Cibitoke : Agahengwe ku bagore bafise ingwara yo mu kigo bo mu Cibitoke

Hari umugambi wo gufasha mu kuvura abakenyezi bagwaye ingwara yo mu kigo. Kuri bo akanyamuneza ni kose kuko vyabasaba uburyo burengeye amikoro yabo. – Vyanditswe na Bahati Jagisoni 
Abakenyezi bagwaye ingwara yo mu kigo, ari yo bita ingwara yo kujojota, bagiye gufatwa mu mugongo mu bijanye n’imiti biciye ku mashirahamwe abiri. Ayo ni Ishirahamwe ry’abaganga batagira imbibe MSF na FHI ryitaho abagendana ubumuga. Ngo azoraba ivyo abakize iyo ngwara n’abakiyigwaye bakeneye, afadikanije n’ikigo CDFC citaho iterambere ry’imiryango gikorera mu cibitoke.Ngo iyo mfashanyo izocishwa mu kigo urunani c’i Gitega, aho abagwaye basanzwe bavurirwa ku buntu. Umupfasoni Barayandema Mariserina abanye iyo ndwara imyaka itanu. Avuga ko afise umwizero: «Kuri jewe ni akanya keza kuko nzoronka abanshigikira maze nsubire ndonke agateka mu muryango.»

Isubizwa mu vyabo ku bakize

Abakize bazoronswa imfashanyo zitandukanye: «Kugirango vyorohe gusubiza mu mihana abo bapfasoni, akenshi usanga binubwa, bazofashishwa imigambi ibafasha kuronka amafaranga», ivyo bivugwa n’uwo muri CDFC. Niyonzima Peteroniya yamaze gukira iyo ngwara, yemeza yuko ako gafashanyo kazomufasha gutunga umuryango wiwe.
Umuhinga mu bijanye n’ubuvuzi twahasanze, aremeza akamaro k’uwo mugambi agasaba n’abandi bagiraneza kugarukira kuri abo bagwayi: «Igitigiri c’abakenyezi bakeneye iyo mfashanyo ni kinini cane kandi bisaba vyinshi.» Mwomenya yuko uwo mugambi wo guhimiriza mu kugwanya iyo ngwara yo mu kigo, gikorerwa mu ntara za Muyinga na Cibitoke kuko ari zo zifise abagwayi benshi mu gihugu.

Amasezerano y'abayagira kur'urubuga ngurukanabumenyi rwa IWACU

Ivyiyumviro n'ibivugirwa hano ntibitegerezwa kurenga amategeko y'umubano mwiza. Mu bibujijwe kwandikira hano, harimwo amajambo y'amacakubiri afatiye ku bwoko, ibitsina, ukwemera kujanye n'idini, gutyozanya canke gutukana, amajambo ahamagarira gucanamwo, canke aza atanga amakuru ajanye n'ubuzima bwihereranye bwa muntu. Ikibujijwe kandi ni ugukoresha amasanamu canke ivyandikwa vy'abandi udatomoye isoko yavyo.
Iwacu ntizotiriganya mu gufuta icanditswe cose coza kirenga kuri ano masezerano, canke ivyanditswe bisubiwemwo, bitanzwe bitajanye n'inkuru vyandikiweko, bihayagiza ibidandazwa canke bidashingiye ku kwubahana hagati y'abahurira hano. Icanyuma : intererano izogirwa mu ndome nkuru izofutwa vuba.

Kwongerako iciyumviro

Votre adresse de messagerie ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *