Bikinga: umwaka w’indwi w’ishure nshingiro warafuswe

Ubukene bw’ikibanza c’ukwubakamwo bwatumye umwaka w’indwi w’ishure nshingiro ryo mu Bikinga ufutwa. Aho ni ku musozi Songa muri komine Gitega.-Vyanditswe na Kwizera Emeri

Umwaka w’umunani nshinghiro mu Bikinga ©Iwacu

Umwaka w’umunani nshinghiro mu Bikinga ©Iwacu

“Abana bacu bayobewe ngaha bari mw’ibarabara.” Bivurwa n’umuyobozi w’ishure nshingiro ryo mu Bikinga ku musozi Songa mu ntara ya Gitega , Bushahu Mariya Tereza. Amenyesha ko abahitiye mu mwaka w’indwi n’ubu batararonka ishure kuko ubu kuri iryo somero hari umwaka w’umunani gusa.

Uwo muyobozi arababazwa cane n’uko abavyeyi bitanga a bategetsi ntihagire ico babafasha namba. Invo y’iryo futwa ry’umwaka w’indwi nk’uko umuyobozi avyemeza yavuye kukubura ikibanza co kuryubakamwo. Nayo abavyeyi bo baguma basaba ko bokwerekwa aho bubaka, ati bariteguye gukura amaboko mu mpuzu. Bamwe mubavyeyi twasanze kuri iryo shure barabazwa n’ukubura aho bubaka mu gihe atarindi shure riri hafi.

Ahubakwa bahabura hakenewe

Ibibanza vy’ukubaka naho bibura abanyeshure bo ni benshi, n,ababisaba bakaguma ari umurengera. Umuyobozi yarafise abavyeyi 50 basabira abana ibibanza kandi bakaba baje kuva aho umwaka w’ishure utanguriye gusa.Umwe yatubwiye ati:” Umwana wanje yaranyinginze kuza kumusabira ishure kuko yiga kure sinzi ko ndarironka.” Aho ni mu gihe Tereza avuga ko abana bahiga ari umurengera:” Aha dufise abana 800 ku birasi 10 gusa. Abana bicara ari bane ku ntebe .

“ Abavyeyi baje gusaba ikibanza twavuganye basaba bashimitse kuronswa ikibanza ishure ry’ubakwamwo. Abo basaba ikibanza ca reta kiri hakurya y’ibarabara rica hafi y’ishure nshingiro ryo mu Bikinga. Ariko mu vyo amatwi abasumira ico kibanza coba caramaze kwigarurirwa n’abategetsi bamwe bamwe. Mu gihe iryo shure risanwe riri mu kibanza ca Paruwasi Mushasha. Umuyobozi asaba ashimitse abajejwe intwaro kwumvika nayo kugira hatangwe ikibanza. Ati:” Bitagenze umwimbu urashobora kugagabanuka.”
Tubamenyeshe ko Uwujejwe inyigisho z’ishure nshingiro kuri iryo shure Kwizera Iburahimu avuga ko atagikozwe mu mwaka uza n’umwaka w’umunani ushobora gufutwa.

Amasezerano y'abayagira kur'urubuga ngurukanabumenyi rwa IWACU

Ivyiyumviro n'ibivugirwa hano ntibitegerezwa kurenga amategeko y'umubano mwiza. Mu bibujijwe kwandikira hano, harimwo amajambo y'amacakubiri afatiye ku bwoko, ibitsina, ukwemera kujanye n'idini, gutyozanya canke gutukana, amajambo ahamagarira gucanamwo, canke aza atanga amakuru ajanye n'ubuzima bwihereranye bwa muntu. Ikibujijwe kandi ni ugukoresha amasanamu canke ivyandikwa vy'abandi udatomoye isoko yavyo.
Iwacu ntizotiriganya mu gufuta icanditswe cose coza kirenga kuri ano masezerano, canke ivyanditswe bisubiwemwo, bitanzwe bitajanye n'inkuru vyandikiweko, bihayagiza ibidandazwa canke bidashingiye ku kwubahana hagati y'abahurira hano. Icanyuma : intererano izogirwa mu ndome nkuru izofutwa vuba.

Kwongerako iciyumviro

Votre adresse de messagerie ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *