Barageramiwe !

Abakenyezi bahora badandariza inyuma y’ahahoze isoko nkuru ya Bujumbura no hafi yaho barirukanywe n’igiporisi. Basaba kuronswa ahandi bakorera. Mu giporisi bavuga ko bahabakuye ku mvo z’umutekano w’amabarabara - Vyanditswe Vyizigiro Jimi Erevisi

 Abakenyezi bacururiza hafi y’ahahora hari isoko nkuru ya Bujumbura: “Ni badutunganirize turi abana b’Uburundi twese.” ©Iwacu

Abakenyezi bacururiza hafi y’ahahora hari isoko nkuru ya Bujumbura: “Ni badutunganirize turi abana b’Uburundi twese.” ©Iwacu

Kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 21 Nyakanga 2013, abakenyezi bahora badandariza ibintu vyabo inyuma y’ahahoze isoko nkuru ya Bujumbura bazindukiye kwugariza ibiro vy’umuhuza w’abarundi. Bari baje kugaragaza akababaro kabo inyuma y’aho baburijwe n’igiporisi gusubira gucururiza inyuma y’ahahora isoko nkuru canke hafi y’amabarabara ahegereye. Iryo tegeko rikaba ryafashwe na Sayidi Juma umukuru w’igisagara kw’itariki 18 Nyakanga 2013.
Mw’itegeko umukuru w’igisagara yatanze, ni uko abo bakenyezi boja gucururiza ivyo vyamwa vyabo ahahoze hitwa “ Grenier du Burundi” aho na ho hakaba hasabwa ko umwe wese atanga amafaranga angana ibihumbi 500, abo badandaza na bo bakabona yuko ari umurengera bivanye n’akazi basanzwe bakora imisi yose.

Ntibahakana kuva muri ico kibanza


Abo badadandaza batobato baburiye ibintu mw’isoko nkuru ya kera, ntibahakana kuva muri ivyo bibanza, ariko basaba yuko bobereka ahandi babategekeranirije. Nsabimana Goreti ati: “Twebwe ntitwanse kuva harya twahora dukorera ariko ni batwereke ahandi kuko si twebwe twaturiye isoko.”
Abo badadanza bato bato gushika ubu baremeza yuko batagira aho bata umutwe n’amaguru. Girukwishaka Arida ati: “Mfise abana batanu kandi ndi umupfakazi, abana banje bafungura ari uko nacuruje ngaha, ubu hagera gutaha nkaganya kuko ntafise ico nshikana muhira.”
Abandi na bo barasaba ko botunganirizwa kuko bose ari abana b’igihugu. Ivyo babivuga mu gihe bemeza yuko abenshi mu boba barahawe ibibanza ahahoze hari “Grenier du Burundi” boba bari mu mu gambwe uri ku butegetsi Cndd- Fdd . Ntirabampa Manwera ati: “Turazi neza ko hari abo twahora tudandariza hamwe, bamwe bamwe bari muri Cndd-Fdd baronkejwe ibibanza ubwa mbere. Na twebwe dusaba yuko twokworoherezwa na twe bakaduha batatwatse amafaranga y’umurengera kandi bazi ko atayo dufise. Na twe turi abana b’Uburundi nk’abandi kandi dukeneye kwiteza imbere hamwe n’imiryango yacu.”

None boba basaba iki?

Mu gihe bari barindiriye yuko umukuru w’igisagara ca Bujumbura abaha inyishu ibereye, nkuko yari amaze kubibemerera incuro zibiri mu nama yabagirishije, yaciye abagomoreramwo igiporisi. Ntirabampa Manwera ati: “Umukuru w’igisagara ni umuvyeyi wa twese ni arabe ahantu adushira tureke gupfa twangara kandi dufise imiryango, kuko turi bene Burundi. Nti twumva ukuntu aho gutora umuti biciye mu nama n’ingingo, umukuru w’igisagara ca Bujumbura yahisemwo kudutuza mu kutugomoreramwo igiporisi. ” Umuvugizi w’igiporisi Nkurikiye Petero, amenyesha ko ari igiporisi kijejwe umutekano mu mabarabara cabakuyeho ku neza y’abaricamwo. Ati hari n’abaporisi bagwanya iterabwoba bari bashizweho kuva isoko igisha, ni bo bongerejwe n’abo baraba umutekano wo mu mabarabara.
Ivyo bibaye mu gihe isoko nshansha iriko irubakwa, itaruzura kandi itari hagati mu gisagara, abo bakenyezi bakaba bafise amakenga ko naho bobaha yo ikibanza, ibidandazwa vyabo bitazogurwa neza nkuko vyari bimeze gushika ubu. Imvo ngo ikaba ari uko hagati mu gisagara hari uruja n’uruza rw’abantu benshi kandi bava canke baja mu makomine yose y’igisagara ca Bujumbura. Gushika ubu abo bakenyezi baza barinyegeza hafi y’aho bahora bakorera kugira barindire ko igiporisi kihava ariko amaso ahera mu nzira.

Amasezerano y'abayagira kur'urubuga ngurukanabumenyi rwa IWACU

Ivyiyumviro n'ibivugirwa hano ntibitegerezwa kurenga amategeko y'umubano mwiza. Mu bibujijwe kwandikira hano, harimwo amajambo y'amacakubiri afatiye ku bwoko, ibitsina, ukwemera kujanye n'idini, gutyozanya canke gutukana, amajambo ahamagarira gucanamwo, canke aza atanga amakuru ajanye n'ubuzima bwihereranye bwa muntu. Ikibujijwe kandi ni ugukoresha amasanamu canke ivyandikwa vy'abandi udatomoye isoko yavyo.
Iwacu ntizotiriganya mu gufuta icanditswe cose coza kirenga kuri ano masezerano, canke ivyanditswe bisubiwemwo, bitanzwe bitajanye n'inkuru vyandikiweko, bihayagiza ibidandazwa canke bidashingiye ku kwubahana hagati y'abahurira hano. Icanyuma : intererano izogirwa mu ndome nkuru izofutwa vuba.

Kwongerako iciyumviro

Votre adresse de messagerie ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *