Gitega: ubuzima bubangamiwe !

Akana Igirubuntu Karedi kaba muri Karatiye ya Yoba mu gace Wankana karahohoterwa biteye isoni. Basaba ko korerwa mu bigo vy’ impfuvyi.-Vyanditswe na Ndayisenga Farasisiko

Igirubuntu Karedi kicaye ku musaya w’ inzu aho kabaye ©O.N/Iwacu

Igirubuntu Karedi kicaye ku musaya w’ inzu aho kabaye ©O.N/Iwacu

« Uyo mwana vy’ ukuri twebwe turiko turabiraba birateye imbabazi.Uyo mwana avyukira gukubitwa akaryamira gukubitwa.Twitegereje turabona ko ubuzima bw’ umwana bugiye kuzimangana . Ehe kwashi ng’ iyo yanamufashe. »
Uyo muvyeyi yigana ubuzima bw’akana Igirubuntu Karedi. Ako kana k’ imyaka ibiri ni interakigongwe. Amatama arahishiye, aranavyimvye. Umubiri nka wose ubona udukomere na cane cane ku rwicariro, wogira ngo karara mu biguha. Ako kana ntikagize amahirwe y’ ukuvukira mu muryango w’ abavyeyi babiri. Umugabo bakavyaranye na nyina uyu munsi abarizwa mu ntara ya Makamba kandi gakwije imyaka ibiri katazwi mu bitabo vya komine.

Nyina Arakaza Shadiya abivuga ati : « Se yaramuntanye.Yahora akora muri Otraco. Jewe naguma ndamubwira nti nyandikishiriza umwana akambwira ko ata karangamuntu afise. Baramwinginze n’ abo bakorana aranka ararahira. »
Umuvyeyi nyina wako, atarenza imyaka 21, mu bunyakamwe bwiwe avuga ko yahavuye yaka indaro. Ubu ahawe indaro n’ umukenyezi w’ aho nyene ku Wankana. N’ uyo nyene kumuha indaro, uburyo bwiwe si ikirenga . Kanatsinda anahaye indaro abandi bigeme batanu, bane muri abo bakaba bavyariye i muhira. Ni yo mpamvu nyina wa Igirubuntu yashimye kwiyungunganya. Ubu akora mu bunywero bubayabaye bukora guhera ku mugoroba.

Nk’ uko we nyene avyivugira, ngo ku mvo z’ ubuzima kenshi n’ inyuma y’ akazi ntashoka ataha, araheza agataha mu gatondo. Umwanya wose uyo muvyeyi ataba ari i muhira, ako kana gasigarana n’ uwuba ashoboye kuboneka aho basanzwe babaye. Nk’ uko ababanyi batari bake bavyemeza, ni muri uwo mwanya akana Igirubuntu Karedi kabona amabi.
« Uyo mwana akubitwa ijoro n’ umutaga ngo yisohotseko, ngo aranuka, ngo ibiseru vyiwe biranuka. Mu kumugaburira ahabwa akantu k’ ukugira ntapfe ntanakire. Abantu boba boba bazi ko umwana agoye, ni batabaranye bagarukire kuri uyo mwana. »
Uwutungwa agatoke muri ukwo gufata nabi uwo mwana avuga ko ari ibisanzwe ko umwana ahanwa mu gihe aba yakosheje.

Ninganza Davidi avugira ishirahamwe SOJPAE riharanira agateka k’ abana, avuga ko ata mvo n’ imwe yotuma umwana ahohoterwa. Aragabisha abo bose bobikora ko ishirahamwe ryiwe SOJPAE rishobora kubashengeza mu butungane. Aranakebura abavyeyi bakubita abana babo ngo ni uko bononye aho baryama ko ata co bikiza atari ico vyica. Avuga ko iyo umwana bimugoye guheba, akwiye kujanwa ku baganga bize ivy’ inyifato.

Ivyo mwiyumvira
  1. eric

    None amaherezo y’uyo mwana SOJPAE yayavuzeko iki?

  2. Kirahinda

    None mugufasha uyo mwana, Karedi…umuntu yocishaye imfashanyo?

    Murakoze!

    • ikirundi

      Reka nzobwira uwobigufasha muvugane. Nzokwandikira kuri iyo e.mail nyene

Amasezerano y'abayagira kur'urubuga ngurukanabumenyi rwa IWACU

Ivyiyumviro n'ibivugirwa hano ntibitegerezwa kurenga amategeko y'umubano mwiza. Mu bibujijwe kwandikira hano, harimwo amajambo y'amacakubiri afatiye ku bwoko, ibitsina, ukwemera kujanye n'idini, gutyozanya canke gutukana, amajambo ahamagarira gucanamwo, canke aza atanga amakuru ajanye n'ubuzima bwihereranye bwa muntu. Ikibujijwe kandi ni ugukoresha amasanamu canke ivyandikwa vy'abandi udatomoye isoko yavyo.
Iwacu ntizotiriganya mu gufuta icanditswe cose coza kirenga kuri ano masezerano, canke ivyanditswe bisubiwemwo, bitanzwe bitajanye n'inkuru vyandikiweko, bihayagiza ibidandazwa canke bidashingiye ku kwubahana hagati y'abahurira hano. Icanyuma : intererano izogirwa mu ndome nkuru izofutwa vuba.

Kwongerako iciyumviro

Votre adresse de messagerie ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *