Gitega : hari abadandaza bagize imisi batoroherwa

Kuri uyu wa 5 Munyonyo abatembereza impuzu (abavanderi) bazindutse bugarije komine Gitega. Bagasaba gutunganirizwa vuba.Vyanditswe na Kwizera Emeri

  Bamwe mu bagenza impuzu i Gitega  ©Iwacu

Bamwe mu bagenza impuzu i Gitega ©Iwacu

Mu gisagara ca Gitega abadandaza batembereza ibicuruzwa baribonekeza henshi. Badandaza vyinshi harimwo n’impuzu. Abadandaza bazo bavuga ko baburabuzwa na komiseri w’isoko nkuru ya Gitega. Ubu n’abaporisi batanguye kubafata. Kubera ishavu, baciye baja kwitura musitanteri wa komone Gitega. Umwe ati : « Twari twaje kwitura musitanteri kuko isoko ni iya komine. » Igihe twavugana na bo ntibashoboye kumubona. Si ho yari ari.

« Biramaze imisi .Twatanguye kubona dutembera ukaza ubona umu « siti » aragufashe agutwaranye n’impuzu agaca agupfungira mu biro vya Komiseri w’isoko. » Bivugwa n’umudandaza umwe mu batembereza impuzu mu gisagara ca Gitega. Uwo nyene yemeza ko bari babonye umengo vyahebwe none vyasubiriye : « Vyariko birahoya muga tugize ngo turonse agahengwe twagiye tubona abaporisi badufata. » Mugenzi we yamwuganiye ati : « Aba « siti » n’abaporisi baradufata. Dusaba ko badutunganiriza. Nimba turiha ibitasi tubirihe . » N’ishirahamwe bariteguye kurishinga : « Ari agashirahamwe tugakorere hamwe hama tumenyekane. »
Ntibagomba gusubira kwiba

Ku bw’abo badandaza bagenza ivyambarwa mu gisagara ca Gitega, batabatunganirije boca basubira kwiba .« Ico dusaba ni uko badutunganiriza ningoga ntitwosubira kuja kwiba. Ugiye kwiba baragukubita namba upfa ugapfa. » Ikibababaza kindi, ntibazi igituma bafatwa : « (…) hama tumenye igituma dufatwa. Nimba hari umusuma yoba arimwo akamenyekana. » Eka a ntibabazin’ababafat neza kuko bagira bati : « Twipfuza kumenya abadufata( …) »
Ivyo biri uko mu gihe abagenza ibidandazwa mu mabarabara baguma biyongera. Uri abadandaza ivyambarwa , ibiribwa, n’ibindi. Mwomenya yuko mu gihe twariko duheraheza kwandika iyi nkuru bamwe mu bagenza impuzu twumvise ngo boba bariko baratunganirizwa.

Amasezerano y'abayagira kur'urubuga ngurukanabumenyi rwa IWACU

Ivyiyumviro n'ibivugirwa hano ntibitegerezwa kurenga amategeko y'umubano mwiza. Mu bibujijwe kwandikira hano, harimwo amajambo y'amacakubiri afatiye ku bwoko, ibitsina, ukwemera kujanye n'idini, gutyozanya canke gutukana, amajambo ahamagarira gucanamwo, canke aza atanga amakuru ajanye n'ubuzima bwihereranye bwa muntu. Ikibujijwe kandi ni ugukoresha amasanamu canke ivyandikwa vy'abandi udatomoye isoko yavyo.
Iwacu ntizotiriganya mu gufuta icanditswe cose coza kirenga kuri ano masezerano, canke ivyanditswe bisubiwemwo, bitanzwe bitajanye n'inkuru vyandikiweko, bihayagiza ibidandazwa canke bidashingiye ku kwubahana hagati y'abahurira hano. Icanyuma : intererano izogirwa mu ndome nkuru izofutwa vuba.

Kwongerako iciyumviro

Votre adresse de messagerie ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *