Gitega : abana batishoboye barahawe ibitabu n’amakaye

Amakaye arenga 3.440 n’ibihumbi vy’ibitabu vyakoreshejwe vyarahawe abana b’abatwa biga mw’ishure ry’intango rya Nyabututsi n’abana bafise ingorane z’ukutumva bo ku Mushasha. – Vyanditswe na Manirakiza Yohani Noweri

Kaburahe Hantoni (hagati) ari kumwe na Berenarudo Lesay amushikiriza ibitabu n’amakaye ©Iwacu

Kaburahe Hantoni (hagati) ari kumwe na Berenarudo Lesay amushikiriza ibitabu n’amakaye ©Iwacu

Umupatiri yera, Patiri Berenarudo Lesay, asanzwe ari na we akurikirana abanyeshure b’abatwa, yaguma akoma amashi ahagaze imbere y’amapaki arimwo amakaye yari yururukirijwe ku kibuga kiri ahaba abapatiri bera. Ati: «Birahimbaye, mbega utuganuke twiza!»
Ivyo bitabu n’amakaye vyatanzwe n’umuhuzabikorwa mu kigo ndangakaranga c’i Gitega, umumenyeshamakuru Kaburahe Hantoni. Vyatorokanirijwe mu gihugu c’Ububirigi n’amashirahamwe abiri (Bertrix Initiatives na Centre d’Echanges Belgo Burundais).
Iyo ngabire izofasha abana bagera kw’120 bo kw’ishure ritoya ryo mu kigo citiriwe Musenyeri Mikaheri Courtney c’i Nyabututsi. Ku bwa Patiri Berenarudo, ico kigo cari gikeneye ibitabu n’amakaye: «Aba banyeshure barakenye, nta bitabu bafise, kandi umuntu adasoma nta kintu amenya.» Yaboneyeho akanya ko kumenyesha yuko buri mwaka asohora amafaranga arenga imiriyoni zitanu mu kugura ibikoresho vy’ishure. Ati: «Aka kaganuke kaje kuturemurura umuzigo.»
Kaburahe Hantoni yaciye abandanya mu kigo bigishirizamwo abafise ubumuga bwo kutumva (CESDA) co ku Mushasha. Aho na ho yahatangiye amakaye angana 2000, na yo nyene yavuye mu gihugu c’Ububirigi.
Umuyobozi w’ico kigo, Bandora Supesi, yamenyesheje yuko abanyeshure benshi baturuka mu miryango itishoboye. Akagira ati: «Bashika hano ata kaye ata n’ikaramu, rimwe na rimwe abanyeshure barakoresha ikaye imwe ku vyigwa bibiri.»

«Igitabu cagenewe gusomwa !»

Ku bwa Kaburahe Hantoni, ico gikorwa naho ari igisanzwe kizofasha mu guteza imbere ubuzima bw’abo banyeshure. Gusoma ibitabu bizofasha abo bakiri bato kumenya ibintu no kwuguruka bamenye ibiba kw’isi. Yarahanuye abo bene kuronswa ibitabu ngo baze babikoreshe neza: «Baze babisome. Igitabu cagenewe gusomwa. Gushikana ibitabu ku batishoboye ni ko gatererano kanje mw’iterambere.» Kaburahe yaboneyeho akaryo ko gushimira abo bose bagira ico baterereye ngo ako kigoro gashoboke. «Ndashimiye Manu Wauthier wo muri Bertrix Initiatives, Bazompora Korode na Ntamahungiro Yozefu bari mu Bubirigi.»
Tumubajije ico yisunze mu kuzanira ako kaganuke abo bana, uwo mumenyeshamakuru yamenyesheje yuko atari ugupfa gutanga, ariko ko harabwe «uko hatunganijwe n’uko ibitabu bizokoreshwa neza kandi bakabishikira bose». Ayandi makaye hamwe n’ibitabu biracahari kandi mu ndwi zikwirikira amashure azoba yacaguwe azoheza aronswe izo ngabire.Kaburahe akaba yaremeje rero yuko yashitswe n’amajambo ya Patiri Berenarudo Lesay aho yamubariye yuko «yubaha se wiwe, Kaburahe Damiyano, yatwara uruganda rwo kwandika amakuru mu kinyamakuru Ndongozi akaba yamumenye mu 1963». Muri ico gihe, Kaburahe ntiyari bwavuke.

Amasezerano y'abayagira kur'urubuga ngurukanabumenyi rwa IWACU

Ivyiyumviro n'ibivugirwa hano ntibitegerezwa kurenga amategeko y'umubano mwiza. Mu bibujijwe kwandikira hano, harimwo amajambo y'amacakubiri afatiye ku bwoko, ibitsina, ukwemera kujanye n'idini, gutyozanya canke gutukana, amajambo ahamagarira gucanamwo, canke aza atanga amakuru ajanye n'ubuzima bwihereranye bwa muntu. Ikibujijwe kandi ni ugukoresha amasanamu canke ivyandikwa vy'abandi udatomoye isoko yavyo.
Iwacu ntizotiriganya mu gufuta icanditswe cose coza kirenga kuri ano masezerano, canke ivyanditswe bisubiwemwo, bitanzwe bitajanye n'inkuru vyandikiweko, bihayagiza ibidandazwa canke bidashingiye ku kwubahana hagati y'abahurira hano. Icanyuma : intererano izogirwa mu ndome nkuru izofutwa vuba.

Kwongerako iciyumviro

Votre adresse de messagerie ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *