Asaba gufata abamuhekuye

Uyo ni umuvyeyi wa Nshemezimana Sandirine, akigeme k’imyaka 14 katowe ikiziga mu kwezi kwa Myandagaro ku gacimbiri Bisha. Asaba ko abamuhekuye bomenyekana kandi bagahanwa.Vyanditswe na Ndayisenga Farasisiko

Umuvyeyi w’umuhisi ©Iwacu

Umuvyeyi w’umuhisi ©Iwacu

« Mwebwe abamenyeshamakuru ni ukugenda mukabwira buramatatari akabarondera akabafata iyo bari hose ,afise igisoda ,afise igipolisi afise n’ iperereza ,ni abaperereze abafate kuko n’abandi bavyeyi bazobagira gutyo nyene ».Ako ni akamo kavanze n’umubabaro gaterwa n’umuvyeyi wa Nshemezima Sandirine yishwe mw’ijoro ry’uwa 24 Myandagaro bukeye agatorwa ikiziga kiri gusa. Aho twamusanze ku gacimbiri Bisha aho asanzwe aba,uyo mupfasoni yigana ingene yabuze imfura yiwe.Agira ati: »Umupfasoni w’umubanyi yaransavye umwana ngo bajane ku rubanza, jewe uyo mwana ndamumuha ndarindira ko ataha ndahebura ».Abandanya amenyesha ko bukeye yahavuye abonana na wa mupfasoni asanzwe aje mu rugo rwiwe.

Ni ko kumubaza aho umwana wiwe ari ,uyundi nawe agatangara kubona Sandirine ataraye ashitse kuko bavanye ku rubanza bagatanira nko ku metero 30 z’aho umuhisi yaba.Yamara Sandirine yoba yarasigaranye n’abandi bantu.None abo ni bande ?Umuvyeyi w’umuhisi yemeza ko wa mubanyi wiwe yatahanye n’imisore ibiri mbere akaba ari na yo yahavuye isigarana na Nshemezimana Sandirine.

Agapfungu…

Nk’uko umukuru w’agacimbiri Bisha yabitwiganiye, avuga ko iyo misore idahakana ko yasigaranye na Sandirine , yamara bavuga ko iyicwa ryiwe ata co bariziko kuko bahavuye bamusezerera aho nyene.Ariko rero, ikiziga ca Sandirine catowe aho nyene boba barataniye n’iyo misore.Ico kikaba ari na co catumye umuryango w’umuhisi,ababanyi ,abajejwe intwaro n’umutekano bikeka cane abo basore babiri gushika aho baja gupfungirwa mu gasho ka komisariya y’igipolisi mu ntara ya Gitega.Yamara inyuma y’indwi 4 bapfungiwe mu gasho ka komisariya y’igipolisi mu ntara ya Gitega n’indwi 2 bamaze mw’ibohero rikuru rya Gitega ,abo basore bahavuye barekurwa.

Umucamanza yatohoje urwo rubanza amenyesha ko ivyavuye mu matohoza biza bimaze gushikirizwa Sentare nkuru y’intara ya Gitega,ko rero urubanza ruzohamagarwa mu minsi iza. Aha akanamenyesha ko n’umushingwamanza yamaze kuronderwa kugira ashobore kwunganira uwo muryango wabuze. Nayo abo basore bagirizwa bazorungikirwa imitahe aho bazoba bari hose. Naho bimeze uko umuryango w’umuhisi uremeza yuko ataco wari usanzwe upfa n’umuryango w’abo ushirako icaha.

Ico mwiyumvira
  1. Ninde

    Baramuhekuye abo batindi raba uwo muvyeyi ingene ameze kumwicira imfura yiwe? Ikibabaje kandi cikosa abatwara bama bakora : inkozi zibibi zirafatwa bukeye kabiri zikarekugwa. Kudahanwa(impunité) nico cishe igihugu cacu namwe ni mwumve iyo misoresore ngo baciye barekura. En tt cas c révoltant kubwanje abo ntibowuvuyemwo ukuri kutamenyekanye

Amasezerano y'abayagira kur'urubuga ngurukanabumenyi rwa IWACU

Ivyiyumviro n'ibivugirwa hano ntibitegerezwa kurenga amategeko y'umubano mwiza. Mu bibujijwe kwandikira hano, harimwo amajambo y'amacakubiri afatiye ku bwoko, ibitsina, ukwemera kujanye n'idini, gutyozanya canke gutukana, amajambo ahamagarira gucanamwo, canke aza atanga amakuru ajanye n'ubuzima bwihereranye bwa muntu. Ikibujijwe kandi ni ugukoresha amasanamu canke ivyandikwa vy'abandi udatomoye isoko yavyo.
Iwacu ntizotiriganya mu gufuta icanditswe cose coza kirenga kuri ano masezerano, canke ivyanditswe bisubiwemwo, bitanzwe bitajanye n'inkuru vyandikiweko, bihayagiza ibidandazwa canke bidashingiye ku kwubahana hagati y'abahurira hano. Icanyuma : intererano izogirwa mu ndome nkuru izofutwa vuba.

Kwongerako iciyumviro

Votre adresse de messagerie ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *