Gitega: abasuma barageramiye isoko nkuru

Abadandaza bakorera mu gice c’isoko nkuru ya Gitega n’abanyagihugu bahegereye bamenyesha ko bageramiwe n’abasuma biba mw’ijoro. Bidogera abaporisi badakizura bihagije.-Vyanditswe na Kwizera Emeri na Ndayisenga Farasisiko

  Uruhande rwo mu Kabasazi rugeramiwe n’ubusuma ©Iwacu

Uruhande rwo mu Kabasazi rugeramiwe n’ubusuma ©Iwacu

« Ikibazo twebwe abanyagihugu dufise, ni « Abasuma b’ijoro ni bo batugeremiye. Kandi rero n’iyo baje kwiba abanyenzamu barabamenya. N’uwamenye harya baramumenye. » Bivugwa n’umunyagihugu aba aho impande yo mu kabasazi ariko atunga urutoke akazu gaherukwa kumenwa n’abasuma. Azwi kw’izina rya Nzeyimana Samweri. Abandanya amenyesha yuko abanyenzamu batabashengeza ku gutinya ko babagirira nabi: ”Oya ntiwoshengeza umuntu. Ushengeje umuntu w’ijoro, aciye akugandagura naho? Vyiza tworonswa umutekano w’abaporisi.” Yatubwiye ko bamaze gusahura mu tuzu 3. Utwo natwo ni twa tuzu badandarizamwo bita “Kiyosike”. Abajejwe umutekano baridogerwa n’abanyagihugu hamwe n’abadandaza. Babidogera kuko badakizura bihagije. Bamenyesha ko bahaca isaha imwe y’ijoro gusa. Bo babona ko boza baragaruka cane cane mu masaha y’isaha zitanu z’ijoro kuduga. Niho kubw’abo abasuma baza gusahura.

Abadandaza n’abanyagihugu basaba abajejwe umutekano gufashanya na bo mukurwanya abo basuma bananiranye kandi ari benshi. “Twebwe ico dusaba, dusaba yuko n’abaporisi nabo nyene bodufasha gucungera umutekano kubera umutekano wacu ntumerewe neza ngaha mu Kabasazi.”
Abadandaza baguma bavuga ko batarema kuko uwibwe bimugora kuronka akandi gatahe. Umwe ati : ” Usanga turiko turahasinzikarira kuko bagutwaye utuntu wahora udandaza, kugira usubire kuronka utundi ntibishoboka.”

Ibimaze kwibwa si bike

Nk’uko Harerimana Rehonari abimenyesha, “mu ndwi ziheze abo bagizi ba nabi baraje baraca mu ryahumye umunyenzamu, baramena ” ikiyosike” barashobora gutwara ibintu biciye amafaranga 180000. Ahitwa kwa Niseti naho bamenyesha ko bahivye amabeteri y’imadoka kandi bamaze kuhiba incuro zibiri mu kwezi kumwe. Naho induru ivuga abanyagihugu bemeza yuko igiporisi kidapfa kije gutabara. Naho umusuma afatwa bavuga yuko ari nk’uko nyene. Mu gihe hari ikirindiro kiri hafi yaho abanyagihugu n’abadandaza babona ko batakiri mu bakwiye gukingirwa n’igiporiosi.

Harerimana avuga ko no ku wakabiri abasuma bagarutse kwiba aho mu Kabasazi. Umunyenzazamu yamumenyesheje ko baje incuro zitatu zose. Barasambuye n’amagafuri atatu.
Abadandaza baho mu Kabasazi naho bagerageza kurwiza abanyenzamu ngo biba ivyubusa. Bavuga ko bagerageje bakabarwiza ariko kitabujije ko abasuma baza kubiba n’ukubakubita bagasiga babakubise.
Ikindi kirwiza ubusuma abusuma abadanadaza bavuga n’ubukene bw’umuyagankuba. Ico gice co mu Kabasazi gisanzwe ata muyagankuba kiraronka. Si aho gusa no mu kindi gice bita mw’i Jabe nta matara ariho.

Amatara yoba agiye kuboneka

Muri komine ya Gitega, Bigirimana Momforo umuhanuzi wa musitanteri ashinzwe ivy’ ubuhinga n’ iterambere avuga ko umugambi wo kubonesha ahatabona uteye kure. Avuga ko nk’ igihande c’ ahitwa Mw’ ijabe ivyigwa biza vyaramaze gukorwa kugira mu mfuruka zine hashingwe vya bitara bibonesha kure.
“Nk’ igice co Mw’ i Jabe dufatiye ku cigwa twari twatumye umuhinga twasanze ico komine ishobora gukora ari ugushinga vya bitara binini binini mu mfuruka z’ isoko. ”

Asigura ko bahisemwo guhera kuri ico gice kuko hasanzwe hegereye ahari intsinga z’ umuyagankuba bazorahurako. Akavuga ko ivyo bizoca bituma bakoresha amafaranga atari umurengera. Nayo guhitamwo gushinga ivyo bitara mu mfuruka gusa ntibakikuze isoko yose, kubwa Bigirimana Momforo hari impamvu. Avuga ko vyavanye n’aho komine yihamvya. Vyongeye, kubw’ iwe, komine yohava ananirwa n’ ukuriha umuyagankuba w’ amatara mu gihe yoba akikuje isoko yose. Kubw’ iwe rero, ata kabaciriyemwo, uyu mwaka ntiwobarenga ivyo bitara bidashinzwe.
Amakuru dukura mu biro vya komine ya Gitega amenyesha ko no Mukabasazi, ivyigwa vyoba biriko biraba kugira na ho haronke umuyagankuba mbere habanje n’ ukubakwa kijambere.
Mwomenya ko igice kirangwamwo umuyagankuba ari icasubiwemwo kikubakwa kijambere kigatangura gukora mu kwezi kwa gatatu kw’umwaka uheze.

Amasezerano y'abayagira kur'urubuga ngurukanabumenyi rwa IWACU

Ivyiyumviro n'ibivugirwa hano ntibitegerezwa kurenga amategeko y'umubano mwiza. Mu bibujijwe kwandikira hano, harimwo amajambo y'amacakubiri afatiye ku bwoko, ibitsina, ukwemera kujanye n'idini, gutyozanya canke gutukana, amajambo ahamagarira gucanamwo, canke aza atanga amakuru ajanye n'ubuzima bwihereranye bwa muntu. Ikibujijwe kandi ni ugukoresha amasanamu canke ivyandikwa vy'abandi udatomoye isoko yavyo.
Iwacu ntizotiriganya mu gufuta icanditswe cose coza kirenga kuri ano masezerano, canke ivyanditswe bisubiwemwo, bitanzwe bitajanye n'inkuru vyandikiweko, bihayagiza ibidandazwa canke bidashingiye ku kwubahana hagati y'abahurira hano. Icanyuma : intererano izogirwa mu ndome nkuru izofutwa vuba.

Kwongerako iciyumviro

Votre adresse de messagerie ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *