayishimiye yemeza ko hahindutse ibintu bitari bike. Ngo bikabonekera mu mavuriro aho usanga ibiharuro vy’abivuza vyagiye birahinduka ku bw’inyigisho zaciye muri ubwo buryo zigatuma abantu bahindura inyifato.

Abakurikiye izo nyigisho barazishima

Abanditsi bariko barahabwa inyigisho ©Iwacu

Abanditsi bariko barahabwa inyigisho ©Iwacu

Ndayikunda Misherina, umwe mu bariko barakurikirana ivyigwa, avuga ko izo nyigisho ari ngirakamaro. Ati twigishwa ibijanye n’ugutorera umuti ibibazo bihanze abanyagihugu, nk’ivyerekeye kurondoka, ikumirwa ry’ibitsina mu mashure, n’ibindi. Ati ibijanye n’ukwandika sinahora ndabikora, ariko hari kinini nungutse kuko nabigiyemwo ndabikunda. Avuga ko mu buryo bazokoresha harimwo kwandika no gukoresha ibikino. Akavuga ko izo nyigisho zikenewe ariko kandi ko vyoba vyiza uwuzikurikiranye aronse aho azikoresha.
Nzigamasabo Tadeyo we, avuga ko yari asanzwe ari umwanditsi w’ivyese. Ati: « Mfatiye ku vyo twahora twandika, biratandukanye n’ubu buryo bw’umuhinga yitwa Sabido wo mu gihugu ca Megizike. Afise ubuhinga buryohera cane abanyagihugu gusumba ubwahahora.» Avuga ko ku vyahahora, uwandika yabanza kuvuga inyigisho agomba gutanga, ariko ubwo buryo si uko bumeze. Uwandika ntavuga inyigisho ahubwo uwumviriza ayumvira ku mukinyi. Umukinyi akoze bibi mu gikino uwumviriza yigira ku ngaruka mbi yumvisemwo. Ivyo bikino rero ngo hari ibiraba abantu batobato, abo hagati n’abahambaye kuko ngo ivyiyumviro bikinwa biva mu banyagihugu.

Amasezerano y'abayagira kur'urubuga ngurukanabumenyi rwa IWACU

Ivyiyumviro n'ibivugirwa hano ntibitegerezwa kurenga amategeko y'umubano mwiza. Mu bibujijwe kwandikira hano, harimwo amajambo y'amacakubiri afatiye ku bwoko, ibitsina, ukwemera kujanye n'idini, gutyozanya canke gutukana, amajambo ahamagarira gucanamwo, canke aza atanga amakuru ajanye n'ubuzima bwihereranye bwa muntu. Ikibujijwe kandi ni ugukoresha amasanamu canke ivyandikwa vy'abandi udatomoye isoko yavyo.
Iwacu ntizotiriganya mu gufuta icanditswe cose coza kirenga kuri ano masezerano, canke ivyanditswe bisubiwemwo, bitanzwe bitajanye n'inkuru vyandikiweko, bihayagiza ibidandazwa canke bidashingiye ku kwubahana hagati y'abahurira hano. Icanyuma : intererano izogirwa mu ndome nkuru izofutwa vuba.

Kwongerako iciyumviro

Votre adresse de messagerie ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *