Gitega/ Ikiraro co ku Mutwenzi kirabakenesheje

Abanyagihugu bo ku mitumba ya Higiro na Mugutu baridoga kubw’ubusaza bw’ikiraro. Bakidogera abanyepolitike babasezeraniye ntibashitse.Vyanditswe na Ndayisenga Farasisiko

Ikiraro co ku Mutwenzi ©Iwacu

Ikiraro co ku Mutwenzi ©Iwacu

Ico kiraro kivugwa gihuza imitumba ya Mugutu na Rutegama.Uhashitse usanga koko ikiraro kigeze habi kuko babiri bagenda n’amaguru batohahurira.Ivyo biri uko mu gihe abanyagihugu bemeza ko kigikomeye n’imiduga yahora ihaca.
Abanyagihugu bakunda gukoresha ico kiraro,baba abo ku mutumba wa Higiro canke Mugutu,bose bemeza ko ico kiraro cari kirumara, ko rero ingaruka mbi ari nyinshi .Bavuga ko ugushikana ababo ku mavuriro yo mu gisagara ca Gitega bisigaye bibagora cane. Eka mbere biranashika bagahuhura umurwayi mu gihe uyo atwawe ku nderuzo, nk’uko twavyiganiwe n’umukuru w’agacimbiri Bisha, ku mutumba Mugutu.Agira ati: »Abariko barajana umuntu ku nderuzo bategerezwa kumuvana ku nderuzo naho yoba agira acikane,umwe agafata amaguru uwundi agafata mu gikiriza bakamujana umwe agendesha umugongo ,ugasanga umurwayi bahavuye bamusonga ».

N’abadandaza ntiboroherwa mu kuzana ibidandazwa vyabo nk’uko twavyiganiwe n’umudandaza wo ku gacimbiri Gikobe: »N’ab’amakinga barinda gupfundurura bakaza barajabukana duke duke. »Arababazwa cane n’ukubona bitagikunda kwikora ku miduga mu kuzana ibidandazwa vyabo.Ukubitwara ku makinga biraheza bikabahombesha kabiri nkuko yabandanije abitwiganira. Agira ati: »Ku makinga baratuzimba cane, natwe tugaca tuduza ibiciro, abaguzi na bo bagaca batinya kubigura …Hari n’igihe imvura ibanyagira batwaye ubufu,ubwo bukaba bupfuye. »Eka mbere n’abatwara amapikipiki hamwe n’abayiyunguruzako barahahombera kuko ico kiraro atawukikirengana aja canke ava mu gisagara ca Gitega.Abagerageje kugicako si bose barengana amarembe kuko hari n’abamaze kuhasiga ubuzima nkuko umukuru w’agacimbiri Bisha abivuga: »Abatwara amapikipiki bamaze kuhagwa ni benshi eka mbere n’ab’amakinga . »

Imvugo ntiyajanye n’ingiro

« Uwutosora ifuku yamiza akatsi mu jisho…Abanyepolitike iyo baje ino kudusaba amajwi, batubwira ngo ejo tuzoca tugikora,tukarindira amaso agahera mu nzira… »N’akababaro kenshi, ayo ni yo majambo aherwako n’umudandaza wo ku gacimbiri Gikobe. Arongera ati : »Twebwe ino ni nk’akazinga kibagiwe kibukwa iyo amatora ageze. » Abanyagihugu b’i Mugutu na Higiro bavuga kandi ko atari uburyo bubuze kuko abandi bakorerwa ivyo bemerewe nkuko uyu munyagihugu abivuga: »Uburyo burahari, bose bama babibakoreye. »

Abo banyagihugu b’i Mugutu na Higiro bakeka ko ukutagira abategetsi ku nzego zo hejuru bavuka kuri iyo mitumba coba ari kimwe mu bituma ico kiraro giteba kwubakwa.Uyu munyagihugu wo mu Gikobe agira ati: »Sinzi ko ari ukubera ata bategetsi bava ino,sinzi ico baduhora ino. »Ayo makenga y’uwo munyagihugu agafatira ku kubona abagiraneza bahora babemerera kugisanura yamara bakarindira bagahebura.Akibaza ko baba bakeberejwe mu bundi burere bufise ababuvugira.

Komine ngo nta vyo izi

Umuhanuzi ajejwe imibano muri komine ya Gitega ntashima kugira ico avuze imbere y’uko abona icegeranyo canke yiboneye ubwiwe ico kiraro.Yamara arababazwa cane n’abatware bitura ibimenyeshamakuru imbere yo gutanga icegeranyo ku babakurira. Mu gihe umuhanuzi wa Musitanteri yemeza ko komine itaramenyeshwa ivy’ico kiraro,twobamenyeshesha ko bamwe mu batware bo ku mutumba Mugutu bemeza ko ico kibazo kidasiba kuvugwa mu manama atunganywa na komine.

Amasezerano y'abayagira kur'urubuga ngurukanabumenyi rwa IWACU

Ivyiyumviro n'ibivugirwa hano ntibitegerezwa kurenga amategeko y'umubano mwiza. Mu bibujijwe kwandikira hano, harimwo amajambo y'amacakubiri afatiye ku bwoko, ibitsina, ukwemera kujanye n'idini, gutyozanya canke gutukana, amajambo ahamagarira gucanamwo, canke aza atanga amakuru ajanye n'ubuzima bwihereranye bwa muntu. Ikibujijwe kandi ni ugukoresha amasanamu canke ivyandikwa vy'abandi udatomoye isoko yavyo.
Iwacu ntizotiriganya mu gufuta icanditswe cose coza kirenga kuri ano masezerano, canke ivyanditswe bisubiwemwo, bitanzwe bitajanye n'inkuru vyandikiweko, bihayagiza ibidandazwa canke bidashingiye ku kwubahana hagati y'abahurira hano. Icanyuma : intererano izogirwa mu ndome nkuru izofutwa vuba.

Kwongerako iciyumviro

Votre adresse de messagerie ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *