Bururi : ibigori vyakuze bisumba ibitoke

Ibigori vyarabaye birebire ariko ntivyaheka. Igituma ngo ni ikoreshwa ribi ry’umwavu w’ikizungu hamwe n’ukubura abafundi b’indimo. – Vyanditswe na Bigirimana Kirisiyano

Joas

Maregeya Yowasi: «Baduha ibintu dushira mu mirima yacu, ariko nta n’umwe aza kudusigurira uko bikoreshwa» ©Iwacu

Ntibitahuritse ! Ntaho vyakabonetse. Ku mutumba Nyazuba wo muri zone ya Bitezi iri muri komine Matana y’i Bururi, imirima y’ibigori yarakuze biba inganzamarumpu. Bimwe vyararehutse ku buryo bireha n’imitsinda y’ibitoke. Ni imirima y’ibigori itangaje.
Ibitari bike muri vyo ntivyashoboye guheka. Abanyagihugu bamwe bamwe bo ngaho i Nyazuba, mu gusigura ivyo bintu bavuga yuko vyoba vyaturutse ku mwavu w’ikizungu mubi watanzwe n’umugambi w’igihugu utanga ifumbire y’ikizungu mu Burundi (PNSEB).
Madida Tiyeni, umwe mu baba kuri uwo mutumba, ntarya umunwa: abajejwe intwaro ni bo batanze uyu mwavu w’ikizungu wari wagenewe ibiterwa vy’ikawa n’ibigazi. «Atari uko ntivyari gushikira ubwo burebure», vyemezwa n’uwo munyagihugu. Abandi banyagihugu b’i Nyazuba bavuga yuko hatagira abafundi b’indimo. «Baduha ibintu dushira mu mirima yacu y’ibigori nta n’umwe aza kudusigurira ingene bigenda canke urugero dushobora gukoresha uko rungana»,uwo ni Maregeya Yowasi wo kuri uwo mutumba abivugana umwikomo.Abanyagihugu bo ngaho bakoresheje uwo mwavu mu buryo batazi canke bakigana abandi.Maregeya aracibuka yuko abatari bake bari baronse umwavu wo mu bwoko bwa Urée, KCL na DAP ariko ko ata n’umwe yashobora kuzitandukanya muri ubwo bwoko bwazo: «Abantu baciye bahuka bakora uko babonye ku babanyi babo none raba ivyavuyemwo.» Ivyo biriyamirizwa na Habonimana Berenarudo, umuyobozi w’uburimyi n’ubworozi mu ntara ya Bururi. Avuga yuko ingorane yorondererwa ahandi. Ngo afatiye ku biharuro vyo mu buyobozi arongoye, ikomine ya Matana ni yo iza kw’isonga mu gukoresha umwavu w’ikizungu mu makomine yose agize intara ya Bururi: «Si umwaka wa mbere bakoresheje umwavu w’ikizungu. Umwe wese arazi ko babwirizwa gukoresha n’imiburiburi iyikwiye akarumyo k’icupa ry’ikiyeri mw’ibango.»

Ntibabanza kuraba akarere babamwo

Ku bw’uwo muyobozi, abanyamatana batera imbuto batabanje kuraba akarere babamwo: «Barazana imbuto ziturutse mu ntara za Gitega canke Bujumbura kuko babonye izo zimbuka cane aho hantu kandi tutari ku rugero rumwe rw’uburebure bw’imisozi.» Habonimana Berenarudo yagiriza abo banyagihugu kuba bazanye i Matana, naho bari bagabishijwe, imbuto ziva mu gihugu ca Tanzaniya. Aranamenyesha yuko yabasanze akatari gake ku kivi ajanye n’umurwi warungitswe n’abo mu gisata Isabu: «Twari twabahanuye yuko bofungura izo mbuto zivanze (hybride) zose kandi ko batosubira ku kuzitera ariko ntibabikoze.» Naho biri uko, Habonimana Berenarudo aremera yuko hari ingorane ku vyerekeye abafundi b’indimo: bafise urugero rw’amashure ruto cane kandi na bo nyene ubwabo nti bama batahura ikoreshwa ry’uwo mwavu w’ikizungu. «Abatari bake muri bo bagarukiye mu mwaka wa gatandatu w’amashure y’intango mu gihe babwirizwa kugira n’imiburiburi urupapuro rw’umutsindo rwa A3 kugira bashobore gutegera amajambo yose y’ubuhinga akoreshwa muri ico gisata.» Ikinyamakuru Iwacu cararondeye ubuyobozi bukuru bw’uburimyi, umugambi PNSEB na Kayitesi Odeta, umushikiranganji w’uburimyi n’ubworozi kugirango bagire ico babivuzeko ariko ntivyakunze.

PNESB, ni umugambi washizweho na reta mu ntumbero yo gushikiriza abarimyi borozi umwavu w’ikizungu kugirango bashobore kurwanya inzara mu Burundi. Ni umugambi watanguye mu 2013 ukaba uraba ubwa mbere abarimyi b’ibiterwa mbumbarugo. Umurimyi wese aronka muri kino gihe ibiro 25 vy’uwo mwavu mu gihe mu myaka iheze atarenza ibiro bitatu. Itangwa ry’uwo mwavu rica ku ntambwe zitandukanye, ari nko kwandika imihana izowuronswa, gutanga amafaranga ya mbere 5000 ku mufuko w’ibiro 25, kuyinjiza mu gihugu, hakurikira gutanga amafaranga 22500 hanyuma uwo mwavu ugatangwa, ugizwe na UREE, DAP na KCL.

 

Amasezerano y'abayagira kur'urubuga ngurukanabumenyi rwa IWACU

Ivyiyumviro n'ibivugirwa hano ntibitegerezwa kurenga amategeko y'umubano mwiza. Mu bibujijwe kwandikira hano, harimwo amajambo y'amacakubiri afatiye ku bwoko, ibitsina, ukwemera kujanye n'idini, gutyozanya canke gutukana, amajambo ahamagarira gucanamwo, canke aza atanga amakuru ajanye n'ubuzima bwihereranye bwa muntu. Ikibujijwe kandi ni ugukoresha amasanamu canke ivyandikwa vy'abandi udatomoye isoko yavyo.
Iwacu ntizotiriganya mu gufuta icanditswe cose coza kirenga kuri ano masezerano, canke ivyanditswe bisubiwemwo, bitanzwe bitajanye n'inkuru vyandikiweko, bihayagiza ibidandazwa canke bidashingiye ku kwubahana hagati y'abahurira hano. Icanyuma : intererano izogirwa mu ndome nkuru izofutwa vuba.

Kwongerako iciyumviro

Votre adresse de messagerie ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *