Gitega Baributse imyaka 53 iheze Rwagasore Rudoviko agandaguwe

Musenyeri yaribukije icatumye agandagurwa, aratanga n’impanuro zijanye n’uwo musi.Harashirwa ingori ku cibutso, n’ijambo ry’umuganwa atari umugani rirategwa yompi.-Vyanditswe na Kwizera Emeri

 Icegera ca mbere c’umukuru w’Inama nshingamateka na buramatari w’intara ya Gitega bahejeje gushira urugori rw’amashurwe ku cibutso  ©Iwacu

Icegera ca mbere c’umukuru w’Inama nshingamateka na buramatari w’intara ya Gitega bahejeje gushira urugori rw’amashurwe ku cibutso ©Iwacu

Musenyeri Harushimana Yohani Mariya, icegera c’umwepisikopi mukuru w’I Gitega ni we yari arongoye inkuka ya misa. Amenyesha icatumye umuganwa agandagurwa ati:” Yazize umwete yari afise mu guharanira intahe y’ukwikukira. Mwene uwo muntu abansi, ababisha n’abambuzi ntibamwihanganira. Kuko ababuza gusahura ivy’abandi.” Ngo ariko naho bamugandaguye intahe y’ukwikukira yarabandanije. Akabandanya avuga yuko uyo musi ari akaryo ko gusabira Uburundi na cane cane abanyeporitike kugira bagendere iragi rya Rwagasore ry’urukundo, kwiheba n’ukwitangira abandi, ubutungane kuri bose n’iterambere.

Musenyeri Harushimana yaboneyeho akaryo k’ugutera akamo Uburundi n’abarundi ati:” Harageze ko Abarundi duhinduka tukumva ijambo ry’abashingantahe. Umugabo abushitse arasaba ikigongwe agashima iciza yakorewe.” Yarabwiye kandi abategetsi n’abandi bakirisu bari aho ikizokiza Uburundi:”Tugendere amabwirizwa turwanirize hamwe amacakubiri, ubunebwe n’ubundi bubegito.”

Igishusho cari casubirijwe

Bavuye mu nkuka y’imisa, abategetsi bakuru mu ntara n’abanyagihugu baje kwibuka imyaka 53 iheze Umuganwa Rwagasore Rudoviko amaze agandaguwe baciye babandanya gushika ku cibutso ciwe. Bashitseyo baca bashira ingori z’amashurwe ku cibutso. Hatanguye uwaserukiye Reta umupfasoni Karerwa Momamo asanzwe ari icegera c’umukuru w’Inama nshingamateka y’Uburundi na buramatari w’intara ya Gitega Sindayihebura Sirivesiteri. Hanyuma hakwirikira musitanteri wa komine Gitega Nahimana Varantino, abaserukiye inzego z’umutekano, imigambwe 8 yemewe n’ubushikiranganji bwo hagati mu gihugu, n’Umuvukano Ishaka. Ivyo biheze bumviriza ijambo ry’incungu y’ukwikura kw’Uburundi, ibirori biba birarangiye.

Mwomenya kandi ko nk’uko umuhanuzi mukuru wa buramatari w’intara ya gitega Nibigira Gerarudo yari yabitubwiye uwo musi w’ukwibuka igandagurwa ry’umuganwa Rwagagasore washitse ikibumbano c’ishusho yiwe cari camenywe n’umuntu bavuga ko arwaye mu mutwe cari casubirijwe.

Amasezerano y'abayagira kur'urubuga ngurukanabumenyi rwa IWACU

Ivyiyumviro n'ibivugirwa hano ntibitegerezwa kurenga amategeko y'umubano mwiza. Mu bibujijwe kwandikira hano, harimwo amajambo y'amacakubiri afatiye ku bwoko, ibitsina, ukwemera kujanye n'idini, gutyozanya canke gutukana, amajambo ahamagarira gucanamwo, canke aza atanga amakuru ajanye n'ubuzima bwihereranye bwa muntu. Ikibujijwe kandi ni ugukoresha amasanamu canke ivyandikwa vy'abandi udatomoye isoko yavyo.
Iwacu ntizotiriganya mu gufuta icanditswe cose coza kirenga kuri ano masezerano, canke ivyanditswe bisubiwemwo, bitanzwe bitajanye n'inkuru vyandikiweko, bihayagiza ibidandazwa canke bidashingiye ku kwubahana hagati y'abahurira hano. Icanyuma : intererano izogirwa mu ndome nkuru izofutwa vuba.

Kwongerako iciyumviro

Votre adresse de messagerie ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *