Giteranyi: ibidandazwa birinjira mu kinyegero

Urugendo rwagizwe muri komine Giteranyi (Muyinga), rwatumye hamenyekana urugero urudandazwa rwo mu kinyegero rugezeko n’ukugene hokomezwa urudandazwa kw’isoko ya Mwibambo iri aho ivyo bihugu bihurira.-Vyanditswe na Ngendakumana Firipo

 Ikamyo ipakiye ibigori iri Mwibambo ©Iwacu

Ikamyo ipakiye ibigori iri Mwibambo ©Iwacu

Ku wa gatanu igenekerezo rya 12 Nyakanga 2014, twavuye mu Ruzo tuja ku mupaka ahitwa Mwibambo. Mu nzira twahwanye n’amapikipiki ashika 5 apakiye imizigo. Uwari atujanye ati abo ni abatwaye iforode y’isima n’isukari vy’i Tanzaniya. Avuga ko uretse ibinyobwa vya Brarudi, ibindi binyobwa bidandazwa mu maduka ari ivya magendu.

Urudandazwa rutarekuwe rw’igiti c’umuvyi

Mu gasagara ka Rumandari hazwi ko ari ikibanza gisohora amatoni y’umuvyi bidaciye mu mategeko. Bamwe mu barundi n’abatanzaniya baremeza yuko amakamyo ajabuka ijoro agatwara ico giti mu gasagara kari ku birometero birenga bine.
Ngo hari n’ibindi bishitsi vyaco vyoba bijanwa n’ubwato buciye mu kiyaga Rweru no mu ruzi Akagera, imbere yo gupakirwa amakamyo. Umwe mu ndongozi z’abarundi wo ku rwego rwo hejuru, yemeza ko hari ibishitsi vy’umuvyi birunze gushika uno musi ku karimbi inomero 48, kamwe mu burimbi bwo ku mupaka.

Igiporisi kiravuga ko harimwo abigenza nabi

Intwazangabo mu giporisi zo mu makomisariya y’uburaruko n’ubuseruko, baravuga yuko hari abaporisi bataye umurongo bafise uruhara mw’iforode. Ariko bakemeza yuko igiporisi hari amatoni kimaze gufata. Ndayizeye Godansi, umukomiseri ajejwe amatohoza mu kigo Obr, ntahakana yuko hoba hari abakozi b’ico kigo babifisemwo uruhara. Ariko arahakana inkuru zitangwa na buramatari wo mu Kirundo zivuga ko abakozi ba Obr boba barashize amagufuri ku makamyo asohokanye ibishitsi vy’umuvyi. Ati tugiye gucungera bikomeye ububiko bw’ibikoresho vyo kwugara amakamyo.

Umwe mu ndongozi z’abarundi avuga ko bishoboka ko ivyo bishitsi bisubizwa mu gihe Uburundi bwobisaba indongozi za Tanzaniya. Ariko ngo bobanza kwerekana ko biva i Burundi koko, na vyo bikaba bigoye mu gihe ababijabukana kuri magendu badashobora kwiyerekana.

————————————————————————————————————
Mwibambo: isoko “mpuzamakungu” ku mupaka w’Uburundi na Tanzaniya

 Ikibanza kirimwo isoko ya Mwabambo (mu bubamfu hari utuzu tw’abarundi, mu buryo utw’abatanzaniya)  ©Iwacu

Ikibanza kirimwo isoko ya Mwabambo (mu bubamfu hari utuzu tw’abarundi, mu buryo utw’abatanzaniya) ©Iwacu

Winjiye muri ako gasoko uva mu Giteranyi, nta cerekana ko warenganye umupaka w’Uburundi. Kubatswemwo utuzu tw’imbaho dutonze ku mirongo ine. Utwo ku ruhande rumwe twegukira abarundi, ku rundi ruhande abatanzaniya. Amareta y’ivyo bihugu yarashinze uburimbi ku mupaka arasiga hagati ikibanza c’imetero 25.

Birashoboka ko iyo soko igirwa iya kijambere

Macumi Hirari, umukuru w’umutumba Gasenyi, ati abanyagihugu bipfuza yuko hubakwa isoko ya kijambere muri ico kibanza co ku mupaka.Abategetsi bati ivyo vyosaba uburyo bwinshi komine itokwishoboza kandi hari ibindi vyihutirwa. Muri Tanzaniya ho, bakomeza bubaka amasoko yo ku mipaka ku buryo bwa kijambere. N’abarundi babishaka bazohabwa ibibanza vyo kudandarizamwo. Mu kurwanya ubusuma bwo ku mabarabara, hagiye kwubakwa ibanki kuri iyo soko. Ishirahamwe Forsc rikabona ko abarundi bazohagirira akarusho kuko batazosabwa impapuro mu kujabuka.

Hari n’umugambi ushigikiwe na TradMark East Africa wo gukomeza guhana ibidandazwa hagati y’Uburundi na Tanzaniya. Bazokarihiriza ubwenge abanyagihugu mu vyerekeye ikoreshwa ry’umupaka rusangi. Vyerekeye cane cane intara za Muyinga, Cankuzo, Ruyigi na Makamba ku ruhande rw’Uburundi. Ku ruhande rwa Tanzaniya na ho, ni uturere twa Kigoma, Kibondo na Ngala dusanzwe duhana urubibe n’izo ntara zo mu Burundi. Hari icizere c’uko ishhirwa mu ngiro ry’uwo mugambi ryotuma hubakwa amasoko mu turere dusangiwe n’ivyo bihugu canke amabarabara.

Amasezerano y'abayagira kur'urubuga ngurukanabumenyi rwa IWACU

Ivyiyumviro n'ibivugirwa hano ntibitegerezwa kurenga amategeko y'umubano mwiza. Mu bibujijwe kwandikira hano, harimwo amajambo y'amacakubiri afatiye ku bwoko, ibitsina, ukwemera kujanye n'idini, gutyozanya canke gutukana, amajambo ahamagarira gucanamwo, canke aza atanga amakuru ajanye n'ubuzima bwihereranye bwa muntu. Ikibujijwe kandi ni ugukoresha amasanamu canke ivyandikwa vy'abandi udatomoye isoko yavyo.
Iwacu ntizotiriganya mu gufuta icanditswe cose coza kirenga kuri ano masezerano, canke ivyanditswe bisubiwemwo, bitanzwe bitajanye n'inkuru vyandikiweko, bihayagiza ibidandazwa canke bidashingiye ku kwubahana hagati y'abahurira hano. Icanyuma : intererano izogirwa mu ndome nkuru izofutwa vuba.

Kwongerako iciyumviro

Votre adresse de messagerie ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *