Umutekano

Gitega: amabarabara mabi arashobora guhungabanya umutekano

Uruzitiro rw’amatafari rwasidutse kubera amazi y’imvura ©/Iwacu

I Gitega imvura imaze imisi irwa ari nyishi. Ku ndwi yaraye irangiye amazi yayo yahitanye uruzitiro rw’umuhana wo mw’i Shatanya. Vyavuye ku migende mibi. Abahaba basaba ko yotunganywa ibara ritararwa.-Vyaditswe na Kwizera Emeri Imyidogo ni myinshi iva ku mabarabara mabi. Atagikozwe inkurikizi zishobora kuba nyinshi. Abanyagihugu baratswe intererano kugira amabarabara […]

Inkuru yose

Gitega: abasuma barageramiye isoko nkuru

Uruhande rwo mu Kabasazi rugeramiwe n’ubusuma ©Iwacu

Abadandaza bakorera mu gice c’isoko nkuru ya Gitega n’abanyagihugu bahegereye bamenyesha ko bageramiwe n’abasuma biba mw’ijoro. Bidogera abaporisi badakizura bihagije.-Vyanditswe na Kwizera Emeri na Ndayisenga Farasisiko « Ikibazo twebwe abanyagihugu dufise, ni « Abasuma b’ijoro ni bo batugeremiye. Kandi rero n’iyo baje kwiba abanyenzamu barabamenya. N’uwamenye harya baramumenye. » Bivugwa […]

Inkuru yose

« Ni ukwama barikanuye »

Sindayihebura Sirivesiteri, Buramatari w’intara ya Gitega ©Iwacu

Mu gihe hamaze imisi havugwa abantu bahungubanya umutekano. Buramatari w’intara ya Gitega aratanga ivyakozwe kugira habungwabungwe umutekano. Asaba abanyagihugu kwama barikanuye.Vyanditswe na Kwizera Emeri Inkuru z’umutekano muke arazi ko zihari. « Ego ni vyo mu bice bimwe bimwe vy’igihugu baravuga ko babonye abantu bambaye ibikoti birebire. » Ku bwa Sindayihebura […]

Inkuru yose

Ruyigi : ingingo nziza yagize inkurikizi mbi

Ku murwa mukuru w’intara ya Ruyigi ©Iwacu

Kuva mu misi iheze, hasubiye kwibokenekeza ubusuma mu gisagara co mu Ruyigi, cane cane mu ma karatiye ya Sanzu na Gasanda. Ubusuma bwoba bukorwa na bamwe baherutse gupfungurwa ku kigongwe.-Vyanditswe na Manirakiza Fabirisi « Nta joro ryijana hatavuzwe ubusuma bwakozwe muri ano makaratiye yacu. » D.K, umunyagihugu wo muri karatiye […]

Inkuru yose

Asaba gufata abamuhekuye

Umuvyeyi w’umuhisi ©Iwacu

Uyo ni umuvyeyi wa Nshemezimana Sandirine, akigeme k’imyaka 14 katowe ikiziga mu kwezi kwa Myandagaro ku gacimbiri Bisha. Asaba ko abamuhekuye bomenyekana kandi bagahanwa.–Vyanditswe na Ndayisenga Farasisiko « Mwebwe abamenyeshamakuru ni ukugenda mukabwira buramatatari akabarondera akabafata iyo bari hose ,afise igisoda ,afise igipolisi afise n’ iperereza ,ni abaperereze abafate kuko n’abandi […]

Inkuru yose

Amasanganya yabaye ndanse mu mabarabara yo mu Cibitoke

Imodokari yagize isanganya ©Iwacu

Kubera amasanganya yo mw’ibarabara, abantu 25 barapfuye, 40 barakomereka cane mu gihe ca mezi 3. Abajejwe intwaro n’igiporisi bategekanya izindi ngingo.-Vyanditswe na Bahati Jagisoni Isanganya rya vuba ni iryo ku w’Imana igenekerezo rya 14 Nyakanga, abantu 6 bari mu modoka yunguruza abantu iri mu bwoko bwa “Hiace” bitavye Imana 14 […]

Inkuru yose

Kwinonora imitsi mu kivunga vyarahagaritswe

Saidi Juma

Ubuyobozi bw’igisagara ca Bujumbura bwarafashe ingingo yo guhagarika ukwinonora imitsi mu kivunga ku minsi ya gatandatu, mu mwanya w’ibikorwa rusangi. – Vyanditswe na Vyizigiro Jimi Erevisi Mu gihe igenekerezo rya 8 Ntwarante imisore yagirizwa kuba yariko itegura imyiyerekano mu mugambwe Msd yafashwe iriko yinonora imitsi. Ivyo bishitse kandi mu gihe […]

Inkuru yose

Uprona : ishami rya Nibigira Konsiriya ryoba rigeramiwe ?

Gaston Sindimwo

Sindimwo Gasitoni, umunyamabanga mukuru wa Uprona irongowe na Konsiriya Nibigira yaratewe ku rugo iwe. Yarakomeretse ariko uwababaye cane ni umunyezamu wiwe. – Vyanditswe na Vyizigiro Jimi Erevisi Ico gitero kikiba ku muhana wiwe vyavugwa ko yaraye anyurujwe n’abagizi ba nabi. Ariko bukeye yari mu rugo iwe, aho abo basangiye umugambwe […]

Inkuru yose

Umusirikare aragiriza abaporisi bamuhuraguye

Carricature

Nijimbere Korode, umukaporare mu gisirikare, aheruka gukubitwa ubwa kabiri. Umuvugizi w’urwo rwego amusaba gushengeza abamukubise. – Vyanditswe na Bayaga Manyusi «Nahohotewe n’abaporisi be n’urwaruka rw’umugambwe Cndd-Fdd», kaporare Nijimbere Korode arabagiriza. Uwo mushoferi wo mu karere ka mbere ka gisirikare afise ibikomere ku maboko. Ijisho ryiwe ry’iburyo ryarashikiriwe. Arafise n’ububabare mu gikiriza. […]

Inkuru yose

Isegenya yarahitanye abantu n’ibintu mu buraruko bwa Bujumbura

Imashini zikura amabuye yazanywe n’amazi mw’ibarabara ©Iwacu

Abantu barenga 60 barahitanywe n’isegenya, abatari bake barakomereka n’amazu menshi arasenyuka. Abacitse kw’icumu bakeneye gitabara. – Vyanditswe na Bayaga Manyusi Imvura y’isegenya yaguye mw’ijoro ryo ku wa 9 Ruhuhuma yasize ikoze ibara mu makaratiye y’uburaruko bw’igisagara ca Bujumbura, n’igice bihana urubibe co mu makomine ya Isare na Mutimbuzi. Abantu baba […]

Inkuru yose