Cntb irashima ivyo yakoze: Twihaye amanota ijana kw’ijana uyu mwaka

Ukwo ni ko musenyeri Bambonanire Serapiyo arongoye umurwi Cntb yabishikirije ku musi wa mbere ariko aramenyesha ibikorwa vyaranguwe n’uwo murwi uyu mwaka. – Vyanditswe na Vyizigiro Jimi Erevisi

Musenyeri Bambonanire Serpiyo arongoye umukuru Cntb (hagati) ©Iwacu

Musenyeri Bambonanire Serpiyo arongoye umukuru Cntb (hagati) ©Iwacu

Musenyeri Bambonanire yabanje kwibutsa yuko umurwi arongoye ukora wisunze amategeko yo mu Burundi ndetse n’ayandi mpuzamakungu. Ayo masezerano akaba yerekeye ahanini kwubahiriza abateshejwe izabo hamwe n’impunzi akongera akabafasha gusubizwa mu vyabo.

Cntb uyu mwaka yaranguye iki ?

Musenyeri Bambonanire Serapiyo ati: ”Turavye ivyegeranyo vy’ibikorwa bivuye mu ntara zose twaranguye uyu mwaka, turashobora kwemeza ko twakoze ibishimishije.”
Ati banezerejwe n’uko abari mu vy’abandi babandanya kwemera kubisubiza ata gahato. Ikivyemeza ni amatati ashika 3259 bashoboye gutorera umuti kuva muri Nzero gushika muri Munyonyo uyu mwaka. Musenyeri Bambonanire ati: ”Amatati menshi yatorewe umuti kubera umwumvikano ashika 1446. Ayatorewe umuti habanje gufatwa ingingo za Cntb ni 1251.”
Yabandanije amenyesha yuko ikiruta vyose kinezereza uyo murwi ari uko uyu mwaka uheze, abantu bahinduye uko bahora bawiyumvira. Abantu benshi ngo babandanya kuwitura n’ukwizigira ibikorwa vyawo. Ababavuga nabi ngo ni bateshwe bate kuko ivyo bavuze vyose kwari ukwanguha gusa. Ku cemeza ko abantu babizigiye, agira ati: ”Tumaze kwakira amatati mashasha 1200 uyu mwaka gusa cane cane mu ntara za Makamba, Bururi, Rutana, igisagara ca Bujumbura, Bubanza na Cibitoke.”
Mu gisagara ca Bujumbura honyene amenyesha yuko hari abantu 121 babituye ngo bababohoreze amazu yabo ari mu makaratiye ya Rohero, Ngagara, Cibitoke na Nyakabiga. Akavuga yuko ico cemeza ko abanyazwe ivyabo bizeye umurwi Cntb.

Mu gisagara ca Bujumbura ngo barakoze birashimwa

Umukuru wa Cntb agira ati: ”Hano i Bujumbura turafise abantu 10 bari mu mazu bemeye ko atari ayabo, yanyazwe mu 1972. Abo bantu ubu batwemeza yuko biteguriye kwumvikana na beneyo.”
Yaciye atanga akarorero ku mugwizatunga Nikobiri Siyoni aheruka gusubiza inzu ya bene Ncahoruri Rehonaridi yishwe mu 1972. Yaciye abashumbusha mu kubaha izu iri mu Kinindo hamwe n’ikindi kibanza bashobora kwubakamwo iyindi nzu, kuko iyo nzu ya se yari yaramaze kuyisenyura akahubaka iyindi nini. Ahandi ni mu Kinama aho umutama akuze cane aheruka guhunguka abo asanze mw’itongo ryiwe bakaba baremeye kuba baramuha aho akika umusaya mu kurindira guheza kwumvikana. Mu Kamenge na ho uwuba mw’itongo atari rwiwe yemeye gushumbusha bene iryo tongo kandi ari we avyishakiye imiriyoni 20 n’ikindi kibanza co kwubakamwo. Mu Kinindo na ho komine yari yihaye ahari amatongo y’abantu none ifashijwe na Cntb yaremeye kuronderera ikindi kibanza abo bantu.
Abamenyeshamakuru bamubajije amanota bokwiha yishuye ati: ”Twebwe twiha ijana kw’ijana kuko twarakoze uko dushoboye kandi turavyishimira. Ariko abarundi baduha 90 kw’ijana.”
Ku bijanye n’ikigega c’ugushumbusha kiraje ishinga abatatri bake, Musenyeri Bambonanire yishuye ati: ”Ico kigega abo dutunganiriza ntibarakidusaba. Dutangazwa n’ukubona abo bitaraba ari bo bavuga yuko gikenewe kandi cihutirwa.”

Ijambo abasangwa bararyiyamiriza

Musenyeri Bambonanire yaboneyeho akaryo ko kumenyesha abamenyeshamakuru ko umurwi arongoye utajejwe kunywanisha abahutu n’abatutsi nkuko abanyeporitike benshi bakunze kubivuga. Avuga yuko uwo murwi unywanisha abanyaze ivy’abandi hamwe na benevyo. Ati: “Ntidushaka kwumva ijambo umusangwa kuko twebwe tuzi ko hariho abari mu vy’abandi na benevyo. Abasangwa na bo bose basigaye mu gihugu abandi barahunze na bo abo bose ntibanyaze ivyabandi.”

Amasezerano y'abayagira kur'urubuga ngurukanabumenyi rwa IWACU

Ivyiyumviro n'ibivugirwa hano ntibitegerezwa kurenga amategeko y'umubano mwiza. Mu bibujijwe kwandikira hano, harimwo amajambo y'amacakubiri afatiye ku bwoko, ibitsina, ukwemera kujanye n'idini, gutyozanya canke gutukana, amajambo ahamagarira gucanamwo, canke aza atanga amakuru ajanye n'ubuzima bwihereranye bwa muntu. Ikibujijwe kandi ni ugukoresha amasanamu canke ivyandikwa vy'abandi udatomoye isoko yavyo.
Iwacu ntizotiriganya mu gufuta icanditswe cose coza kirenga kuri ano masezerano, canke ivyanditswe bisubiwemwo, bitanzwe bitajanye n'inkuru vyandikiweko, bihayagiza ibidandazwa canke bidashingiye ku kwubahana hagati y'abahurira hano. Icanyuma : intererano izogirwa mu ndome nkuru izofutwa vuba.

Kwongerako iciyumviro

Votre adresse de messagerie ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *