Gitega: Ntibakivyumva kumwe

Abunguruza abantu ku mabikipiki mu gisagara ca Gitega ntibacumvikana kw’igenzurwa ry’amapikipiki yabo. Bamwe basaba ko abaporisi ari bo bonyene bokora ico gikorwa.-Vyanditswe na Ndayisenga Farasisiko

Amapikipiki yunguruza abantu mu gisagara ca Gitega  ©Iwacu

Amapikipiki yunguruza abantu mu gisagara ca Gitega ©Iwacu

« Uku kuntu bareka abamotari ngo ni dufatane mu bisanzwe ni ukuduteranya.Aka kazi ni bakarekere igiporisi kuko ni bo babishoboye ». N’ishavu ryinshi, bivugwa n’umwe mu bunguruza abantu ku mapikipiki mu gisagara ca Gitega aho twamusanze muri karatiye Yoba. Hari hahejeje kubera imishamirano hagati ya bagenziwe basangiye umwuga wo kunyonga amapikipiki. Akidoga avuga ko imishamirano nk’iyo yama yabaye kandi inyanduruko ari imwe rudende. Ngo ni itunganywa ribi ry’igenzurwa ry’amapipiki aho risigaye rigirwa n’abagendesha amapikipiki ubwabo. Bagenziwe baramwunganira bakavuga ko kwubahana hagati yabo bidakunda, ko kandi hari na bamwe bikika mu kiza mu kurya ibiturire nk’uko twavyiganiwe n’umwe muri bo : »Hariho benshi bahevye n’ubuzi, amapikipiki basubije, basigaye bakamisha abamotari bagenzi babo. »Ivyo rero bituma haza haraba kwihorahorana ugasanga hama akajagari nk’uko uyo mudereva w’ipikipiki yabandanije abitwiganira.
Aha agafatira ku vyari bihejeje kuba aho umudereva yafashwe na bagenziwe kuko atari yambaye ca gikofero bita « kasike », bigahava bivamwo ukurwana aho umwe yanahakomerekeye cane. Agira ati: »Abantu bose bamufashe ni abantu yagiye aca amafaranga mbere nta n’abo yari acibuka. »

« Babivuga ku gatwe kabo »

Ukurerekana kw’abadereva b’amapikipiki si ingingo y’icaduka kuko yifatiwe n’abo batwara amapikipiki mu nama yari yabahuje n’abajejwe intwaro hamwe n’abajejwe igiporisi. Ivyo tukaba twavyiganiwe na Nzitunga Jado aserukira mu ntara ya Gitega ishirahamwe ry’abadereva b’amapikipiki AMOTABU. Aho yari yishikiye ahari hahejeje kubera iyo mishamirano. Ariyamiriza abo bavuga ko hari ingorane, akemeza ko ari abavuga ku gatwe kabo. Agira ati: »Abo bavuga ku gatwe kabo ntibavugira abadereva, kuko kugira ivyo bibeho habaye inama y’abadereva b’amapikipiki bose abajejwe intwaro eka n’abajejwe igiporisi. Ni ingingo bipfundikiye ,ntibabafashe ku gahato. »

Nk’uko tuvyiganirwa na Nzitunga Jado,umutware wa AMOTABU mu ntara ya Gitega,nta mudereva yihariza igikorwa co kugenzura bagenziwe, baja barakuranwa. Agira ati: »Mu nama bumvikanye ko bose baza bagakora ,bakaza barahana imbu, hanyuma ibintu bikagenda neza. »
Mwomenya ko iyo ngingo idahurizwako yari yafatiwe mu nama yo kuwa 7 Myandagaro .

Amasezerano y'abayagira kur'urubuga ngurukanabumenyi rwa IWACU

Ivyiyumviro n'ibivugirwa hano ntibitegerezwa kurenga amategeko y'umubano mwiza. Mu bibujijwe kwandikira hano, harimwo amajambo y'amacakubiri afatiye ku bwoko, ibitsina, ukwemera kujanye n'idini, gutyozanya canke gutukana, amajambo ahamagarira gucanamwo, canke aza atanga amakuru ajanye n'ubuzima bwihereranye bwa muntu. Ikibujijwe kandi ni ugukoresha amasanamu canke ivyandikwa vy'abandi udatomoye isoko yavyo.
Iwacu ntizotiriganya mu gufuta icanditswe cose coza kirenga kuri ano masezerano, canke ivyanditswe bisubiwemwo, bitanzwe bitajanye n'inkuru vyandikiweko, bihayagiza ibidandazwa canke bidashingiye ku kwubahana hagati y'abahurira hano. Icanyuma : intererano izogirwa mu ndome nkuru izofutwa vuba.

Kwongerako iciyumviro

Votre adresse de messagerie ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *