Arwanya inzara agatanga n’akazi

Mu ntumbero yo kwironderera akazi akongera akarwanya inzara n’indwara ziturutse ku gufungura nabi, Nsengiyumva Emiri yashinze ishirahamwe ririma ibizinu. Vyanditswe na Vyzigiro Jimi Erevisi

Nsengiyumva Emiri :“Ibizinu bifise akamaro kanini.”©Iwacu

Nsengiyumva Emiri :“Ibizinu bifise akamaro kanini.”©Iwacu

Ahejeje amashure ya kaminuza ntiyashimye kuja kugorana mu miryango canke ngo ayerere arondera akazi , yaciye yigira inama yo kwironderera akazi mu gushira mu ngiro ivyo yari ahejeje kwiga muri kaminuza. Nsengiyumva Emiri ati: “Sinarindiriye y’uko ndinda kuja gukomera amashi abatayakira naciye nshinga ishirahamwe ririma rikongera rigatanga n’imbuto zibizinu”.
Iryo shirahamwe yashinze ryitwa “SOCHA”, avuga ko rizanye ubumenyi bushasha n’imfungurwa nshasha. Ariko ati impinga iracari ndende kubera y’uko imfungurwa y’ibizinu ikiri nshansha mu Burundi kandi ko abantu batarayimenyera. Umuyobozi w’iryoshirahmwe ati: “Inzira iracari ndende kugira twigishe abarundi ivyiza biri mu gufungura ibizinu.”
Yatanguye gusigurira uwo mugambi urundi rwaruka barikumwe muri iryo shirahamwe, kugira na bo babitahuye baheze babwire abandi kandi bongere bubake ishirahamwe rikomeye. Arongera akamenyesha ko igituma barima ivyo bizinu vy’ubwoko bwa prerote ari kubera yuko harimwo amavitamine menshi, kandi vyimbuka ningoga bitwaye ikibanza gito cane.

Imico y’ikirundi ni intambamyi mu gufungura ibizinu…

Umuyobozi mukuru w’ishirahamwe SOCHA, ati tugitangura twakora duhomba kuko twimbuye ibiro 10 twagurisha bibiri gusa, ibindi tukabitanga ku buntu kugira tumenyereze abantu kubifungura. Ariko ngo icababaje ni uko hari imiryango bahaye ibizinu iranka no kuvyakira.
Mu migenzo y’ikirundi ngo carazira yuko abatunze inka bafungura ibizinu, abandi na bo baremeza neza ko ibizinu bifise ingaruka mbi nyishi ku magara y’abantu.
Ariko Nsengiyumva arabeshuza cane ivyo bigenda bivugwa n’abanyagihugu ko ari inzitizi zibabuza gutera imbere no kwikingira indwara nyishi, zaba iz’ivyaduka canke izituruka ku gufungura nabi.
Arongera ati: “Iyindi ngorane dufise ni iyo gushingura ibizinu bitashoboye kugurishwa kubera ishirahamwe rigifise uburyo buke kugira rigure ibikoresho vyabigenewe”.
Bipfuza kandi kwagura ahiryoshirahamwe rikure ndetse bigishe n’abarundi bo mu ntara zose kugira bijukire kurima ico giterwa c’ibizinu.

Akamaro k’ibizinu ni akahe?

Nsengiyumva ati kugira dushobore kwimbura ibizinu bikwiye twahisemwo gukarihiriza ubwenge n’ukwongerereza ubumenyi abanyagihugu basanzwe. Baratanguye kwijukira kurima igitegwa c’ibizinu.
Amenyesha ko batanguye kurondera intara boherako nk’akarorero muzindi . Izo na zo ni nk’intara za Cibitoke na Bubanza . Twatanguye kubereka ingene ibizinu birimwa cane cane tugashimikira ku mashirahamwe yo kwiteza imbere asanzwe agizwe n’abanyagihugu.
Ati ukurima ibizinu bifise inyungu nyishi. Ubwa mbere avuga ko bifise akamaro mu mibano ya misi yose n’ubutunzi, kuko bitanga akazi hanyuma bikongereza imishahara y’abakozi iyo umwimbu wagenze neza. Ubwa kabiri ni uko ibizinu bifise akamaro kenshi ku magara y’abantu babifungura. Avuga ko ubushakashatsi bwerekanye ko ibizinu bikingira abana indwara ziturutse ku gufungura nabi kuko bitanga vitamine nyinshi, birakingira indwara zivuye kwivuduka ryumurindi wamaraso ndetse uwafunguye ibzinu ni gake ashobora kugwara ya ndwara bita gute. Ubwa gatatu avuga ko kurima ibizinu bifasha mu gukingira ibidukikije. Kuko ibitabizo kuho baba barateye ibizinu bica biba amase kubindi biterwa bigatuma isi ndimwa igira akanovera.

Amasezerano y'abayagira kur'urubuga ngurukanabumenyi rwa IWACU

Ivyiyumviro n'ibivugirwa hano ntibitegerezwa kurenga amategeko y'umubano mwiza. Mu bibujijwe kwandikira hano, harimwo amajambo y'amacakubiri afatiye ku bwoko, ibitsina, ukwemera kujanye n'idini, gutyozanya canke gutukana, amajambo ahamagarira gucanamwo, canke aza atanga amakuru ajanye n'ubuzima bwihereranye bwa muntu. Ikibujijwe kandi ni ugukoresha amasanamu canke ivyandikwa vy'abandi udatomoye isoko yavyo.
Iwacu ntizotiriganya mu gufuta icanditswe cose coza kirenga kuri ano masezerano, canke ivyanditswe bisubiwemwo, bitanzwe bitajanye n'inkuru vyandikiweko, bihayagiza ibidandazwa canke bidashingiye ku kwubahana hagati y'abahurira hano. Icanyuma : intererano izogirwa mu ndome nkuru izofutwa vuba.

Kwongerako iciyumviro

Votre adresse de messagerie ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *