Barajuragizwa n’ababaha impapuro za ngombwa

Amakarata atangwa n’ishirahamwe Otraco n’ayashumbusha abagize isanganya ntiyanditseko igitigiri kimwe ku bantu imodokari bita kagongo irekuriwe gutwara. Igiporisi gica kibaca ihadabu, abazigendesha babona ko barenganywa.-Vyanditswe na Kwizera Emeri

Kagongo” z’unguruza abantu i Gitega ©Iwacu

Kagongo” z’unguruza abantu i Gitega ©Iwacu

Abo bunguruza abantu muri kagongo bavuga ko impapuro zisabwa kugira wemererwe gukora ari zitatu. Hari ikarata itangwa n’ishirahamwe rishumbusha , uruhusha rwo kugendesha umuduga, n’agakarata kerekana ko imodoka ikomeye. Bavuga ko uko zitangwa bituma bagwa mu mporero bagatanga ihadabu y’umurengera. Ingorane ziri ku makarata abiri usanga atanditseko bimwe. Kw’ikarata yerekana ko uri umunywanyi w’ishirahamwe rishumbusha abagize impanuka handitseko bemerewe gutwara abantu batanu ariko ku yerekana ko imodoka yagenzuwe ko ikomeye hakaba handitse bane.

Bidogera abajejwe umutekano

Kubera ivyo igiporisi gica kibafata kibagiriza gukoresha impapuro zidasa kikabaca ibihumbi 50 vy’ihadabu.” Turariha amashirahamwe ashumbusha abagize impanuka ariko umu polisi aca adufata atwagiriza gukoresha impapuro zidasa” Bivurwa n’icegera c’uwurongoye urunani rwabagendesha imiduga yunguruza abantu i Gitega. Abunguruza abantu muri izo modokari ntonto benshi bazi kwizinarya Kagongo bagiriza Otraco ko ibarenganya mu kubandikira abantu 4 kandi mu mashirahamwe abashumbusha bagize amasanganya barihira abantu 5.

Twarabajije muri Socabu rimwe muri ayo mashirahamwe ,iryo ryemeza ko amashirahamwe yo gushumbusha abagize impanuka bose bagize inama bakumvikana ko izo modoka zizwi kw’izina rya kagongo zitokwunguruza abantu barenga 4 harimwo n’uwuyigendesha. Ariko rero bakamenyesha ko hariho amashirahamwe yikitse mu kiza akaguma abemerera kwakira amahera y’abantu 5 kubera yishakira kwironkera amahera gusa akaba amaze n’uguhabwa ibihano.

Muri Socabu ho bakaba baranandikiye igipolisi kugira gifate abarenza abantu bane.
N’inkuru dukura mu giporisi zemeza ko uwugendesha Kagongo atarenza abantu 4 yamara kuko basanze amazu amwe amwe atanga inshumbushanyo yaremeye 5 babaye barabangira kubaca amahadabu igihe kingana n’umwaka. Aho ni mu gihe abagendesha mwe n’iyo miduga bobo bavuga ko batozwa amahadabu arenze urugero. Abo bunguruza abantu muri ” Kagongo” babona ko bafatiwe amaboko i mugongo kuko bunguruza abantu 4 gusa baha ba shebuja amafaranga atarenga 3840 y’amarundi aho hakaba ari mugihe imodoka itagize akagorane na kamwe kugira ikoreshwe nayo ahandi ho bakora bahomba.

“Kagongo” z’unguruza abantu i Gitega

Amasezerano y'abayagira kur'urubuga ngurukanabumenyi rwa IWACU

Ivyiyumviro n'ibivugirwa hano ntibitegerezwa kurenga amategeko y'umubano mwiza. Mu bibujijwe kwandikira hano, harimwo amajambo y'amacakubiri afatiye ku bwoko, ibitsina, ukwemera kujanye n'idini, gutyozanya canke gutukana, amajambo ahamagarira gucanamwo, canke aza atanga amakuru ajanye n'ubuzima bwihereranye bwa muntu. Ikibujijwe kandi ni ugukoresha amasanamu canke ivyandikwa vy'abandi udatomoye isoko yavyo.
Iwacu ntizotiriganya mu gufuta icanditswe cose coza kirenga kuri ano masezerano, canke ivyanditswe bisubiwemwo, bitanzwe bitajanye n'inkuru vyandikiweko, bihayagiza ibidandazwa canke bidashingiye ku kwubahana hagati y'abahurira hano. Icanyuma : intererano izogirwa mu ndome nkuru izofutwa vuba.

Kwongerako iciyumviro

Votre adresse de messagerie ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *