Cibitoke : Umwe mu ndongozi z’umugamwe uri ku butegetsi yagirizwa gufatana ku nguvu

Umunyamabanga nshingwabikorwa wa Cndd-Fdd muri komine Murwi yarafatiwe ku mwana ariko aramushurashuza. Abaharanira agateka ka muntu bavuga yuko ari icaha gihambaye, bagasaba ko uwo mugabo yohanwa bikomeye. – Vyanditswe Bahati Jagisoni
Umugabo yitwa Ntakirutimana Guy Regisi yafatiwe ku mwigeme w’imyaka 16 ariko aramusurashuza. Hari kw’igenekerezo rya 14 Ruhuhuma 2014 nk’isaha icumi z’umuhingamo, mw’ihoteri iri muri komine ya Buganda, nko ku birometero 10 uja ku murwa mukuru w’intara ya Cibitoke.
Inkuru dukura ngaho zitumenyesha yuko iyo ndongozi y’umugambwe uri ku butegetsi, yari yateguye kuryamana n’uwo mwana ku musi mukuru w’abakundana «Saint Valentin». «Yari yanyemereye kungurira terefone ngendanwa, yongere ampe n’amafaranga. Naciye nihutira kuva kw’ishure uwo musi amasaha yo gutaha ataranagera n’ivyigwa bitarahera», uko ni ko uwo mwana yavuga, amosozi aboneka ku maso. Tumubajije yuko hari iyindi migenderanire yari afitaniye n’iyo ndongozi ya Cndd-Fdd muri komine Murwi, uwo mwigeme yarahakanye. Umwe mu bajejwe intwaro bo muri komine ya Murwi ati: «Ikibabaje uwo mugabo afise umugore n’abana bane, ni ko yamye. Arakunda gushurashuza abana.» Arongera akavuga yuko mu misi mikeya iheze, uwo mugabo nyene yahatswe gufata ku nguvu umwana w’imyaka 15 bahwaniye mw’ibarabara. Arabandanya ati mu kwezi kwa Nyakanga ku mwaka uheze, Ntakirutimana yari yafashwe ariko afata ku nguvu akana k’akigeme kiga mu mwaka wa gatanu. Arongera ati: «Naho biri uko, nta co yigeze yinona, ubutungane nta co bumubwira.»

Abagwanira agateka ka zina muntu barasemerera

Abaharanira agateka ka zina muntu bo mu ntara ya Cibitoke batakamba basaba yuko ubutungane bwokurikirana uwo mugabo Ntakirutimana. Ku murwa mukuru w’iyo ntara ya Cibitoke, nk’uko tubimenyeshwa n’umucamanza wo muri parake atashatse kwivuga izina, amakenga ntabuze ku ruhande rw’ababuranira uwo mwana. «Idosiye irikwega cane. Naho boba bataruciye nk’uko bigenda kuwufashwe imbonankubone, uwo yagirizwa muri kino gihe yotumye aba arunguruzwa akavanwa mu gasho ka komine Buganda, akajanwa mu gasho k’intara ya Cibitoke», uwo yize ivy’amategeko ni ko abivuga.
Kuri we rero, uwo muntu yagumye akingirwa ikibaba ntiyahanwa, barashobora kuja babona bamurekuye yidegemvya umwanya uwo ari wo wose. Ati: «Yagumye yironkera uturusho ata n’umwe yoshobora gusigura. Ngirango arafise ico yishimikije.» Umushikirizamanza mukuru wa repuburika mu ntara ya Cibitoke, tumubajije kuri iyo dosiye, yatwishuye yuko ikiri mu minwe y’ubutungane. Umukuru w’umugambwe w’inkona mu ntara ya Cibitoke yatubwiye yuko ata n’umwe ari hejuru y’amategeko. «Ni haba hari ivyo yagirizwa, reka ubutungane bukore akazi kabwo», ni ko Hacimana Yohani Batista asozera avuga.

Amasezerano y'abayagira kur'urubuga ngurukanabumenyi rwa IWACU

Ivyiyumviro n'ibivugirwa hano ntibitegerezwa kurenga amategeko y'umubano mwiza. Mu bibujijwe kwandikira hano, harimwo amajambo y'amacakubiri afatiye ku bwoko, ibitsina, ukwemera kujanye n'idini, gutyozanya canke gutukana, amajambo ahamagarira gucanamwo, canke aza atanga amakuru ajanye n'ubuzima bwihereranye bwa muntu. Ikibujijwe kandi ni ugukoresha amasanamu canke ivyandikwa vy'abandi udatomoye isoko yavyo.
Iwacu ntizotiriganya mu gufuta icanditswe cose coza kirenga kuri ano masezerano, canke ivyanditswe bisubiwemwo, bitanzwe bitajanye n'inkuru vyandikiweko, bihayagiza ibidandazwa canke bidashingiye ku kwubahana hagati y'abahurira hano. Icanyuma : intererano izogirwa mu ndome nkuru izofutwa vuba.

Kwongerako iciyumviro

Votre adresse de messagerie ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *