Cibitoke: hari ubukene bw’ibitabo n’ivyumba vy’ubushakashatsi

Mu mashure nka yose yo mu ntara y’indero ya Cibitoke hibonekeza ubukene bw’ibitabo n’ivyumba vy’ubushakashatsi. Abavyeyi baravyidogera. – Vyanditswe na Bahati Jagisoni

Marinkumbu  Sandirine yicaye aho akorera  ©Iwacu

Marinkumbu Sandirine yicaye aho akorera ©Iwacu

Ishure rya komine Muyange muri komine ya Mugina ryatanguye gukora mu kwezi kwa Nyakanga mu mwaka w’2007. Ryatanguranye ibirasi bibiri vy’amashure yo mu mwaka w’indwi.
Ku bwa, Marinkumbu Sandirine, umunyamabanga w’iryo shure, ati ishure rifise igice ca mbere gusa c’amashure yisumbuye. Agira ati: ”Uko amashure yateye yegera imbere nta bikoresho vy’ishure twigeze turonka, vyaba ibitabo vy’abanyeshure canke vy’abigisha.” Ishure kandi ntirigira aho abigisha baruhukira,hamwe n’ubusomero bw’ibitabu. Abigisha, uwujejwe inyigisho, n’umunyamabanga bakorera hamwe. Ariko n’aho biri uko ishure rironka 6000 ku munyeshure no ku gice. Ayo mahera agabuwe gutya: hari ibihumbi bibiri vy’amafaranga y’ishure, bibiri vyo kwubaka , bindi bibiri bisigaye na vyo ni ivy’ibitabo hamwe n’icumba c’ubushakashatsi.
Umwe mu bigisha twasanze aho yibaza iyo ayo mahera batanga buri gice aja kubera ko ata bitabo hamwe n’icumba c’ubushakashatsi bafise.

Abavyeyi ishavu riraniga

Abavyeyi bamwe bamwe ntibarya umunwa: “Ntitubona akamaro k’amafaranga dutanga ku mwaka ku mwaka y’ibitabo n’ubushakashatsi mu bushikiranganji bw’indero. Abanyeshure batanu basangira igitabo kimwe.” Abo bavyeyi basaba ko ayo mafaranga boheba kuyatanga kuko ata kiboneka barayakoresha. Uwurongoye indero mu ntara ya Cibitoke Saidi Niseti arahumuriza abo bavyeyi. Agira ati: “Ingingo zitari nke zarafashwe kugira ayo mahera akoreshwe neza ico yateguriwe.” Ku bwiwe, harashizweho imirwi izokurikirana ayo mahera, abo bo muri iyo mirwi rero ni bo bazokurikirana uko ayo mafaranga atangwa akoreshwa. Ati: ”Ivyo bizogirwa kugira bahashe ubusuma bumwe bumwe bwahora bukorwa n’abarongoye amashure bamwe bamwe.”

Amasezerano y'abayagira kur'urubuga ngurukanabumenyi rwa IWACU

Ivyiyumviro n'ibivugirwa hano ntibitegerezwa kurenga amategeko y'umubano mwiza. Mu bibujijwe kwandikira hano, harimwo amajambo y'amacakubiri afatiye ku bwoko, ibitsina, ukwemera kujanye n'idini, gutyozanya canke gutukana, amajambo ahamagarira gucanamwo, canke aza atanga amakuru ajanye n'ubuzima bwihereranye bwa muntu. Ikibujijwe kandi ni ugukoresha amasanamu canke ivyandikwa vy'abandi udatomoye isoko yavyo.
Iwacu ntizotiriganya mu gufuta icanditswe cose coza kirenga kuri ano masezerano, canke ivyanditswe bisubiwemwo, bitanzwe bitajanye n'inkuru vyandikiweko, bihayagiza ibidandazwa canke bidashingiye ku kwubahana hagati y'abahurira hano. Icanyuma : intererano izogirwa mu ndome nkuru izofutwa vuba.

Kwongerako iciyumviro

Votre adresse de messagerie ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *