FNL : bararahiye bararengwa

Kuva kw’igenekerezo rya 13 Myandagaro abanyamurenge bitwariye abahora barongoye umugambwe FNL, kubijanye n’ubwicanyi bwo mu Gatumba, baraye basubiriye kugaragaza akababaro. – Vyanditswe na Vyizigiro Jimi Erevisi

Umushingwamanza Nyarugabo Musa ariko atanga ikiganiro ©Iwacu

Umushingwamanza Nyarugabo Musa ariko atanga ikiganiro ©Iwacu

Hari kw’itariki 13 Myandagaro 2013, aho abanyamurenge bacitse kw’icumu mu bwicanyi bwahitanye benewabo kw’itariki 13 Myandagaro 2004, bibuka imyaka icenda yari iheze biciwe ababo. Ni muri iyo ntumbero baciye basubira kw’itwarira abahoze batwara umu murwi wa FNL wagirizwa ubwo bwicanyi. Kuwa 30 Myandagaro, baratanze ikiganiro ku banditsi n’abamenyeshamakuru, aho bemeza ko batazohengeshanya guharanira agateka kabo hamwe no kwitura ubutungane bw’Uburundi canke mpuzamakungu n’ivyaba ngombwa.

Ntituzohengeshanya kwitura ubutungane …

Uwaremesheje ico kiganiro, umushingwamaza Nyarugabo Musa yemeza ko aserukira urunani rw’abashingwamanza b’abarundi n’abanyekongo bishinze kuburanira abo banyamurenge, ati: “Ubwo bwicanyi bwabereye ku gataka k’Uburundi, ni co gituma twitwara mu butungane bw’Uburundi. Abasize ubuzima mu bwicanyi bw’agahomerabunwa bangana 166 kandi bari bahawe ubuhungiro ku mugaragaro n’igihugu c’Uburundi”. Uwo mushingwamanza abandanya avuga ati: “N’abavuze ku mugaragaro ko ari bo bakoze ubwo bwicanyi , ni abarundi gusa, kandi bose baba aha mu Burundi kandi barazwi”.
Bamubajije ko atoba ari mu kwaha kw’umugambwe uri ku butegetsi narirya bariko bitwarira uwahoze avugira FNL, Habimana Pasitori nuwari umukuru wawo Rwasa Hagato, aherutse kuva mu buhungiro kandi akaba atavuga rumwe n’ubutegetsi, Nyarugabo yishuye ati: “Twatanze ibirego vyacu kuva 2009, kuva mu 2010 tuguma twibutsa ariko ubutungane bw’Uburundi ntibushaka kutwumviriza. Ubu hoho duhiriwe duhishije kuko uyu mwaka dusubiye kwitwara Rwasa ari ngaha. Ntibazotubwira ngo barabuze iyo ari”.

Bavyamirira kure…

Magera Eme: “ Ico gihe Fnl yatwagwa na Jake Bigirimana hamwe na Habimana Pasitori”. ©Iwacu

Magera Eme: “ Ico gihe Fnl yatwagwa na Jake Bigirimana hamwe na Habimana Pasitori”. ©Iwacu

Ku kibazo kijanye n’uko abahoze barongoye uwo murwi warwana, bahakana ko batigeze bemanga ivy’ubwo bwicanyi bwahitanye abanyamurenge mu Gatumba ati: “ Turafise ivyemeza vyose ko ari bo bavyemanze. Kandi ubuhinga bwa none bugeze kure ku buryo dushobora kumenya ko hari abiganye amajwi yabo n’uko ari bo bavyivugiye. Kukaba nkako ntitubuze ivyabona vy’aho bavyiyemerera.”
Nyarugabo ntaterwa ubwoba n’uko Rwasa Hagato canke Habimana Pasitori bashobora kuba bafise uburenganzira bwo kudakwirikirana n’ubutungane, canke ko wa murwi w’ukuvugana ukuri n’ukunywanisha abarundi utaraja mu ngiro: “Ivyo kudakwirikiranwa n’ubutungane cake vy’umurwi wo kuvugana ukuri n’ukunywanisha, ivyo biraba abarundi gusa. Twebwe dukeneye ubutungane kuri bene wacu. Nitwasanga Reta y’Uburundi idashobora kudutunganiriza, tuzokwitura ubutungane mpuzamakungu. “
Mu gihe abo banyamurenge bemeza ko hatohimbazwa imyaka cumi yubwo bwicanyi ata kirakorwa, Magera Eme asanzwe avugira Hagato Rwasa, ntavyumva gutyo: ”Mbega kubera iki bitwarira Rwasa gusa kandi na Ndiho Yoronimu , kw’izina rya Cndd-Fdd iri ku butegetsi uyu musi, yaremeje ko ari bo bagandaguye Zuniga yahora aserukira ishirahamwe mpuzamakungu Unicef, atarakwirikiranwa n’ubutungane kandi ubu akora mu biro vy’umuhuza. Na Zuniga yari umunyamahanga nkabo banyamurenge.” Arabandanya ati: “Uwo Nyarugabo ni umugwizatunga afise aho bavunjira amafaranga hano i Bujumbura kandi asanzwe akorana n’ibiro vy’iperereza.”

Magera ati: “Mu 2010, Bigirimana Yakobo yemeje yuko Rwasa kuva 2003 yari yarakomerekeye ku rugamba hama aja kwivuza muri Kenya ko atari akiri hafi y’abasirikare ku rugamba. Ico gihe umuhari watwarwa na Bigirimana Yakobo hamwe na Habimana Pasitori.”
Bigirimana Yakobo na we ati ahibambewe: “Ndafise ivyemeza ko Rwasa kuva 2003 gushika 2009 ari we yategeka umuhari FNL, kandi yama yanarungitse ubutumwa ku banamarimwe bose ku mwaka ku mwaka. Nayo jeho gushika mu 2005 nari nkiri mu mugambwe Sahwanya Frodebu.”

Amasezerano y'abayagira kur'urubuga ngurukanabumenyi rwa IWACU

Ivyiyumviro n'ibivugirwa hano ntibitegerezwa kurenga amategeko y'umubano mwiza. Mu bibujijwe kwandikira hano, harimwo amajambo y'amacakubiri afatiye ku bwoko, ibitsina, ukwemera kujanye n'idini, gutyozanya canke gutukana, amajambo ahamagarira gucanamwo, canke aza atanga amakuru ajanye n'ubuzima bwihereranye bwa muntu. Ikibujijwe kandi ni ugukoresha amasanamu canke ivyandikwa vy'abandi udatomoye isoko yavyo.
Iwacu ntizotiriganya mu gufuta icanditswe cose coza kirenga kuri ano masezerano, canke ivyanditswe bisubiwemwo, bitanzwe bitajanye n'inkuru vyandikiweko, bihayagiza ibidandazwa canke bidashingiye ku kwubahana hagati y'abahurira hano. Icanyuma : intererano izogirwa mu ndome nkuru izofutwa vuba.

Kwongerako iciyumviro

Votre adresse de messagerie ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *