Gitega: igitoro ca esanse cabaye umuzi w’ibuye

Ubukene bw’igitoro bwasubiye kw’ibonekeza mu gisagara ca Gitega. Abunguruza abantu riraniga. Bidogera abakidandaza na Reta.Vyanditswe na Kwizera Emeri

  Ikibanza kimwe mu ho banyweshereza igitoro ©/Iwacu

Ikibanza kimwe mu ho banyweshereza igitoro ©/Iwacu

Kuri uyu wa kabiri amasitasiyo menshi ntiyarangwa kw’ibitoro. Kuri sitasiyo Frabil iri kw’ibarabara rya Muyinga, abakozi baho bamenyesha ko baheruka gutanga igitoro ku wa kane w’indwi iheze. Eka no kuri sitasiyo Engen iri mu gisagara hagati na ho nyene nta n’ima rimwe bari bafise. Naho bamenyesha ko baherutse ico batanze ku wa gatanu.

Kuri sitasiyo Murisanze benshi bita kwa Firipo, nk’igihe c’isaha zitanu zirenga gato, nta n’uwatanze inkuru kuko ata n’inyoni yaharangwa. Abadandaza igitoro mu gisagara ca Gitega bamenyesha ko batazi igihe igitoro kizobonekerako. N’igituma kibura bavuga ko ataco bazi.

Harakora ica magendo

Abunguruza abantu mu gisagara i Gitega nyene, bemeza ko hariho amasitasiyo make usanga ariko aratanga igitoro. Kuri ayo utagira urupapuro warihiyeko ntiwashobora kunywesha. Amakuru y’ukwizera amenyeha ko abagihabwa baba bakibikishije. Hari n’abemeza ko ico bakoresha ari ica Magendo. Abatakironse ntaco bakora. Bamwe bikeka ko ba nyene igitoro bafitaniye amatati na Reta. Abakora umwuga w’ukwunguruza abantu baridogera ba nyene ibitoro batababwira igituma bikena.

Abandi na bo bata inkubire kuri Reta.” Twumva ahanini ngo biva ku nzego zidutwara. Reta sinzi ko yoba ica amakori menshi abadandaza bagaca bakora bahomba. Ubu ho ngo ntibaja n’ukurangura kubera iyi Reta batemera. Ntawuzi ko hamwe Reta yohinduka igotoro coboneka.”

Ibura ry’igitoro abatari bake baribonamwo imvo za poritike. Abidoga si abunguruza gusa. N’abanyagisagara baridoga kuko itike rica riduga. Cane cane abiyunguruza ku mapikipiki. Ni na bwo buryo bw’ukwiyunguruza burwiriye mu gisagara ca Gitega havuye amakinga.
Tubamenyeshe ko igitoro ca esanse casubiye gukena inyuma y’indwi imwe gisubiye kuboneka ku masitasiyo yo mu gisagara ca Gitega. Amazutu ntarigera akena.

Amasezerano y'abayagira kur'urubuga ngurukanabumenyi rwa IWACU

Ivyiyumviro n'ibivugirwa hano ntibitegerezwa kurenga amategeko y'umubano mwiza. Mu bibujijwe kwandikira hano, harimwo amajambo y'amacakubiri afatiye ku bwoko, ibitsina, ukwemera kujanye n'idini, gutyozanya canke gutukana, amajambo ahamagarira gucanamwo, canke aza atanga amakuru ajanye n'ubuzima bwihereranye bwa muntu. Ikibujijwe kandi ni ugukoresha amasanamu canke ivyandikwa vy'abandi udatomoye isoko yavyo.
Iwacu ntizotiriganya mu gufuta icanditswe cose coza kirenga kuri ano masezerano, canke ivyanditswe bisubiwemwo, bitanzwe bitajanye n'inkuru vyandikiweko, bihayagiza ibidandazwa canke bidashingiye ku kwubahana hagati y'abahurira hano. Icanyuma : intererano izogirwa mu ndome nkuru izofutwa vuba.

Kwongerako iciyumviro

Votre adresse de messagerie ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *