Bantu b’umutima w’ikigongwe, ni mwisomere !

Ni abana babiri, uw’imyaka munani n’uw’itandatu. Bameze nk’abandi bana, uretse ko bafise indwara y’uruhu (Ichtyose vulgaire) kandi ikaba karonda. – Vyanditswe na Sahabo Nadine

CELIA

Mugisha Seriya, umwe muri abo bana ©Iwacu

Mugisha Seriya na Ndayishimiye Lenk. Ayo mazina ntayo muzi, ariko abo bana bene yo murabazi. Bompi bakunda kwicara impera y’imangazini Rayan, kw’ibarabara ryitiriwe imisiyoni (Avenue de la Mission). Ni abana basegerereza bafise ingwara ibamyora ku ruhu. Ntivyoroshe yuko woguma ubaraba mu maso ngo urenze umusegonda: amaso yabo arimwo amaraso, ku mubiri- nimba twowita umubiri-ni ibinyamanyama vyumye, kuva ku mutwe gushika ku mano. Ni co gituma mbere babitiranya n’amafi mu kubatazira «les enfants-poissons».

Abantu barabateragiranwa…

Umuvyeyi w’abo bana Niyonzima Superansi, ntakimenya ico afata n’ico areka: «Guhera mu mwaka w’2010, nta co ntakonze kugirango ndondere uwomfasha, ariko ntakirashoboka, nk’uko womengo isi yose yaremwe ngo intere amarushwa.» Umushikiranganji wo gufatana mu nda, mu mwaka w’2010, yabahaye vyose hamwe, nk’uko vyemezwa n’umuvyeyi wabo, ibiro 50 vy’ifu y’ibigori hamwe n’akadumu k’amavuta. Arabandanya ati: «Narasubiyeyo akatari gake, ariko banyishuye yuko ikibazo canje kidashoboka.» Uwo muvyeyi hamwe n’abana biwe ngo baranamaze amezi atatu mu bitaro Roi Khaled. Aha rero akagira ati: «Barabapimye kabiri kose, ariko ntibigeze babaha n’ikinini na kimwe.» Nta kundi bari bugire, gushera ni yo nzira basigaranye kugirango bashobore kuriha amafaranga ibihumbi 65 vy’umuti wo kwisiga bandikiwe n’umuhisi muganga Ndayisaba. Uwo muvyeyi ati: «Uwo muti urabagirira akamaro bagatora agahengwe, ku mubiri ntihasubira kubarya nk’uko vyahora kandi n’amaraso yo mu maso aragabanuka…»

« Ata gikozwe barashobora kwanduriramwo kansere»

Mupera Eriya, umuganga yanonosoye indwara z’uruhu, amenyesha yuko abo bana bafashwe n’indwara y’uruhu bita Ichtyose vulgaire, indwara ya karonda. Umuti na wo bategerezwa gufata, ikinini kimwe ngo kigurwa amafaranga aharurwa mu 250.000. Ati hari n’uwundi w’amavuta wofasha yuko umubiri wabo woroha. Ku bimwerekeye, uwo muganga aremera yuko yobasuzuma ku buntu. «Abo bana bakeneye uwubakurikiranira hagufi, kubera yuko amakansere yo ku ruhu biyorohera kubafata, na cane cane kuko bama bari ku zuba ata n’uwubakurikirana.»

Mbega ubushikiranganji bwo gufatana mu nda bwobwo…

Ikinyamakuru Iwacu kibajije mu bushikiranganji bwo gufatana mu nda, Ntawembarira Inyasi, arongoye ubuyobozi bw’umwana n’umuryango, yishuye yuko biteguye gufasha mu vyo bashoboye. Ati ubushikiranganji bwotuma bubarihira amafaranga yo kwivuza. Ariko agatomora yuko bategerezwa kubanza kwandikira ikete umushikiranganji aburongoye kugirango abarire igisata kibijejwe yuko kibikurikiranira hagufi. Mu kurindira ivyo, Niyonzima Superansi arasaba uwo wese afise umutima w’ikigongwe: «Uwontabara n’imiburiburi akandihira kwa muganga kugirango nkure aba bana kuri rino zuba…»

Amasezerano y'abayagira kur'urubuga ngurukanabumenyi rwa IWACU

Ivyiyumviro n'ibivugirwa hano ntibitegerezwa kurenga amategeko y'umubano mwiza. Mu bibujijwe kwandikira hano, harimwo amajambo y'amacakubiri afatiye ku bwoko, ibitsina, ukwemera kujanye n'idini, gutyozanya canke gutukana, amajambo ahamagarira gucanamwo, canke aza atanga amakuru ajanye n'ubuzima bwihereranye bwa muntu. Ikibujijwe kandi ni ugukoresha amasanamu canke ivyandikwa vy'abandi udatomoye isoko yavyo.
Iwacu ntizotiriganya mu gufuta icanditswe cose coza kirenga kuri ano masezerano, canke ivyanditswe bisubiwemwo, bitanzwe bitajanye n'inkuru vyandikiweko, bihayagiza ibidandazwa canke bidashingiye ku kwubahana hagati y'abahurira hano. Icanyuma : intererano izogirwa mu ndome nkuru izofutwa vuba.

Kwongerako iciyumviro

Votre adresse de messagerie ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *