Amakuru yo mu ntara

Rugombo-Cibitoke: Cogerco n’abarimyi ntibacana uwaka

KImwe mu bikamyo vya Cogerco ©Iwacu

Ku bw’abirimizi bo muri komine Rugombo, ihinguriro ry’ipampa(Cogerco) rishaka kwihagira amatongo yabo kugira rihatere ipampa.-Vyanditswe na Jagisoni Bahati « Ni abajejwe intwaro batwizeye baraduha iyo mirima .» Bivugwa n’abarimyi. Uko babibona, kubakura mu matongo bisigura kutubahiriza ivy’abandi. Bemeza kuba bamaze imyaka irenga 30 bayakoreramwo. Nk’uko babandanya babivuga, Cogerco ngo nta […]

Inkuru yose

Cibitoke : Umwe mu ndongozi z’umugamwe uri ku butegetsi yagirizwa gufatana ku nguvu

Umunyamabanga nshingwabikorwa wa Cndd-Fdd muri komine Murwi yarafatiwe ku mwana ariko aramushurashuza. Abaharanira agateka ka muntu bavuga yuko ari icaha gihambaye, bagasaba ko uwo mugabo yohanwa bikomeye. – Vyanditswe Bahati Jagisoni Umugabo yitwa Ntakirutimana Guy Regisi yafatiwe ku mwigeme w’imyaka 16 ariko aramusurashuza. Hari kw’igenekerezo rya 14 Ruhuhuma 2014 nk’isaha […]

Inkuru yose

Bururi : ibigori vyakuze bisumba ibitoke

Joas

Ibigori vyarabaye birebire ariko ntivyaheka. Igituma ngo ni ikoreshwa ribi ry’umwavu w’ikizungu hamwe n’ukubura abafundi b’indimo. – Vyanditswe na Bigirimana Kirisiyano Ntibitahuritse ! Ntaho vyakabonetse. Ku mutumba Nyazuba wo muri zone ya Bitezi iri muri komine Matana y’i Bururi, imirima y’ibigori yarakuze biba inganzamarumpu. Bimwe vyararehutse ku buryo bireha n’imitsinda y’ibitoke. […]

Inkuru yose

Gitega: ubwoba burabatekeye

Imwe mu miduga yagenewe kuzimwa umuriro  iriko ikora imyimenyerezo kw’isoko nshasha ©Iwacu

Mu gihe Isoko ya Gitega imaze imisi mike yuguruwe, irabangamiwe n’umuriro woshobora kwaduka. Inzira za vya biduga bizimya hamwe ziraga ahandi ntazihari. – Vyanditswe na Manirakiza Yohani Noheri Ku bw’abahinga mu vyerekeye kurwanya umuriro, Isoko nshasha ya Gitega ntiyubatswe hubahirijwe ibijanye n’umutekano wayo. Inyubakwa ntizifise uburyo bwo gutabariza umuriro. Ivyumba […]

Inkuru yose

Gitega: Ntibacana uwaka

Utuzu dukozwe mu mbaho turi ku mpande z’isoko y’i Gitega

Igisata kijejwe gutunganya ibisagara i Gitega catanze indwi zibiri ku bafise utuzu tw’ukundanzarizamwo dukozwe mu mbaho canke mu vyuma turi ku mabarabara ko boba badukuyeho. Bagirizwa kugwiza umwanda ariko barabihakana. – Vyanditswe na Manirakiza Yohani Noheri Ntamatungiro Ruka, umwe mu bafise utwo tuzu two kudandarizamwo ati: «Bashaka yuko tuja hehe? Ntaho […]

Inkuru yose

Ruyigi : Icibwa ry’ibiti vyo ku mutumba Kirasira ririmwo igipfungu

Ni nde yatanze uruhusha rwo guca ibiti vy’amapinusi ku mutumba Kirasira muri Butezi? Ni ivyo abanyagihugu bibaza batwawe n’ishavu. Yaba musitanteri, buramatari canke uwujejwe amashamba nta wubizi. – Vyanditswe na Manirakiza Fabirisi «Ibibera ku mutumba Kirasira bisiga ubwenge», uwo ni N.K, yidoga atamariye amaseteri y’ibiti atonze kw’ibarabara rya Ruyigi-Butezi. Ibiti biteye […]

Inkuru yose

Cibitoke : Agahengwe ku bagore bafise ingwara yo mu kigo bo mu Cibitoke

Hari umugambi wo gufasha mu kuvura abakenyezi bagwaye ingwara yo mu kigo. Kuri bo akanyamuneza ni kose kuko vyabasaba uburyo burengeye amikoro yabo. – Vyanditswe na Bahati Jagisoni  Abakenyezi bagwaye ingwara yo mu kigo, ari yo bita ingwara yo kujojota, bagiye gufatwa mu mugongo mu bijanye n’imiti biciye ku mashirahamwe […]

Inkuru yose

Kayanza/Ishure ryisumbuye rya Musema : «vyose ni poritike!»

Irembo ry’ishure rikuru rya Musema. ©Iwacu

Hari icuka kibi hagati y’abarerwa, abigisha bamwe bamwe n’ubuyobozi. Aho ni kw’ishure ryisumbuye rya Musema muri komine Butaganzwa. Inyuma yavyo ni poritike. – Vyanditswe na Bukeyeneza Arumeri-Jiriberi C.H, umunyeshure wo kw’ishure ryisumbuye rya Musema, avuga ko yarenganijwe: «Mu gice ca mbere twafashwe tuvuye hanze tudafise uruhusha turi umurwi, ariko nahanywe jenyene.» […]

Inkuru yose

Rumonge : amahera y’ibitabo n’ay’ivyumba vy’ubushakashatsi akora iki?

Kw’ishure rya komine Rumonge ryitwa Lycée Urbain, nta cumba c’ubushakakashatsi kihari, ibitabo bihari na vyo ntibijanye n’ibihe tugezemwo. Abavyeyi basaba ko amafaranga batanga y’ibitabo yo kurwaho. – Vyanditswe na Nzorubananya Ferigisi Ku bwa sabunogera Porosuperi arongoye iryo shure, amafaranga y’ivyumba vy’ubushashatsi hamwe n’ay’ibitabo bayashira kuri konte y’ubushikiranganji bw’amashure yisumbuye. Avuga […]

Inkuru yose

Cibitoke: hari ubukene bw’ibitabo n’ivyumba vy’ubushakashatsi

Marinkumbu  Sandirine yicaye aho akorera  ©Iwacu

Mu mashure nka yose yo mu ntara y’indero ya Cibitoke hibonekeza ubukene bw’ibitabo n’ivyumba vy’ubushakashatsi. Abavyeyi baravyidogera. – Vyanditswe na Bahati Jagisoni Ishure rya komine Muyange muri komine ya Mugina ryatanguye gukora mu kwezi kwa Nyakanga mu mwaka w’2007. Ryatanguranye ibirasi bibiri vy’amashure yo mu mwaka w’indwi. Ku bwa, Marinkumbu […]

Inkuru yose