Gitega : abunguruza abantu ku makinga,baraziganya bakaguranana batituye amabanki

Mu gihe kuziganya ari katabona bose abo bunguruza ku makinga bariyungunganya bagashira hamwe amahera, ku buryo umwe wese ashobora kuronkerarimwe ayagwiriye. – Vyanditswe na Kwizera Emeri

Bamwe mu bunguruza abantu ku makinga i  Gitega   ©Iwacu

Bamwe mu bunguruza abantu ku makinga i Gitega ©Iwacu

“Utagiye mu Kirimba n’agahuzu k’umwana ntako wogura.”Uwo yari Ngendakumana Gasupari umugabo w’umugore n’abana 3. Ngendakumana akora umwuga wo kwunguruza abantu ku makinga mu gisagara ca gitega , twari tumubajije uko ukubaho kwabo basangiye umwuga kwifashe, na mwarirya mu gisagara ca Gitega abakora uwo mwuga atari bake.

Uwo avuga ko aca ayo kurya agaca ashira amajana 5 mu Kirimba, akiberaho uko nyene. Mbazumutima Yohani Bosiko bari kumwe ku gituro aho barindirira abaguzi, yaradusiguriye ikirimba ico ari co :”Tuja hamwe turi umugwi tukaja turaha amahera umuntu umwe ku ndwi.”Avuga ko mu mugwi arimwo bakorana ari abantu batanu bagashira hamwe amafaranga amajana atanu ku musi. Yongera kandi ati:”Ni ukuvuga ko umwe atanga 3500 ku ndwi tugaca tuyaha umwe muri twebwe.Turi bane tumuha 14000. Ayo uca wumva ko ari amahera yama azira hamwe uko ukwezi gutashe.”

Ku bwa Niyomwungere Ive ikirimba ni kirumara bituma umuntu aronka amahera Atari make aziye rimwe, ati:” Mbere twebwe turi 8 tugira ikirimba c’abiyemera, dutanga 1000 ku musi.”Igituma nyamukuru catumye biyumvira ico kirimba bavuga ko ari kugira bashobore kuziganya baronke amafaranga agwiriye. Yamara hariho abandi bacinuba ku gutinya ko amafaranga yabo anyuruzwa.

Hoba hari abagitinya ikirimba?

Nka Nibigira Musa aturuka muri komine Mutaho ntiyizera abunguruza abantu ku makinga bo mu gisagara ca Gitega:”Bisaba ko muba muzinanye kugira ntimwibane. Nka jewe mva i mutaho ntibikunda.”Niyonkuru Fabirisi nawe nyene ntakirimba arajamwo kuko nkuko abivuga umuntu yitunganya ukwiwe ariko ntahakana ko ikirimba gifise akamaro:”Ariko naje ndabona ko gifise akamaro iyo atawugumutse ngo uyamuhe ntagusubize.”
Twobamenyesha ko umwuga wo kwunguruza abantu ku makinga i Gitega utunze abantu benshi ukaba ushobora kw’injiza amafaranga ari hagati y’1500 n’4000 ku musi, nkuko vyemezwa n’abasanzwe bakora uwo mwuga.

Amasezerano y'abayagira kur'urubuga ngurukanabumenyi rwa IWACU

Ivyiyumviro n'ibivugirwa hano ntibitegerezwa kurenga amategeko y'umubano mwiza. Mu bibujijwe kwandikira hano, harimwo amajambo y'amacakubiri afatiye ku bwoko, ibitsina, ukwemera kujanye n'idini, gutyozanya canke gutukana, amajambo ahamagarira gucanamwo, canke aza atanga amakuru ajanye n'ubuzima bwihereranye bwa muntu. Ikibujijwe kandi ni ugukoresha amasanamu canke ivyandikwa vy'abandi udatomoye isoko yavyo.
Iwacu ntizotiriganya mu gufuta icanditswe cose coza kirenga kuri ano masezerano, canke ivyanditswe bisubiwemwo, bitanzwe bitajanye n'inkuru vyandikiweko, bihayagiza ibidandazwa canke bidashingiye ku kwubahana hagati y'abahurira hano. Icanyuma : intererano izogirwa mu ndome nkuru izofutwa vuba.

Kwongerako iciyumviro

Votre adresse de messagerie ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *