Poritike

Muri Gitega haramenyshejwe uko imirwi Ceci izojaho

Abitavye inama y’ugusigura ingene Ceci zizojaho ©Iwacu

Amadosiye ashikirizwa Cepi arungitswe n’abaserukira imigambwe, amashengero, amashirahamwe adakiranira ivyicaro vya Poritike n’amashengero . Vyamenyekanye ku wa 20 Gitugutu.-Vyanditswe na Kwizera Emeri Patiri Ntukamazina Dominiko Diriyano, umukuru w’umurwi wigenga utegura amatora ku rwego rw’intara(Cepi) i Gitega. Ku vyerekeye mashirahamwe adakiranira ivyicaro vya poritike uwo mukuru wa Cepi amenyesha yuko ritegerezwa […]

Inkuru yose

Gitega Baributse imyaka 53 iheze Rwagasore Rudoviko agandaguwe

Icegera ca mbere c’umukuru w’Inama nshingamateka na buramatari w’intara ya Gitega bahejeje gushira urugori rw’amashurwe ku cibutso  ©Iwacu

Musenyeri yaribukije icatumye agandagurwa, aratanga n’impanuro zijanye n’uwo musi.Harashirwa ingori ku cibutso, n’ijambo ry’umuganwa atari umugani rirategwa yompi.-Vyanditswe na Kwizera Emeri Musenyeri Harushimana Yohani Mariya, icegera c’umwepisikopi mukuru w’I Gitega ni we yari arongoye inkuka ya misa. Amenyesha icatumye umuganwa agandagurwa ati:” Yazize umwete yari afise mu guharanira intahe y’ukwikukira. Mwene […]

Inkuru yose

Giheta: umugambi w’ibigwati woba ari uw’abashirira n’abifise gusa?

Ikirwati c’amahoro co mu Ryanyoni ©Iwacu

Imyaka ibaye myinshi Reta y’Uburundi ishizeho umugambi w’ukwubaka ibirwati vy’amahoro, ibisabwa kugira haronkwe ikibanza abanyagihugu bato bato ntibashobora kubironka, bamwe batanguye kubigurisha.-Vyanditswe Vyizigiro Jimi Erevisi Ushitse mu kirwati c’amahoro co mu Ryanyoni uhasanga inzu 220. Ariko hafi inzu 20 ni zo zimaze kurangira kwubakwa. Muri izo nyinshi n’iz’abadandaza hamwe n’abafise […]

Inkuru yose

Rwoba rwari urumuri rw’amahoro canke iterabwoba rya gisirikare ?

Buramatari w’intara ya Gitega afise urumuri rw’amahoro arikumwe na musitanteri hamwe n’abandi bategetsi ©Iwacu

Imvyino zo mu ntambara, kuninahaza umukuru w’igihugu Nkurunziza, Abasirikare isinzi n’inyamiramabi bambaye umwambaro ubaranga, abantu bazungagiza imitoto bambaye n’ibirato vya gisirikare, itangwa ry’amabati y’ukumanika amashure nshingiro, ivyo ni vyo vyaranze urumuri rw ‘amahoro mu ntara ya Gitega kuri uyu wa 27 myandagaro. – Vyanditswe na Vyizigiro Jimi Erevisi Turi isaha zine […]

Inkuru yose

Umurwi CENI watanguye kwitegurira amatora

Mu kwitegurira amatora yo mu 2015, umurwi CENI ugiye gutegekanya ibibanza bishasha abazotora bazandikirwamwo. Bizofashwamwo n’abarongoye indero ku rwego rw’intara n’amakomine. – Vyanditswe na Bayaga Manyusi Umukuru w’umurwi w’igihugu wigenga ujejwe gutegura amatora(CENI), Ndayicariye Petero Karaveri, aremeza yuko uwo murwi CENI ugiye gutangura kwitegurira amatora kuko yegereje. Ivyo yabivugiye mu […]

Inkuru yose

Nta matora y’akamarampaka kw’ibwirizwa shingiro azoba

petero-177x300

Uburundi bwarakiriye abashitsi b’iteka bagizwe n’umushikiranganji w’imigenderanire y’Ubwongereza hamwe n’intumwa idasanzwe ya Amerika. Umukuru w’igihugu Nkuruziza yarahumurije abarundi. Umushikiranganji w’ubwongereza w’imigenderanire Mark Simmonds hamwe na Samanta Power aserukira Amerika mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU akongera akaba intumwa idasanzwe ya Barack Obama, bagendeye Uburundi mu gihe kitoroshe mu vya poritike. Inyuma yaho reta […]

Inkuru yose

Sinduhije Regisi yoba aronderwa hasi hejuru?

urugamba

Umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu yaragabishije umugambwe Msd ko ushobora gufatirwa ibihano ugahagarikwa amezi 6, canke ugafutwa burundu. Yoba Sinduhije na we yaramaze gutangirizwa hose. – Vyanditswe na Vyizigiro Jimi Erevisi Inyuma yaho habereye imishamirano hagati y’urwaruka rwa Msd n’inyamiramabi, ku ngoro y’umugamwe MSD, ibintu ntivyahavuye vyoroha. Abanywanyi b’uwo […]

Inkuru yose

ADC Ikibiri yoba irira busema ?

Nzobonariba Firipo umunyamabanga akaba n’umuvugizi wa reta y’Uburundi ©Iwacu

ADC Ikibiri yararungikiye urwete umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, aho berekanye amakenga bafise kw’ihungabana ry’umutekano bivuye ku bibazo vya poritike biri mu gihugu. Reta y’Uburundi yoyo yarahakanye ibirego vyose. – Vyanditswe na Vyizigiro Jimi Erevisi Umunyamabanga akongera akaba n’umuvugizi wa reta y’Uburundi Nzobonariba Firipo, mw’itangazo reta y’Uburundi yasohoye ku musi […]

Inkuru yose

Ikiganiro batanze coba cerekana ko hari umutekano muke ?

Ministres

Abashikiranganji bane ba Reta y’Uburundi, uw’intwaro yo hagati mu gihugu uw’ukwivuna abansi, uw’umutekano, n’uw’ubutungane barahaye ikiganiro abamenyeshamakuru. Ibibazo nyamukuru bishuye bijanye n’ingorane ziri mu mugambwe Uprona. -Vyanditswe na Vyizigiro Jimi Erevisi Kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 17 Ruhuhuma 2014, abashikiranganji bane bari muri reta y’Uburundi baratangiye hamwe ikiganiro. Ikibazo […]

Inkuru yose

Mu gihe abagumyabanga ba Cndd-Fdd bariko baripfurizanya umwaka mushasha w’2014, Nyabenda Pasikari umukuru w’umugambwe yavuze ko umwaka uheze wagenze neza. Yabasavye gushira inguvu hamwe ngo batsinde amatora yo mu 2015. – Vyanditswe na Vyizigiro Jimi Erevisi Igenekerezo rya 24 Nzero 2014, kw’ihoteri yitwa Royal Palm Resort iri kw’ibarabara rija mu […]

Inkuru yose