Baritoye baratse !

Abashingamateka baraye bemeje kubice ijana kw’ijana impinyanyuro y’itegeko rigenga ibiciro bishasha kubidandazwa . Iryo tegeko ryemejwekugira bashobore kubona ahazova imiriyaridi indwi kugira bongereze amahera reta itegekanya gukoresha mucice ca kabiri c’umwaka 2013. Vyanditswe na Vyizigiro Jimi Erevisi

Amatagisi nyongeragaciro yarakuwe kubice 18 kija kubice 10 kubintu vyankenegwa nkimiti, amazi,umwavu w’ikizungu, ibihinguwe nabarimyi hamwe naborozi ivyo vyose vyarivyabanje kwirwa n’umurwi wamaho wo munama nshingamateka ujejwe ibibazo vyubutunzi. Naho bimeze uko abashingamateka bamwebamwe barabajije ibibazo umushikiranganji w’ikigega ca reta Manirakiza Tabu Abudara yariyaje gusigurira inama nshinga mateka iyo mpinyanyuro y’itegeko rigenga amatagisi nyongerabiciro.

Umushingamateka Niyoyunguruza Metode ati : “ None reta ayo mafaranga ikeneye ntahandi yarigushobora kurondererwa batarinze kuvuna umunyagihugu asanzwe arintaho nikora?” Ico kibazo yagihuriyeko n’abandi bashingamateka aho baciye bagirako bereka umushikiranjanji ajejwe ikigega ca reta aho yarigukura ayo mafaranga. Umushingamateka Sahinguvu Ive nawe ati : “ nyabuna mugisata c’ubutare haramahera menshi ariko reta ntigomba kubifatirako”.

Iryo tegeko ryemejwe n,abashingamateka mugihe urunani rugizwe namashirahamwe 477 yiyemeje kurwanya ubuzima buzimvye kuruyu wakane igenekerezo rya 22 mukakaro yahamagariye abanyagihugu kuvyiyamiriza. Ayo mashirahamwe Barandikiye numukuru w’inama nshingamateka aho bamwereka amakenga bafise mugihe iryo tegeko ryotorwa. Ayo mashirahamwe yaranasavye ko abanyagihugu bose bokwifadikanya nayo mukwanka iryo tegeko . bamwe basavye guhagarika kunywa ibinyobwa vya Brarudi, kureka kwiyunguruza nimodoka abantu bakagenda namaguru bakabikora indwi yose, ariko ntakintu kiimwe bavanye bapfunditse ngo bagishiremungiro vuba na vuba.

Gukurako amatagisi kubidandazwa bimwe bimwe vyarigutuma amafaranga aboneka…

Umushingamateka Sahinguvu Ive atangazwa nukubona reta yiriwe irongerako ivyobice 18 kwijana ati: “ Twaheruka tuziko amafaranga reta iheba kubintu vyinjira anagana gusa nimiriyaridi 18. Ariko ubu amatwi adusumira ayo mafaranga angina nimiriyaridi 100. Kandi reta ntirashobora kudusigurira igituma yiyongereye kurugero runini nkuko. Nukuvuga ko amafaranga yonyene reta iheba kwivyo bidandazwa angana nayo iriko irarondera ahatariho.”
Abandi nabo bati:” harabantu bahenda reta ikabakurako amatagisi kuko baba bavugako bagomba bubake ibitaro canke amahoteri. Ariko bahejeje kwubaka ukazubona bahakoreye ibindi “.

Aho hatanzwe akarorero kunzu yarikuba ibitaro uyumusi ipanzwe n’inama nkenguzamateka, inzu yarikuba ihoteri mugasekebuye uyumusi ipanzwe na reta hakaba hakoreramwo ubushikiranganji bw’umutekano.
Hari nabasavyeko matagisi yotozwa kumiduga myizamyiza abantu bagura kandi harubukene . Umushikiranganji ajejwe ikigega ca reta yarasiguye igituma bibonekeje : “ mafaranga yinjira mukigega ca reta yaragabanutse.” Abajijwe igituma yagabanutse yishuyeko ikigo kijejjwe gutoza amakori OBR kiriko kirakora ivyigwa kugira kimenye neza imvo nyamukuru.

Naho amashirahamwe ahurikiye murunani rwishinze kugwanya ubuzima buzimvye yariyateye ivyatsi iryotegeko ntivyabujije abashingamateka kuryemeza ijana kwijana.

Ishusho: abashingamateka bemeje itegeko ijana kwijana.

Amasezerano y'abayagira kur'urubuga ngurukanabumenyi rwa IWACU

Ivyiyumviro n'ibivugirwa hano ntibitegerezwa kurenga amategeko y'umubano mwiza. Mu bibujijwe kwandikira hano, harimwo amajambo y'amacakubiri afatiye ku bwoko, ibitsina, ukwemera kujanye n'idini, gutyozanya canke gutukana, amajambo ahamagarira gucanamwo, canke aza atanga amakuru ajanye n'ubuzima bwihereranye bwa muntu. Ikibujijwe kandi ni ugukoresha amasanamu canke ivyandikwa vy'abandi udatomoye isoko yavyo.
Iwacu ntizotiriganya mu gufuta icanditswe cose coza kirenga kuri ano masezerano, canke ivyanditswe bisubiwemwo, bitanzwe bitajanye n'inkuru vyandikiweko, bihayagiza ibidandazwa canke bidashingiye ku kwubahana hagati y'abahurira hano. Icanyuma : intererano izogirwa mu ndome nkuru izofutwa vuba.

Kwongerako iciyumviro

Votre adresse de messagerie ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *