Gitega: amabarabara mabi arashobora guhungabanya umutekano

I Gitega imvura imaze imisi irwa ari nyishi. Ku ndwi yaraye irangiye amazi yayo yahitanye uruzitiro rw’umuhana wo mw’i Shatanya. Vyavuye ku migende mibi. Abahaba basaba ko yotunganywa ibara ritararwa.-Vyaditswe na Kwizera Emeri

Uruzitiro rw’amatafari rwasidutse kubera amazi y’imvura ©/Iwacu

Uruzitiro rw’amatafari rwasidutse kubera amazi y’imvura ©/Iwacu

Imyidogo ni myinshi iva ku mabarabara mabi. Atagikozwe inkurikizi zishobora kuba nyinshi. Abanyagihugu baratswe intererano kugira amabarabara yo mu gisagara ca Gitega asaswemwo amabuye. Gushika ubu nta kirakorwa. Amabarabara usanga yimburutse, ahenshi nta migende itunganije neza amazi yimvura atemberamwo. Ejo bundi ku musi wa gatanu uruzitiro rw’inzu y’umuhana wo muri Shatanya ya kane rwarasidutse. Rwasidutse bivuye ku mazi y’imvura.

« Kubera amazi ari menshi cane kandi atagira aho aca, aca yicara mw’ibarabara kubera turi hepfo y’abandi. Amazi aca aguma yinjira akaja mu ruzitiro, uruzitiro rugahava rumererwa nabi rugahenuka. » Inarugo w’aho ku muhana ni we yasiguye icatumye rusiduka. Uwo mupfasoni n’ababanyi biwe baridoga kubona mu gisagara ca Gitega amazi y’imvura atatunganirijwe aho aca kugira ntiyonene ibintu. Babandanya bavuga ko n’ imigende yari hari yagiye irasiba. Ico kibazo abaho mw’ikaratiye barakizi. Bari banasavye abazi ingene baca imigende kugira babaje imbere barabe ko bobikora.

Umukenyezi yasituriwe uruzitiro n’imvura akababazwa n’uko ibara ryahatswe kurwa ata kirakorwa. Amenyesha ko iyo rutabomoka abana bari gufungura rwari kurwa ku bana barukinira iruhande.
Abanyagihugu bo muri karatiye Shatanya batari bake baramaze gutanga interererano y’ugukora amabarabara. Bavuga ko basa n’abibagiwe. Ntibatahura igituma amabarabara yabo adatunganywa neza kandi intererano barayitanze.

« Ko twagerageje gutanga intererano badusavye ni badufashe ibara ritararwa hano i Gitega umengo baratwibagiye. Bashashe amabuye amazi bakayereka inzira hoca haboneka agahengwe. » Aho muri karatiye Shatanya abari hepfo ni bo bageramiwe gusumba abandi.
Mwomenya ko umukuru w’ubuyobozi butunganya ibisagara mu karere ko hagati n’ubuseruko yagiye kwirabira aho hantu hageramiwe. Yarizeje nyene kubomorerwa uruzitiro n’amazi y’imvura ko agiye kuraba icokorwa kandi mu maguru masha.

Amasezerano y'abayagira kur'urubuga ngurukanabumenyi rwa IWACU

Ivyiyumviro n'ibivugirwa hano ntibitegerezwa kurenga amategeko y'umubano mwiza. Mu bibujijwe kwandikira hano, harimwo amajambo y'amacakubiri afatiye ku bwoko, ibitsina, ukwemera kujanye n'idini, gutyozanya canke gutukana, amajambo ahamagarira gucanamwo, canke aza atanga amakuru ajanye n'ubuzima bwihereranye bwa muntu. Ikibujijwe kandi ni ugukoresha amasanamu canke ivyandikwa vy'abandi udatomoye isoko yavyo.
Iwacu ntizotiriganya mu gufuta icanditswe cose coza kirenga kuri ano masezerano, canke ivyanditswe bisubiwemwo, bitanzwe bitajanye n'inkuru vyandikiweko, bihayagiza ibidandazwa canke bidashingiye ku kwubahana hagati y'abahurira hano. Icanyuma : intererano izogirwa mu ndome nkuru izofutwa vuba.

Kwongerako iciyumviro

Votre adresse de messagerie ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *