Gitega: ubwoba burabatekeye

Mu gihe Isoko ya Gitega imaze imisi mike yuguruwe, irabangamiwe n’umuriro woshobora kwaduka. Inzira za vya biduga bizimya hamwe ziraga ahandi ntazihari. – Vyanditswe na Manirakiza Yohani Noheri

Imwe mu miduga yagenewe kuzimwa umuriro  iriko ikora imyimenyerezo kw’isoko nshasha ©Iwacu

Imwe mu miduga yagenewe kuzimwa umuriro iriko ikora imyimenyerezo kw’isoko nshasha ©Iwacu

Ku bw’abahinga mu vyerekeye kurwanya umuriro, Isoko nshasha ya Gitega ntiyubatswe hubahirijwe ibijanye n’umutekano wayo. Inyubakwa ntizifise uburyo bwo gutabariza umuriro. Ivyumba vyo kudandarizamwo ni vyo bitwararitse cane gusumba inzira z’aboja kuzimya. Ingazi ziduga mu vyumba zizibiwe n’ibikoresho vy’abashinzwe kuzimya umuriro. Abanyagihugu bavuga yuko ivyo vyose bitameze neza vyabwirizwa kubanza gukosorwa imbere yuko abadandaza batangura gushira ibidandazwa vyabo muri iyo soko. Igiporisi kijejwe gukingira abanyagihugu mu ntara ya Gitega kirabizi. “Twaramaze kwereka abajejwe intwaro ingorane zihari kuva isoko igitangura kwubakwa, kugira tubamenyeshe yuko hatagize igihinduka, umutekano atawowizera. Badakosoye ayo makosa, si twebwe dutegerezwa gutanga ayo mategeko”, bivugwa n’intwazangabo mu giporisi OPP1 Bizozabishatse Yohani Pasifike, icegera ca komiseri. Ibibangamye ni vyinshi mu gihe hokwaduka umuriro. Amabarabara ya vya bikamyo vya kizimyamwoto araga cane. Hakwiye yuko hobomorwa utuzu tw’ubudandarizo tumwe tumwe hamwe n’ingazi kugirango ayo mabarabara yagurwe.

“vyose vyarategekanijwe , bokwizera”

OPP1 Jean Pacifique Bizozabishaka

OPP1 Bizozabishatse Yohani Pasifike ©Iwacu

Ku vyerekeye abadandaza bariko baritegura gushirayo ibidandazwa vyabo, ubwoba ni umurengera. Bibuka igihe umuriro waduka mw’isoko mu kwezi kwa Gitugutu mu 2001 aho vyose vyatokombeye. ”Ntituzi yuko abategetsi hari icigwa bahakuye. Ni twahinjira ejo umuriro ukaduka ni nde azobibazwa?”, ni B.N. yibaza.
Musitanteri wa komine ya Gitega, ahiwe avuga yuko vyose babibona. Nahimana Varantino aratekanya impande zose: ”Ingingo zose zarafashwe kugirango ntihagire ikintu kibi gishika.” Ariko rero aranamenyesha yuko mu ntango izo ngazi ziteye amahane zitari zitegekanijwe. Ngo vyavuye ku badandaza basavye yuko ivyumba vyofatanywa kugirango abakiriya bashike hose. “Ni vyaba biteye ingorane turashobora kuzikuraho mugabo ivyo ntibisaba yuko hazorinda kuza abasnzwe batanga amafaranga badufashije mu kwubaka izo nyubakwa”, ni ko abisigura. Musitanteri amenyesha yuko amabombo n’ibikoresho vyo kuzimya umuriro vyakwiragijwe hose kugirango bakingire iyo soko.

Ico mwiyumvira
  1. niyomugabo stanislas

    Imana ishimwe byari bibabaje ku babyeyi bahakuraga umugati w’ urwaruka jewe ku ruhare rwanjye biranshimishije cyane gusa ikibazo cyabafice ubwoba ntabwo bagombye kuvyiyumvira kuko ibuye riserutse ntabwo riba rikishe isuka bashitse umutima hamwe Imana izabarinda kandi na l’Ă©tat izashiraho akayo ntabwo hazongera kubaho erreurs

Amasezerano y'abayagira kur'urubuga ngurukanabumenyi rwa IWACU

Ivyiyumviro n'ibivugirwa hano ntibitegerezwa kurenga amategeko y'umubano mwiza. Mu bibujijwe kwandikira hano, harimwo amajambo y'amacakubiri afatiye ku bwoko, ibitsina, ukwemera kujanye n'idini, gutyozanya canke gutukana, amajambo ahamagarira gucanamwo, canke aza atanga amakuru ajanye n'ubuzima bwihereranye bwa muntu. Ikibujijwe kandi ni ugukoresha amasanamu canke ivyandikwa vy'abandi udatomoye isoko yavyo.
Iwacu ntizotiriganya mu gufuta icanditswe cose coza kirenga kuri ano masezerano, canke ivyanditswe bisubiwemwo, bitanzwe bitajanye n'inkuru vyandikiweko, bihayagiza ibidandazwa canke bidashingiye ku kwubahana hagati y'abahurira hano. Icanyuma : intererano izogirwa mu ndome nkuru izofutwa vuba.

Kwongerako iciyumviro

Votre adresse de messagerie ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *