Gishubi: Ibitaro vyo mu Ntita biri mu bukene

Ibitaro vyo mu Ntita muri komine Gishubi birafise ubukene bw’abakozi, n’uburyo bujanye n’amafaranga. Umuyobozi w’ibitaro avuga yuko bituma abarwayi batavurwa neza.-Vyanditswe na Kwizera Emeri

 Ibitaro vyo mu Ntita ©Iwacu

Ibitaro vyo mu Ntita ©Iwacu

Nk’uko umukuru w’ibitaro yavyiganye, ni ibitaro bishobora kwakira abarwayi 6O. Vyubatswe mu 1970. Ariko bifise ubukene mu bitari bike, bigatuma abarwayi batavurwa neza. Muganga Nsabimana Berenarudo avuga ko abakozi ari bake : « Dusanzwe dufise abakozi bake bigaca bituma abatwituye tutabanyarukira nk’igihe twoba dukwiye. » Eka mbere hariho n’ibikorwa vy’ubuvuzi bidashobora gukorewa muri ivyo bitaro. Umuyobozi atanga akarorero ku kubundikira abana. « Bishitse umuvyeyi akavyara uwutageze duca tumurungika mu Kibimba. » Abandanya ashikiriza ko n’abashaka gukorwa vyihuta ataco bashobora kubafasha kuko abaganga babiri bahari barimwo umuyobozi batabifitiye ubushobozi. Kubera ivyo muganga avuga yuko abarwayi nk’abo baca babarungika ahandi. N’ukubona ibitaro vyo mu Ntita vyegamiye Ekereziya Gatororika bituma abitura ibitaro batoroherwa : « Ni ibitaro vya Ekereziya Gatorika ntidukoresha agakarata k’abarwayi. » Ku bw’uwo muganga, ibitaro ntibisanzwe vyakira abarwayi bakoresha agakarata k’umurwayi. Ati : « Ni kuko Reta itishura ningoga. »

Uburyo buke, abakozi bake

Umuyobozi w’ivyo bitaro avuga yuko hakenewe abaganga baminuje 5 banonosoye ivy’ukubaga abantu, n’abandi bita aba foroma bashika 20. Ariko ibitaro uburyo vyinjiza ntibubarekurira gutanga ubundi buzi kuko bivana n’uburyo ibitaro vyinjije. Agira ati : « Ntitwoshobora kuronka abakozi dufatiye ku buryo twinjiza. »
Ikindi atibagiye gushikiriza ni uko ubushikiranganji ibitaro bikukira bwama buvuga yuko intara yabo ifise abakozi benshi ugasanga ntibababaronkeje.
Mwomenya kandi yuko kuri uyu w’Imana igenekerezo rya kabiri Gitugutu mu 2014 ivyo bitaro vyo mu Ntita vyagabiwe rusehabaniha na diyoseze Oviedo yo mu gihugu ca Esupanye.

Amasezerano y'abayagira kur'urubuga ngurukanabumenyi rwa IWACU

Ivyiyumviro n'ibivugirwa hano ntibitegerezwa kurenga amategeko y'umubano mwiza. Mu bibujijwe kwandikira hano, harimwo amajambo y'amacakubiri afatiye ku bwoko, ibitsina, ukwemera kujanye n'idini, gutyozanya canke gutukana, amajambo ahamagarira gucanamwo, canke aza atanga amakuru ajanye n'ubuzima bwihereranye bwa muntu. Ikibujijwe kandi ni ugukoresha amasanamu canke ivyandikwa vy'abandi udatomoye isoko yavyo.
Iwacu ntizotiriganya mu gufuta icanditswe cose coza kirenga kuri ano masezerano, canke ivyanditswe bisubiwemwo, bitanzwe bitajanye n'inkuru vyandikiweko, bihayagiza ibidandazwa canke bidashingiye ku kwubahana hagati y'abahurira hano. Icanyuma : intererano izogirwa mu ndome nkuru izofutwa vuba.

Kwongerako iciyumviro

Votre adresse de messagerie ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *