Imico kama

Irakoze Hope yaraye ateye iteka Uburundi

Irakoze Hope ariko araririmba ©Iwacu

Umuririmvyi w’umurundi Irakoze Hope ni we yatahukanye agashimwe k’imiriyoni hafi 100 z’amarundi mw’ihiganwa ry’ikinyobwa Tusker muri Kenya ryahuje ibihugu 6. – Vyanditswe na Vyizigiro Jimi Erevisi Ico gihangange mu muziki ntitwagisanze imuhira. Twamusanze mw’ihoteri aho yashikiye avuye muri Kenya. Tumubajije igituma ari aho yishuye atwenga kandi yicishije bugufi ati: « Abaserukira […]

Inkuru yose

Guhindura inyifato biciye mu mareresi

Ndayishimiye Yohani Bosiko: ”Tuzokwisunga imico n’akaranga” ©Iwacu

Ishirahamwe « Population Media Center » rigiye gutanguza mu Burundi ibikino bifasha abanyagihugu guhindura inyifato. Inyigisho ku banditsi zaratanguye. Abakurikira izo nyigisho barazishima – VYanditswe na Bayaga Manyusi Ishirahamwe rituruka muri Reta zunze ubumwe za Amerika, «Population Media Center», rigiye gufasha abarundi guhindura inyifato ribicishije mu mareresi, kuva mu 2013 gushika 2016. […]

Inkuru yose

Ni intambwe ishimishije

Matabaro Patient: «Natanguye kuririmba mfise imyaka itanu.» ©Iwacu

Aracari muto, ivyo amaze gushika ko arabishima, bikaba ari na vyo bizomutera intege kugira arangure vyinshi vyiza mu mwuga wiwe wo kuririmba – Vyanditswe na Gatavu Daniyera Matabaro Patient, aheruka gutsinda ihiganwa ryitiriwe “Primusic” ryatunganijwe n’ishirahamwe Brarundi.Uwo musore, yavukiye mu Nyakabiga ya 3, kw’ibarabara rya 14 mu mwaka w’1992. Matabaro […]

Inkuru yose

Agaciro ka kuki kuka inka

Padiri Kagabo Ribori: “Ni  inzoga iryoshe y’icubahiro.” ©Iwacu

Mu rubanza rwo gukwa umugeni , ntihigera hahara inzoga bita iy’akuki, iyo nzoga ihabwa abakwe mu cubahiro cinshi cane ndetse bakayihabwa n’abakenyezi bubatse – Vyanditswe na Gatavu Daniyera Inzoga y’ akuki ni inzoga itanyobwa n’uwo ari we wese. Yanyobwa n’abubahwa mu rubanza rwo gukwa . Mu mico y’ikirundi , umukwe […]

Inkuru yose

Abavuga ijambo ry’urubanza boramutsa kumwe

Kazoviyo Jereturuda : “Indamutso ivana naho uba uri  n’icabakoranije.” ©Iwacu

Haraheze iminsi, umukuru w’igihugu asavye ko abaramutsa imbere yo gushikiriza ijambo boza barakoresha indamutso ikurikira: «Tugire amahoro ubumwe , ibikorwa n’ubutungane.» Kazoviyo Jereturuda, umwigisha wa Kaminuza asanzwe ari umuhinga mu kwihweza amajambo, abituyagirako – Vyanditswe na Gatavu Daniyera Umupfasoni Kazoviyo amenyesha ko indamutso y’ijambo ivana n’igihe umuntu aba arimwo kandi ngo […]

Inkuru yose