Agateka kazina muntu

Gitega: ubuzima bubangamiwe !

Igirubuntu Karedi kicaye ku musaya w’ inzu aho kabaye ©O.N/Iwacu

Akana Igirubuntu Karedi kaba muri Karatiye ya Yoba mu gace Wankana karahohoterwa biteye isoni. Basaba ko korerwa mu bigo vy’ impfuvyi.-Vyanditswe na Ndayisenga Farasisiko « Uyo mwana vy’ ukuri twebwe turiko turabiraba birateye imbabazi.Uyo mwana avyukira gukubitwa akaryamira gukubitwa.Twitegereje turabona ko ubuzima bw’ umwana bugiye kuzimangana . Ehe kwashi ng’ […]

Inkuru yose

Abatavuga rumwe n’ubutegetsi nta gahengwe bagira mu mpimba

Mbonimpa Petero Karaveri : «Abo biyita ko bajejwe umutekano w’imbere mw’ibohero rikuru rya Mpimba batazira abajenerari bokurwaho, kuko abanyororo bose bangana imbere y’amategeko.» ©Iwacu

Mw’ijoro ryo kuri uwu w’Imana rishira uwa mbere harabaye akajagari mw’ibohero rikuru rya Mpimba. Abapfungwa bajejwe umutekano w’imbere mw’ibohero barugururiye ku nguvu ahapfungiwe bamwe mu banyororo batabifitiye uruhusha. – Vyanditswe na Vyizigiro Jimi Erevisi Isaha 5 z’ijoro ryo ku wa 27 Ndamukiza, abajejwe umutekano w’imbere mw’ibohero rikuru rya Mpimba bitwa […]

Inkuru yose

Abamenyeshamakuru ntiboroherejwe ku musi mukuru wabo

Alexandre UBJ

Urugendo rw’uguhimbaza umunsi mukuru mpuzamakungu wahariwe ubwigenge bwo kumenyesha amakuru rwari rutegekanijwe kuri uyu wa kabiri ntirwabaye rukiba. – Vyanditswe na Vyizigiro Jimi Erevisi Ku musi wa kabiri igenekerezo rya 29 Ndamukiza, ishirahamwe ry’abameneyeshamakuru ryari ryatunganije urugendo mu ntumbero yo gutanguza indwi yahariwe ubwigenge bwo kumenyesha amakuru. Abamenyeshamakuru batari bake […]

Inkuru yose

Abahohotera abakenyezi bahagurukiwe

Urugendo

Abakirisu bo mumashengero ya katorika na agrikane mu bihugu bigize ibiyaga binini, baragize urugendo rw’amahoro mu gisagara ca Bujumbura.Intumbero kwari ukwiyamiriza amabi akorerwa abakenyezi, kudandaza abantu no kudahana ivyaha. – Vyanditswe na Vyizigiro Jimi Erevisi Urwo rugendo rwari rwitabwe n’abakristu bo mu gihugu ca Repuburika iharanira intwaro rusangi hamwe no […]

Inkuru yose

Indwi yahariwe ubutungane kuri Manirumva Renesito

Pacifique

Imyaka 5 irarumanye icegera c’umukuru wa OLUCOME, Manirumva Renesito agandaguwe bunyamaswa, amashirahamwe yiyemeje gusaba ubutungane ku rupfu rwiwe amenyesha ko batazocika inkokora, mpaka ibihangange bivugwa birengutse mu butungane. – Vyanditswe na Vyizigiro Jimi Erevisi Kw’igenekerezo rya 2 Ndamukiza , mu gihe imyaka 5 yarisigaje indwi imwe gusa ngo ikwire Manirumva […]

Inkuru yose

Ruyigi / Butezi : impuzi zikerebutse mu rudandazwa rw’abana

Mbayahaga Yeremiya n’umuhungu wiwe: “Yagarutse umubiri warahindutse, yaramyotse. Ubu ni ikimuga.” ©Iwacu

Urudandazwa rw’abana rurakorwa na zimwe mu mpunzi z’abanyamurenge bafadikanije n’abarundi bamwe bamwe. Abavyeyi basaba abajejwe intwaro gufata ingingo zihanitse. – Vyanditswe na Manirakiza Fabirisi “Umuhungu wanje yaragiriye ivyago hariya muri Kongo”, bivugwa na Mbayahaga Yeremiya, umuvyeyi wa Nijimbere Porosuperi, wo ku mutumba Senga ubu afise imyaka 18. “Yagarutse umubiri warahindutse, […]

Inkuru yose

Umushingwamanza Rufyikiri yarahatswe kwinjizwa mu Mpimba

Rufyikiri et sa femme

Umushingwamanza Rufyikiri Zidori avuga yuko ivyo yagirizwa ari irementanya, yararekuwe inyuma y’amasaha ane n’igice arenga ari muri sentare nkuru irwanya igiturire, mu gihe imitahe yo kumwinjiza mw’ibohero rikuru rya Mpimba yari yamaze gusohorwa. – Vyanditswe na Vyizigiro Jimi Erevisi Mu gihe sentare nkuru irwanya igiturire imaze imisi yagiriza umushingwamanza Rufyikiri […]

Inkuru yose

Ruyigi: abatwa bariyamiriza abantu babiri binjiye igiporisi babiyitirira

LĂ©onidas Barakabitse

Abatwa bo mu Ruyigi basaba ubushikiranganji bw’umutekano gukura ku rutonde rw’ababirigadiye abantu babiri babiyitirira. Abo batwa bemeza ko atari abo muri bo. Ubwo bushikiranganji buti inyishu igiye gutangwa vuba. – Vyanditswe na Manirakiza Fabirisi «Uretse jewe, nta wundi mutwa n’umwe afise urupapuro rw’umutsindo mu ntara ya Ruyigi », vyemezwa na Barakabitse […]

Inkuru yose

Ikigo gishasha co kwigisha gutunganya imigambi abagendana ubumuga

Ikigo co kwigisha abagendana ubumuga ©Iwacu

Urunani rw’amashirahamwe y’abagendana ubumuga(UPH) rufashijwe n’ishirahamwe Liliane fonds ryo mu gihugu ca Hollande ryarubatse ikigo cigisha gutunganya imigambi abagendana ubumuga bahejeje amashure y’imyuga bakabura ubuzi. – Gatavu Daniyera Ico kigo kiri muri komine ya Kanyosha mu gisagara ca Bujumbura. Kigizwe n’inyubako yagutse cane irimwo aho bakorera ndetse naho batangira inyigisho […]

Inkuru yose

Ikigo «Mariya arafasha » kiritayeho abana bo mw’ibarabara

Abana baba mu kigo “Mariya arafasha”  ©Iwacu

Abana bo mw’ibarabara 109 ni bo bakurikiranwa n’ikigo “Mariya arafasha”. Abo bana barashima ubuzima babayemwo muri kino gihe. – Vyanditswe na Bayaga Manyusi Ushitse ku musozi Gikungu muri komine Gihosha ahari ikigo “Mariya arafasha”, uhasanga abana baharerewe. Ivyo bakenera mu buzima bwa misi yose vyarategekanijwe. Abana bataha muri ico kigo […]

Inkuru yose