Amagara y'abantu

Nyarusange : imirima y’imboga, umuti w’ugufungura nabi

Umurimyi ariko yerekana imboga ziteye igomwe ©/Iwacu

Mu guhangana n’ukwaga kw’amatongo, abarimyi bo muri komine Nyarusange bariko barimenyereza gutunganya imirima y’imboga.-Vyanditswe na Manirakiza Yohani-Noweri « Ntitukigura imboga canke ibitunguru. Tubisoroma mu mirima y’imboga yacu, tugaca tuziganya amahera twasohoye. » Barekebavuge Fabiyano ni we yikeza ari mu murima w’igipimo. Mu ntumbero y’ugufungura neza, n’ukwiteza imbere mu bijanye n’ubutunzi, […]

Inkuru yose

Gishubi: Ibitaro vyo mu Ntita biri mu bukene

Ibitaro vyo mu Ntita ©Iwacu

Ibitaro vyo mu Ntita muri komine Gishubi birafise ubukene bw’abakozi, n’uburyo bujanye n’amafaranga. Umuyobozi w’ibitaro avuga yuko bituma abarwayi batavurwa neza.-Vyanditswe na Kwizera Emeri Nk’uko umukuru w’ibitaro yavyiganye, ni ibitaro bishobora kwakira abarwayi 6O. Vyubatswe mu 1970. Ariko bifise ubukene mu bitari bike, bigatuma abarwayi batavurwa neza. Muganga Nsabimana Berenarudo […]

Inkuru yose

Ibagiro ry’ I Gitega : isuku ni rike

Imitwe y’inka irunze hasi ©Iwacu

Kw’ibagirory’ i Gitega nta suku riharangwa abahakorera bagiriza komine Gitega ko iheruka gutoza itagisi ikibagira ko ryategerezwa kubagarukako.-Vyanditswe Kwizera Emeri Ushitse kw’ibagiro uhasanga amaraso menshi cane, abayangayanga bayagendagendamwo ataco bambaye mu birenge. Inyama na zo nyene bazirunda hasi, impuzu z’abayangayanga ziba zicafuye utoraba. Insazi nazo zikaduma ku nyama. Abaguzi bagura […]

Inkuru yose

Kuvuza imiti y’ikirundi

Icapa c’aho badandariza imiti y’ikirundi i Gitega ©Iwacu

Nta wuca umugani atumvise kandi ico utazi ukibarirwa n’uwakibonye. Na jewe iki kiganiro ngira ndabashikirize gishimikiye kuvyo nagiye ndabura ku bavuzi barigenze canke mu kubaza barya banda imiti mu kaguriro, kanatsinda nyokuru avyara data na mawe yanyibarutse hari imwimwe baturaze. Musanzwe muziko kuva na kera na rindi, imbere y’umuzo w’abazungu, […]

Inkuru yose

Aritemiziya ni igiterwa gishasha gikiza marariya

Mbonerane

Ishirahamwe Aluma rirwanya indwara ya marariya riherutse kwerekana yuko igiterwa citwa aritemiziya gikiza iyo ndwara. – Vyanditswe na Vyizigiro Jimi Erevisi Mbonerane Ruberuto arongoye ishirahamwe Aluma, ati: “Abashakashatsi berekana yuko kw’isi yose uko haheze imisegonda 2 indwara iba ihitanye umwana ari musi y’imyaka 5. Mu masaha 24 iba ihitanye abana […]

Inkuru yose

Amashirahamwe yo kurwanya Sida yaranaguwe

ANSS

Naho hari amashirahamwe ane yacaguwe, igice ca kabiri c’uko Ikigega mpuzamakungu gitanga amafaranga ntikiratangura. Ariko si uburyo bubuze… – Vyanditswe na Nkurunziza Rize Amatati hagati y’amashirahamwe abiri yo kurwanya Sida, ABS na RBP+, akomeye yatumye Ikigega mpuzamakungu gihagarika, mu 2012, gutanga amafaranga y’igice ca kabiri y’umugambi PRIDE. Inyuma yaho vyemerejwe […]

Inkuru yose

Abaforoma basaba kwubahirizwa mu kazi kabo

Marie Bukuru et MĂ©lance

Ama sendika y’abaforoma ari yo SYNAPA na SNTS ariyamiriza ibohwa ry’abaforoma bo ku bitaro vyitiriwe umuganwa Rudoviko Rwagasore, aho baboshwe n’abaporisi. – Vyanditswe na Vyizigiro Jimi Erevisi Intureka zabereye muri komine Kinindo, hagati y’abanywanyi ba Msd n’abaporisi, ku musi wa gatandatu igenekerezo rya 8 Ntwarante 2014, zatumye hakomereka urwaruka rwo […]

Inkuru yose

Indwara y’ubukangwe igiye gucika umugani

Rufyikri

Umukuru w’umugambi ujejwe gukinga indwara z’ivyaduka hakoreshejwe incanco, aremeza yuko mu Burundi barwanije ubukangwe gushika ku rugero rw’ibice 99 kw’ijana. Indwara y’ubukangwe ikaba iri mu ndwara za mbere zikarira abana bari musi y’imyaka 5. – Vyanditswe na Vyizigiro Jimi Erevisi Si agaseseshwarumuri indwara z’ubukangwe, agasama, ugucibwamwo, canke izifatiye mw’ihemero zibangamiye […]

Inkuru yose

Bantu b’umutima w’ikigongwe, ni mwisomere !

CELIA

Ni abana babiri, uw’imyaka munani n’uw’itandatu. Bameze nk’abandi bana, uretse ko bafise indwara y’uruhu (Ichtyose vulgaire) kandi ikaba karonda. – Vyanditswe na Sahabo Nadine Mugisha Seriya na Ndayishimiye Lenk. Ayo mazina ntayo muzi, ariko abo bana bene yo murabazi. Bompi bakunda kwicara impera y’imangazini Rayan, kw’ibarabara ryitiriwe imisiyoni (Avenue de […]

Inkuru yose

Ubuvuzi butera buja imbere

Dr Gordien

Kenshi abaganga barandikira imiti abarwayi bataravye imyaka yabo kandi birashobora kugira ingaruka mbi. Ishirahamwe ry’abaganga rirahamagarira abaganga gukarisha ubwenge mu ntumbero yo kwandikira abarwayi imiti yukuri. – Vyanditswe na Uwimana Diyana Ibiherutse gushika mu bitaro bibiri vy’abigenga biragaragaza ko ivyo kwandikira imiti abarwayi bikeneye kujana n’igihe. Abakenyezi babiri bahuriye kuri […]

Inkuru yose