Gitega: abategetsi barihagiye itongo rya Reta

Ku musozi wa Songa wo muri komine Gitega hari itongo rya Reta bamwe mu bategetsi mu ntara ya Gitega bagabuye hagati yabo. Abanyagihu bo kuri uwo mutumba barishakira iterambere rusangi.Vyanditswe na Kwizera Emeri

  Ikibanza bagabuye kiri i Songa ©Iwacu

Ikibanza bagabuye kiri i Songa ©Iwacu

Ico kibanza abategetsi bihagiye kiri ku musosi wa Songa hafi y’ishure nshingiro ryo kuri uwo mutumba ,kirenza ihegitari 2. Imanza zarabaye hahati y’abarongoye intara hamwe n’ishirahamwe MVPE ryari ryahahawe . Aho hose abategetsi b’intara bagomba kuhagaruza kugira ico kibanza gisubire mu minwe ya Reta.

Ushitse kuri ico kibanza hirya no hino haribonekeza ibirundo vy’amabuye n’amatafari, hamwe hoho haramaze kwubakwa umushinge. Aho hakavugwa ko ari aha Muhamedi Emire atwara igenderereza mu ntara ya Gitega. Ivyo biri uko mu gihe Abanyesonga bahabonamwo ikibanza ciza c’ukubakwamwo ishure nshingiro narirya iryo aho I Songa ryabuze ikibanza ryubakwamwo, ubu akaba ata mwaka nshingiro w’indwi uhari.

Abanyesonga riraniga

“Na bo bafise iyo bavuka iwabo. None baca baza kugabangana ibibanza vya Reta?” Bivugwa n’umunyagihugu w’aho i Songa. Uwundi we asaba ko bohava ubutarariye :”Ahubwo bose ni bahave hagume ari aha Reta. Hanyuma bahashire ibintu vy’iterambere rusangi abantu bose bovuga bati biradufitiye akamaro.” Ngaha akavuga amashure cabure amavuriro. Abo banyagihugu ntibarira busema. Kuko umutumba wa Songa urakenye amashure y’intango n’ishure nshingiro nk’uko bivugwa n’ababa kuri uyo mutumba. “Twosaba ko hoza amashure kuko umutumba wa Songa urakeneye amashure. Abana bacu bagiye gusanzara mu gahinga kubera babuze ikibanza c’ukubakamwo.” Basaba kuronswa ico kibanza abana babo bige ku mutumba wabo.

Umukuru wa zone Gitega yo mu mitumba ntatanga inyishu zitomoye z’ukugene yaronse ikibanza muri iryo tongo naho atadeha ko afiseyo ikibanza. “Turafise impapuro zikwiye. Ico nzi coco ni uko cari ikibanza ca Reta kandi cari cicaye. Hamwe bokitwaka nzoburira mu bandi, sinzokura aho abandi bashize.» Yaciye aturungika kuri Buramatari w’intara ya Gitega.
Mwomenya kandi yuko iryo tongo ryakuwe mu minwe y’ishirahamwe MVPE ryarikoresha kw’igenekerezo rya 16 kigarama mu 2010 ku ngingo ya buramatari wa kino gihe Sindayihebura Sirivesiteri inomero 531.06/3035/2010.

Amasezerano y'abayagira kur'urubuga ngurukanabumenyi rwa IWACU

Ivyiyumviro n'ibivugirwa hano ntibitegerezwa kurenga amategeko y'umubano mwiza. Mu bibujijwe kwandikira hano, harimwo amajambo y'amacakubiri afatiye ku bwoko, ibitsina, ukwemera kujanye n'idini, gutyozanya canke gutukana, amajambo ahamagarira gucanamwo, canke aza atanga amakuru ajanye n'ubuzima bwihereranye bwa muntu. Ikibujijwe kandi ni ugukoresha amasanamu canke ivyandikwa vy'abandi udatomoye isoko yavyo.
Iwacu ntizotiriganya mu gufuta icanditswe cose coza kirenga kuri ano masezerano, canke ivyanditswe bisubiwemwo, bitanzwe bitajanye n'inkuru vyandikiweko, bihayagiza ibidandazwa canke bidashingiye ku kwubahana hagati y'abahurira hano. Icanyuma : intererano izogirwa mu ndome nkuru izofutwa vuba.

Kwongerako iciyumviro

Votre adresse de messagerie ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *