Gitega : Amakenga ni menshi kw’itangwa rya karangamuntu n’iyandikwa ry’abazotora

Inama yatanguye amakenga ari ikirenga kw’itanga rya karangamuntu n’iyandikwa ry’abazotora mu migambwe itavuga rumwe n’ubutegetsi. Umugambwe Msd wahavuye urahira ko utazongera kwitaba ayo manama. – Vyanditswe na Kwizera Emeri

Sindayihebura sirivesiteri buramatari w’intara ya Gitega ©Iwacu

Sindayihebura sirivesiteri buramatari w’intara ya Gitega ©Iwacu

Harabaye inama igenekerezo rya 21 Myandagaro 2014 yahuza abarongoye intara n’abarongoye imigambwe yemewe n’amategeko, amashira hamwe adakiranira ivyicaro vya poritike, abakuru mu nyamiramabi n’abaserukira amashengero yabereye kuri Le bambou.

Naho bashima ko ivyasezeranywe mu nama nk’iyo y’ubuheruka vyinshi vyagiye mu ngiro, abaserukira imigambwe itavuga rumwe n’ubutegetsi baragaragaje amakenga bafise kw’ itangwa rya karangamuntu n’iyandikwa ry’abazokwitaba amatora, bikaba ari vyo vyabonetse ko bibaraje ishinga kuruta ibindi. Uwaserukiye Msd afise amakenga ko uburangamuntu buhabwa n’abana batarakwiza imyaka kandi ko bashobora kuzokwiyandikisha henshi gutyo bagaca bashobora gutora kenshi akaba atizeye ko n’irangi basiga ku rutoke ridahanagurika. Uwo yavuga ko ivyo basezeranye mu nama y’imbere bitakwiye hose naho atadeha ko abajejwe intwaro bagerageje kuvyifatamwo neza.

Ikindi yashikirije kiraje ishinga umugambwe Msd n’iyandikwa ry’abazitabira amatora yo mu 2015 rizoba imbere y’uko imigwi yigenga itegura amatora mu ntara no mu makomine ijaho. Aho agaca abaza ikibazo ati : « Uzorenganywa azokwitwara he ? » No muri Sahwanya Frodebu amakenga yari menshi kw’itangwa rya karangamuntu n’iyandikwa ry’abazotora. Ntakatarushe Egene icegera c’uwurongoye Sahwanya Frodebu mu ntara ya Gitega avuga ati: ”Mw’itangwa rya karangamuntu abantu ntibamenye neza iyo batumbera, ikindi ni uko ntigeze mbona ahanditse ko karangamuntu kariko karatangwa.”Amenyesha kandi ko amafoto yo gushira ku burangamuntu afatwa n’abakuru b’amazone ku bwiwe bakaba atari co bajejwe. Inama irangiye yatumenyesheje ko amakenga agiye agabanutse. Ku vy’iyandikwa ry’abazotora avuga ati: ”Vyari vyiza iyo riba CEPI na CECI vyagiyeho” kuri ico arashikiriza ico bazokora: ”Nihagera ko amazina asohoka tuzoraba ko abanditswe bariho kandi bakwije imyaka.”

Abajejwe intwaro si uko zibibona

Kuri ayo makenga, buramatari w’intara ya Gitega Sindayihebura Sirivesiteri, yaribukije ko ikibazo ca karangamuntu bakigarutseko ari batatu nkako na Ikurakure Odasi yaserukira Frodebu nyakuri iragi rya Ndadaye yari yashikirije amakenga kuri ivyo. Araheza rero avuga ko abafise amakenga ari ibindi vyiyumviro baba bafise mu mitwe yabo. Avuga kandi ati : «Gutanga karangamuntu ni twe twavyibwirije. Ivyo gufotora ntibiraba imigambwe, biraba abajejwe intwaro. Umukuru wa zone ni we abijejwe ubwa mbere. Mwari kutubwira muti naka yaronse karangamuntu afise iyindi canke adakwije imyaka.» Ku catumye iyandikwa ry’abazotora ritunganywa imbere y’ishirwaho rya CEPI na CECI, buramatari avuga ko bibazwa CENI ku rwego rw’igihugu. Akaba yarangije abemerera ko inama zizobandanya kugira binjire neza mu matora ati: «Turi hamwe ibiteye amakenga tuzobimara, uwunaniwe ntabite ku wundi abone ko yinaniriwe.»

Budakeye na kabiri, umugambwe Msd waciye utangaza yuko uhagaritse kwitaba amanama yose ya buramatari. Nshimirimana Epitasi awurongoye muri iyo ntara ati: «Amanama yose ntahindura ko baguma batuburagiza. Biboneka ko ubutegetsi budashaka ko dukora.»

Amasezerano y'abayagira kur'urubuga ngurukanabumenyi rwa IWACU

Ivyiyumviro n'ibivugirwa hano ntibitegerezwa kurenga amategeko y'umubano mwiza. Mu bibujijwe kwandikira hano, harimwo amajambo y'amacakubiri afatiye ku bwoko, ibitsina, ukwemera kujanye n'idini, gutyozanya canke gutukana, amajambo ahamagarira gucanamwo, canke aza atanga amakuru ajanye n'ubuzima bwihereranye bwa muntu. Ikibujijwe kandi ni ugukoresha amasanamu canke ivyandikwa vy'abandi udatomoye isoko yavyo.
Iwacu ntizotiriganya mu gufuta icanditswe cose coza kirenga kuri ano masezerano, canke ivyanditswe bisubiwemwo, bitanzwe bitajanye n'inkuru vyandikiweko, bihayagiza ibidandazwa canke bidashingiye ku kwubahana hagati y'abahurira hano. Icanyuma : intererano izogirwa mu ndome nkuru izofutwa vuba.

Kwongerako iciyumviro

Votre adresse de messagerie ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *