Bujumbura rural : biragoye kumenya aho begamiye muri poritike

BRANDING_COLOR KIRUNDIMu mwaka w’2010, abitoza barakwiye ibisagara n’imitumba biyamamariza guserukira abayanyagihugu. Ko bemereye vyinshi abanyagihugu, inyuma y’imyaka itanu hahindutse iki ? Ikinyamakuru Iwacu ciyemeje gushikira abanyagihugu bo mu gihugu hagati mu mihingo ya kure, maze bashikirize uko babibonye, n’ico biteze ku matora yo mu 2015. Muri iyi ndwi Iwacu yashitse mu ntara ya Bujumbura (rural).-Vyanditswe na Ngabire Eriza na Bukeyeneza Arumeri Giriberi

—————————————————————————————————————-

Intara yasinzikajwe n’intambara yabaye ikirimbiro ry’imirwi yarwana. Bujumbura rural igomba guhindura ishusho. Ico bipfuza ni ukwiyubaka. Ubwicanyi bushingiye ku vya poriike, ukunyuruza abantu, ugutuza abantu n’ibindi, ni vyo vyari bihanze abo mu ntara ya Bujumbura imbere y’amatora yo mu 2010.

Ibiro vy’intara birahimbaye abavuka mw’Isare ©Iwacu

Ibiro vy’intara birahimbaye abavuka mw’Isare ©Iwacu

Nta wari azi ko kw’ibarabara Bujumbura-Bugarama ari ryo n°1 rica mu makomine ya Mutimbuzi (igice gitoya), Isare na Mubimbi hobonetse amahoro. Ubu, uriko urarengana ubona amabendera y’imigambwe CNDD-FDD, Sahwanya Frodebu na Sahwanya Frodebu Nyakuri iragi rya Ndadaye ahungabana co kimwe n’ingoro z’iyo migambwe uri kuri iryo barabara. Abanyagihugu barafise akanyamuneza. Umuhumure Ntakirutimana Damiyano, afise imyaka 70, aremeza ko umwizero wagarutse. Ubu abantu ngo ntibagihigana nk’inkoko n’akagomba nk’uko vyari mu 2010.
Ubu bahurikiye mu migambwe itandukanye nta wurya urwara uwundi. Urudadandazwa ni wo murimo nyamukuru winjiza amafaranga. Aho na ho, nk’uko abo banyagihugu babivuga, ngo ni ukugira ntibasamazwe n’ivya poritike.
Intambara yarabasize imvune mu mutima. Uwo ubajije umugambwe arimwo,ashima kwirengagiza inyishu ati: “Ivyo ngaha biragoye. Guhengamira mu mugambwe vyabaye ico umuntu umwe wese yimenyamwo. Twarababjwe na poritike n’ubu turacaririra abacu.” Bivugwa n’umupfakazi Rurankanira Maderena afise imyaka

Ishusho nshasha

Kw’ibarabara rya Bujumbura-Ijenda, abanyagihugu bemeza ko kuja mu mugambwe biraba umuntu ukwiwe. Ikibahanze ngoo ni ugusanura intara ©Iwacu

Kw’ibarabara rya Bujumbura-Ijenda, abanyagihugu bemeza ko kuja mu mugambwe biraba umuntu ukwiwe. Ikibahanze ngoo ni ugusanura intara ©Iwacu

Isare yarahinduye ishusho, haraheze imisi mikeya. Ngo igihimbaye ni ibarabara rishika ku nyubakwa ikoreramwo abajejwe intwaro. Umwe ati: “Iyo nyubkwa ni agateka ku bavukantara. Kare intara yacu ntiyigenga. Yakorera mu gisagara ca Bujumbura. Ivyo rero vyaratera amadidane kuri izo ntara zibiri zinitiranywa kubera amazina.” Misago rero arashimira abo bitoreye kubona ataco batakoze kugira ngo ivyo babishikeko. Kw’ibarabara ugana umurwa ukuru w’intara, kw’ibarabara ryitiriwe mahoro, hari ikigwati giciyemwo amaparasera kandi hubatsewo inzu za kijambere. Ni site ya Kigezi (zone Rushubi), igenewe Abahutu n’Abatutsi.Nk’uko umusore Nahimana Jean de Dieu abivuga, ngo abahaba benshi ni abakozi ba Reta. Nta bendera ry’umugambwe riharangwa. Nko ku birametero bibiri uvuye ku murwa mukuru w’iyo ntara, mu kabande, hari inyubakwa nini n’amabati aca ibibatsi, ni ingoro ya CNDD-FDD. Imbere yayo haruguru y’ibarabara mu nzu y’ingorofa, hari ibendera rya Sahwanya Frodebu Nyakuri urongowe na muganga Minani Yohani.

Nta kajambo ubumvako…

Ku murwa mukuru w’intara haratekannye, kandi hari ibimenyetso bike vy’imigambwe. Miburo Yakobo ni umwigisha. Aratanga insiguro: “Ni ukubera umutekano w’abanyamugambwe. Inguvu z’umugambwe ntizigaragarira mu gukwiza amabendera irya n’ino.” Uko ni ko bimeze no mu yindi mihingo y’iyo ntara ufashe amabarabara Bujumbura-Ijenda canke Bujumbura Rumonge. Aho na ho ni mu makomine ya Kanyosha, Mukike,Mugongo-Manga, Nyabiraba, Bugarama, Kabezi, Mutambu, na Muhuta.
Ku mabarabara, usanga abantu baho bijukiye urudandazwa, mugabo biragaragara ko bagifise imvune basizwemwo n’intambara. Hari aho uza urabona ibihomoka vy’inzu zasambuwe mu ntambara yo mu 1993 canke inyuma yaho mugabo gishika ubu zitasanuwe. Abanyagihugu bamwe bamwe bavuga ko bababajwe n’ukubona hatitwararitswe gusanura ivyasambutse.
N’aho nyene, abantu baho si ibishinyirabusa. Ubaravye ntibapfa iryo bavuze. « Vyiza ni ukwihorera » ni ko bavuga. Naho biri uko, amabendera ya CNDD-FDD na Sahwanya-Frodebu Nyakuri, mu bice bimwe bimwe naho ukahasanga ay FNL, MSD,Uprona, Sahwanya Frodebu na Paside.
Kagabo Ferisiyano, umunyagihugu wo muri zone Magara muri komine Bugarama afise imyaka 45 aratomora ati : « Dushize ku ruhande ivy’imigambwe turimwo tutanabigaragaza, twese hamwe dushira imbere gusanura intara yacu yasinzikajwe n’intambara. »

Ivyo bafatirako

.Mu 2010 abari biyandikishije ngo bazotore bangana 226 495.
.Aho batorera hangana 236
.Mu matora yo mu 2010, imigambwe yahiganwa yari 8: CNDD-FDD, FNL,Uprona,MSD, Sahwanya Frodebu, Sahwanya Frodebu Nyakuri Iragi rya Ndadaye, UPD na MRC. Hari na Bishahushi Ferederiko yitoza ku gatwe kiwe.
.Ku ntebe 145, FNL yabaye iya mbere yaronse 85. CNDD-FDD ni yo yakwirikiye yaronse intebe 50. Iyindi migambwe yahavuye igabangana intebe 30.
.Imigambwe itatu CNDD-FDD, Uprona na Sahwanya Frodebu Nyakuri ni yo yahavuye isigara mw’ihiganwa mu gihe iyihurikiye mu runani ADC-ikibiri yari yakuyemwo akarenge. CNDD-FDD yaciye ironka abashingamateka 4, Frodebu Nyakuri 2, Uprona na yo ironka 1.

Ivyo abitoza bemereye abanyagihugu

“Igikorwa cacu ni ugutora amategeko agirira akamaro abanyagihugu”
Gasutwa Bonavaturo, umushingamateka yatowe mu ntara ya Bujumbura aratomora ati: “Mu vyo nemeye hari ivyarangutse n’ibindi bitakunze mugabo bitamvuyeko.” Avuga ko imigenderanire itoroshe yari yemeye gusaba amabarabara. Ikindi yari yemeye, ngo ni ugusanura ibitaro n’amabarabara vyari vyifashe nabi. Uretse ivyo, harimwo kwubaka amashure, no gutora amategeko yorohereza abanyagihugu. Aremeza ko yatakamvye asaba iterambere. Ivyashitsweko na vyo ngo biraushimisha. Ati: “Ahatari hake, ayo mabarabara yaraciwe biciye mu mugambi PTPGU ukorera mu ntara za Bujumbura, Bururi na Ruyigi.”
Mw’ikomine avukamwo ya Mugongo-Manga, amenyesha ko ishure ry’intango rya Kanyunya ku musozi wa Rwiyago ryashikana mu wa kane gusa. Ubu ngo barubatse ayandi masomero ku buryo ari ishure ry’intango ryikwiye. Vyari bikenewe kandi kugabanya abanyeshure mu masomero kubera biga ari benshi cane mw’isomero rimwe. Amenyesha ko yikoze ku mupfuko wiwe kugira ngo arihe abakozi. Arashima ukugene abanyagihugu bitavye akamo kiwe bakitanga mu kugura ibikoresho. Mugabo rero aranegura ukuntu ibiro vy’umukuru w’igihugu vyabahaye isima nabi ati: “Batanga gake gake”. Uwo mushingamateka aributsa ko ibanga rya mbere ry’umushingamateka ari ugutora amategeko agirira akamaro abanyagihugu. Mugabo rero aricuza kubona itegeko rigenga umurwi ujejwe amatongo n’ayandi matungo ryaratowe, irigenga umurwi ujejwe kumenya ukuri n’ukunywanisha Abarundi n’ayandi. Ati: “Ni amategeko yatowe harimwo utunenge kubera ko CNDD-FDD ari yo yari ifise abashingamateka benshi.”
Naho biri uko, yarahimbawe cane n’ukubona integuro y’itegeko ry’ibwirizwa nshingiro isubijwe muri Reta Ati: “Uprona yararwanije iyo nteguro kandi vyarakunze.” Ikinyamakuru Iwacu cararondeye kenshi abashingamateka ba CNDD-FDD na Sahwanya Frodebu Nyakuri mugabo vyaranse ko tubaronka. Mugabo rero abanyagihugu bavuga ko bari babemereye amabati kugira basanure amazu yasambuwe n’intambara, gusanura amabarabara n’amazi meza.

Abanyagihuguhari ivyo banegura n’ivyo bashima

Amabombo yubakiwe abanyagihugu bamwe bamwe bo muri Bugarama. Ni ivyakozwe bashima ©Iwacu

Amabombo yubakiwe abanyagihugu bamwe bamwe bo muri Bugarama. Ni ivyakozwe bashima ©Iwacu

Abanyagihugu bo mu ntara ya Bujumbura barahuriza ku kamaro k’abo bitoreye mw’iterambere. Bamwe bavuga ko batababaye hagufi. Abandi na bo barashima ko abo bitoreye atako batakoze.
“Ndashobora guhara incuro umshingamateka Ferisiyano, umuhungu wa Maganya yaduhuje kugira ngo yumvirize ibiduhanze? Nta na rimwe.” Bivugwa na Ndogondogo, avuka mu Kabezi. Ku bwiwe, abashingamateka bamaze gutorwa bitwararika ivyabo, aho kuraba inyungu z’abanyagihugu. Baranyitondeye Yozefina na Nshimirimana Dafuroza ni abapfakazi. Bamenyesha ko abashingantahe babo bahitanywe n’intambara mu 1993 no mu 2002. “Inzu zacu zaturiwe n’imirwi yarwana.” Mu 2010 ngo barabemerera ko bazobasanurira ayo mazu yabo. Ikibababa rero ngo ni uko abo bitoreye batabagendera, ahandi hoho ngo biba vyaratorewe umuti. Ndayambaje Faransine afise imyaka 20 akaba na we nyene avuka mu Kabezi. Na we arababazwa n’ukuntu ibiciro vy’ibintu vya nkenerwa biguma biduga. Ati: “Ntitugishobora kugaburira imiryango yacu, kwivuza n’ibindi.”

Ivyo biri uko mu gihe umushingamateka Ferisiyano ngo yari yemeye ko atowe azovugira abanyagihugu. Atarya umunwa, uwo mupfasoni avuga ko naho abashingamateka bavuga ko akamaro kabo ari ugutora amategeko, ngo ayo mategeko batora agenga abantu bazima atari abapfuye. I Mubimbi, abanyagihugu bo ku musozi wa Mumanda barababazwa n’ukunti ata mabombo bafise. Kugira ngo baronke amazi meza, ngo babwirizwa kugenda ibirometero bine. Abanyagihugu basaba ko abashingamateka bobabwira ivyanse canke ko badashoboye kubavugira kuko iyo ngorane barayizi kuva kera. Bwampamye Karori w’i Muhuta na we avuga ko batagira amasomero. Abanyeshure 120 ngo urabasanga mw’isaomero rimwe. Ati: “Ivyo biratandukanye cane n’ivyo bama bavuga ngo kwigisha abana bose ku buntu, ari vyo bashira imbere mu 2010.

Ndabaniwe Yohani, ni umuhumure afise imyaka irenga 70 aba i Mugongo Manga ntarya umunwa: “Ni twebwe ubwacu tuja kwironderera imbuto zirobanuye kandi duterateranya amafaranga kugira ngo twiyubakire ishure n’ibindi. Mugabo akavuga ko abitahura ati: “Si ikosa rya Reta canke abo twatoye bafise ibibahanze vyinshi bijanye n’uburyo.”

« Abo twitoreye baritaye ku rutare »

Gasutwa Bonavanturo: Twaravugiye abanyagihugu none amabarabara amwe amwe yarasanuwe  ©Iwacu

Gasutwa Bonavanturo: Twaravugiye abanyagihugu none amabarabara amwe amwe yarasanuwe ©Iwacu

Mbonimpa Yeremiya, avuka i muri komine Bugarama, aratangazwa cane n’ukudashima kw’abanyagihugu. Ku bwiwe, umushingamateka Habonimana Odeta yama yabagendeye. Ati: “Ni miburiburi aba ari mu misozi kabiri mu ndwi.” Avuga ko uwo mushingamatekakazi yashikije ivyo yemereye abanyagihugu kubera ko imisozi ya Mugendo, Kazige, Magara ya 1 irafise amazi y’amabombo kubera we. Uwo munyagihugu yongera avuga ko ico uwo Habonimana yari yemeye kindi kwari ukugarukana amahoro n’umutekano. Akagira ati: “Ikomine yacu ni akarorero mu kubumbatira umutekano”
Ngendanzi Barutoromeyo w’imyaka 34, avuka muri komine Muhuta. Avuga ko abashingamateka bashikije ivyo bari bemereye abanyagihugu. « Ibitaro vy’i Mubanga bikora uyu musi kubera ukwitanga kw’abashingamateka. »
Abanyagihugu b’i Mutimbuzi babibukira kuw’isanurwa ry’ivuriro n’iyubakwa ry’ishure ryisumbuye rya komine riri mu Rubirizi. Ivyo bikaba vyashobotse kubera kwikora ku bagiraneza.
Gisyeti Erike, ni umukuru w’umutumba Kanyunya. Arashima ukuntu umushingamateka Gasutwa yitangira umutumba avukako. Ati : « Uwo twitoreye yaradusabiye ishirahamwe Cord riraduha amazi meza ku buryo nko mu mezi atatu isoko rya Ngoma-Mukonko rizoba rikora. Ngira ngo n’abandi bashingamateka boba babikora iyo bavuka.»

Ivyobasaba mu 2015

Abanyamubumbi basaba ko ibarabara rihuza iyo komina na Rugazi muri Bubanzaryosigwa kaburimbo. Minani Musa amenyesha ko ari ngirakamaro kubera ko n’Abanyarwanda baraza kuhasumira. Arafise impungenge ko iryo barabara rishobora kwononekara kubera ko amakamyo azana ibidandazwa hanze ari ho aca iyo aje i Bujumbura.
I Muhuta, guheraheza ibikorwa vyo kwubaka ibarabara Gitaza-Mubanga ni wo mwitwarariko w’abanyagihugu kugira ngo urudandazwa rutere imbere. Umwe ati : « Ubuzima buzimye kubera ko ata buryo buriho bwa gushikira abanyagihugu birimizi badandaza ku giciro gitoya. » Ikindi na co ngo ni ukubaronsa ivuriro, bikunze hoho bogira ibitaro. « Abanyagihugu b’i Mubanga babwirizwa kugenda ibirometero 18 kugir bajane umurayi kwa muganga mu Gitaza. » Ivyo rero ngo birateye ingorne zidasanzwe na cane cane abakenyezi baba bakeneye kwibaruka, abasaza canke abarwaye cane.
Ibindi bisabwa muri iyo ntara ni ukugabanura ibiciro vy’ibifungurwa, kubaronsa umuyagankuba ku mirwa mikuru imwe imwe kugira bifashe urwaruka gukora imyuga yo gusudira, kumwa, n’ibindi biri mu vyitezwe mu migambi yo mu 2015.

Amasezerano y'abayagira kur'urubuga ngurukanabumenyi rwa IWACU

Ivyiyumviro n'ibivugirwa hano ntibitegerezwa kurenga amategeko y'umubano mwiza. Mu bibujijwe kwandikira hano, harimwo amajambo y'amacakubiri afatiye ku bwoko, ibitsina, ukwemera kujanye n'idini, gutyozanya canke gutukana, amajambo ahamagarira gucanamwo, canke aza atanga amakuru ajanye n'ubuzima bwihereranye bwa muntu. Ikibujijwe kandi ni ugukoresha amasanamu canke ivyandikwa vy'abandi udatomoye isoko yavyo.
Iwacu ntizotiriganya mu gufuta icanditswe cose coza kirenga kuri ano masezerano, canke ivyanditswe bisubiwemwo, bitanzwe bitajanye n'inkuru vyandikiweko, bihayagiza ibidandazwa canke bidashingiye ku kwubahana hagati y'abahurira hano. Icanyuma : intererano izogirwa mu ndome nkuru izofutwa vuba.

Kwongerako iciyumviro

Votre adresse de messagerie ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *