Gitega: Ntibacana uwaka

Igisata kijejwe gutunganya ibisagara i Gitega catanze indwi zibiri ku bafise utuzu tw’ukundanzarizamwo dukozwe mu mbaho canke mu vyuma turi ku mabarabara ko boba badukuyeho. Bagirizwa kugwiza umwanda ariko barabihakana. – Vyanditswe na Manirakiza Yohani Noheri

 Utuzu dukozwe mu mbaho turi ku mpande z’isoko y’i Gitega ©Iwacu

Utuzu dukozwe mu mbaho turi ku mpande z’isoko y’i Gitega ©Iwacu

Ntamatungiro Ruka, umwe mu bafise utwo tuzu two kudandarizamwo ati: «Bashaka yuko tuja hehe? Ntaho tugira twungururiza» .Uwo mucuruza abandanya avuga yuko be n’abagenzi biwe bubatse utwo tuzu ku nkengera z’amabarabara igihe isoko nkuru bahora bakoreramwo yariko irasanurwa. Uyu musi bamwe muri bo umutahe wabo warahomvye kandi ntibashobora kuja gusaba gukorera mu nzu nini batazoshobora kuyiriha. Ku bwabo kubabuza gukorera muri utwo tuzu biyubakiye ni ugutuma imiryango yabo itangura gusegerereza canke ikaja kwiba.
Bamwe baribaza bati: « Mbega iyo ataba hari utu tuzu twiyubakiye ubu tuba tugeze hehe ko tubona ibibanza bizimbutse bidahuta biraboneka ? » Abarabwa n’iyo ngingo bose baremeza yuko ije kubashikana mu kinogo mu gihe n’urudandaza rwabo rwari rusanzwe rucumbagira. Bagiriza abarongoye komine ya Gitega, aho bavuga yuko bariko babakura muri ivyo bibanza mu ntumbero yo kubiha abandi bishakiye.
Amakenga ni menshi kuri izo ngingo, naho hari abibaza yuko ari abategetsi bashaka kurwanya abandandaza bato bato, abandi na bo bibaza yuko ari aba dandaza bakuru bakuru boba bari inyuma y’izo ngingo kuko bikeka yuko bobatwara abaguzi mu gihe isoko nshasha ya Gitega buca isubira gukora. Kahise Rehonari: « Abadandaza hamwe n’abakozi ba reta bariko baragabangana ibibanza mw’isoko. Mu nyuma baca bashaka yuko tubibapangira barinze kudusaba amafaranga y’umurengera. Ubu rero biyumvira yuko tugumye dukorera muri tuno tuzu batoshobora kuronka abaguzi.»

Uwo mugambi ntibawunywa no mu mazi

Bene utuzu tugomba gusamburwa bariyamiriza iyo ngingo naho icitwazo c’ubutegetsi ari uko batera umwanda mu gisagara. Ku bwabo, iyo ngingo yari ikwiye guhera gusambura utuzu twinshi tuhari twegukira ibihangange bitandukanye. Aho batunga urutoke uwutwara igisata kijejwe gutunganya ibisagara c‘i Gitega ko akotesheje utuzu twinshi tw’ivyuma n’imbaho hafi y’igituro c’imodika zunguruza abantu zija i Bujumbura, hamwe no mu bindi bibanza vyinshi. Ahandi ngo ni ahari ibibanza bashiramwo inzoga canke utuzu two kudandarizamwo dutandukanye, ariko bene two ari abakuru mu giporisi, mu butungane hamwe no mu twaro.
Umudandaza yitwa Tanazi ati: “Hamwe iyo ngingo yoba itumbereye kugarukana isuku hano mu gisagara ca Gitega, ni babanze basambure utuzu tw’imbaho n’ivyuma twabo dukwiragiye ahantu hose hakunda gukoranira abantu.”
Abo badandaza bararahira bakarengwa yuko bazokora uko bashoboye kwose gushika aho utuzu tw’abategetsi na two dusamburwa ata na kamwe gasigaye: “Ntituzopfa tugiye kubapangira nkuko bavyipfuza.”
Irambona Eme, aserukira igisata gitunganya ibisagara mu ntara zo hagati hamwe no mu buseruko, ntarya umunwa: «Twabahaye indwi zibiri kugirango bubahirize iyo ngingo. Barengeje ico kiringo tuzofata ingingo zibereye twamaze kubamenyesha.»

Amasezerano y'abayagira kur'urubuga ngurukanabumenyi rwa IWACU

Ivyiyumviro n'ibivugirwa hano ntibitegerezwa kurenga amategeko y'umubano mwiza. Mu bibujijwe kwandikira hano, harimwo amajambo y'amacakubiri afatiye ku bwoko, ibitsina, ukwemera kujanye n'idini, gutyozanya canke gutukana, amajambo ahamagarira gucanamwo, canke aza atanga amakuru ajanye n'ubuzima bwihereranye bwa muntu. Ikibujijwe kandi ni ugukoresha amasanamu canke ivyandikwa vy'abandi udatomoye isoko yavyo.
Iwacu ntizotiriganya mu gufuta icanditswe cose coza kirenga kuri ano masezerano, canke ivyanditswe bisubiwemwo, bitanzwe bitajanye n'inkuru vyandikiweko, bihayagiza ibidandazwa canke bidashingiye ku kwubahana hagati y'abahurira hano. Icanyuma : intererano izogirwa mu ndome nkuru izofutwa vuba.

Kwongerako iciyumviro

Votre adresse de messagerie ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *