Ubutungane

Rwoba ari urubanza rwa ngondagonde?

Urwaruka 69 muri 70 ruri imbere ya sentare rubamba muri parake y’igisagara ca Bujumbura. ©Iwacu

Urubanza rw’abantu 70 bafashwe mu migumuko yabaye hagati y’abaporisi n’urwaruka rwa Msd rwasubiriye kwumvirizwa muri sentare rubamba. Ku bafashwe 70, abagera kuri 48 ntibashoboye kuburana ariko basabiwe igihano c’umunyororo wo guherayo. – Vyanditswe na Vyizigiro Jimi Erevisi Isaha zitatu, imbohe zari zishikanywe muri sentare. Urwaruka ruboneka ko ruri muri Msd […]

Inkuru yose

Uburenganzira bwo guserura ivyiyumviro burageramiwe

Me Sinarinzi

Umukuru w’igisagara ca Bujumbura aheruka kubuza inama y’abashingwamanza. Imbere yaho abadasigana bankiwe kugira inama yabo. Sinduhije yarabujijwe kugirisha inama abanywanyi biwe i Bugendana. – Vyanditswe na Vyizigiro Jimi Erevisi Bamwe n’abandi uyu musi baravuga yuko uburenganzira bwo guserura ivyiyumviro biciye mu manama buriko burapfunywa. Amategeko yoyo ari mu Burundi aremera […]

Inkuru yose

Ubutungane bw’i Ngozi: «Idosiye iteye isoni!»

Ikibanza kirimwo sentare nkuru ya Ngozi ©Iwacu

Abacamanza batatu bo muri sentare nkuru ya Ngozi barungitswe gukorera ahandi. Bagirizwa kumena ibanga mu kuvuga ivyavuye mu mwiherero urubanza rutarasomwa. – Vyanditswe na Bukeyeneza Arumeri-Jiriberi Idosiye ya Nshimirimana Dezire iravugwa cane i Ngozi.Abacamanza bari bashavuye bati ni “idosiye iteye isoni”. Intandaro ya vyose ni ivyashitse ku wa 8 Nzero […]

Inkuru yose

Ubutungane bw’umwana n’ikinono!

Rwasa Hagato ariko aratanga ikiganiro kubamenyesha makuru: “ Ni ubutungane bw’umwana n’ikinono” ©Iwacu

Inyuma y’aho parake kizigenza ya Repuburika yakiriye ibirego vy’aho Rwasa Hagato yagirizwa ubwicanyi bwo mu Gatumba, umuvugizi wa sentare ntahinyuzwa avuga ko bagiye kwugurura idosiye y’ivyo birego. – Vyanditswe na Vyizigiro Jimi Erevisi Hari haheze amayinga atatu, Nyarugabo Musa aburanira abanyamurenge bacitse kw’icumu n’ababuze ababo mu bwicanyi bwo mu Gatumba […]

Inkuru yose

FNL : bararahiye bararengwa

Umushingwamanza Nyarugabo Musa ariko atanga ikiganiro

Kuva kw’igenekerezo rya 13 Myandagaro abanyamurenge bitwariye abahora barongoye umugambwe FNL, kubijanye n’ubwicanyi bwo mu Gatumba, baraye basubiriye kugaragaza akababaro. – Vyanditswe na Vyizigiro Jimi Erevisi Hari kw’itariki 13 Myandagaro 2013, aho abanyamurenge bacitse kw’icumu mu bwicanyi bwahitanye benewabo kw’itariki 13 Myandagaro 2004, bibuka imyaka icenda yari iheze biciwe ababo. […]

Inkuru yose

Haraye haciwe urwa ngondagonde

Inyuma y’inama rukokoma y’ubutungane yamaze iminsi itanu mu ntara ya Gitega, ubutungane buhejeje kugaragaza ko ata bwigenge bugira mu kurekura Nurweze Mikaheri batazira Rwembe. Vyanditswe na  Madirisha Duwarudo Nurweze Mikaheri yari yahagaritswe iminsi mikeyi imbere y’inama yo gufasha Uburundi yabereye i Geneve muri Gitugutu mu mwaka uheze. Abenshi bari bavuze […]

Inkuru yose