Aritemiziya ni igiterwa gishasha gikiza marariya

Ishirahamwe Aluma rirwanya indwara ya marariya riherutse kwerekana yuko igiterwa citwa aritemiziya gikiza iyo ndwara. – Vyanditswe na Vyizigiro Jimi Erevisi

Mbonerane

Mbonerane Ruberuto: «Turafise igisata c’ubuvuzi hamwe n’abandi bashakashatsi batari bake simbona igituma batarakigirako ivyigwa bahinyuze yuko kitavura iyo ndwara» ©Iwacu

Mbonerane Ruberuto arongoye ishirahamwe Aluma, ati: “Abashakashatsi berekana yuko kw’isi yose uko haheze imisegonda 2 indwara iba ihitanye umwana ari musi y’imyaka 5. Mu masaha 24 iba ihitanye abana ibihumbi 4.»
Amenyesha yuko ico giterwa artemiziya gikunze gukoreshwa cane mu gihugu c’ubushinwa gisumba ahandi kwisi. Ahandi gikunda kuba akaba ari muri Afirika y’epfo. Ariko yemeza yuko kimera muri Afirika kuva muri Afirika y’epfo gushika muri Etiyopiya, bisigura ko na hano iwacu kihaba.
Ico giterwa gituma umubiri wirwanira cane ukaronka inguvu zikwiye zo kurwanya imigera y’indwara zitari nke zikarira abantu: «Hano iwacu aritemiziya iramze kugaragaza ko imera neza mu Rumonge aho hari umuzungu ayirima mu mirima ya Savonoro, i Muramvya n’i Gitega na ho nyene iramera neza. No mu kiyaya c’Imbo mu Kivoga irahakunda cane.»
Mbonerane amenyesha yuko ico giterwa kitarashobora kurimwa ku mugaragaro kubera hataraboneka uruhusha rw’ubushikiranganji bw’amagara y’abantu.
Naho biri uko avuga yuko abashakahatsi bakomeye kw’isi harimwo n’uwuheruka hano mu Burundi, bemeza yuko ico giterwa gikoreshejwe mu cayi gusa gikiza indwara ya marariya ibice 95 kw’ijana vy’ababa bakinyoye mu kiringo c’imisi 7. Aha agirako amenyesha yuko ubushobozi bw’ico giterwa aritemiziya kimaze igihe kinini bwemejwe kandi buzwi n’amahinguriro akomeye akora imiti y’indwara z’abantu kwisi: «Baramaze gutangura kugikoresha mu buvuzi butandukanye bashizemwo n’iyindi miti.»
Ico giterwa aritemiziya gisanzwe gikoreshwa cane muri Afirika cane cane muri Kongo iharanira intwaro rusangi, Gambiya, Kameruni n’Ubuganda. Arashihikara ati: «Ubushikiranganji bw’uburumyi n’ubworozi hamwe n’ubw’amagara y’abantu barateje imbere cane ico giterwa bafadikanije n’ishirahamwe rijejwe amagara y’abantu kw’isi.»

Aritemiziya izofasha Aluma gutuza indwara ya marariya

Kuva mu 2009 ishirahamwe Aluma rivutse rifise intumbero yo kurwanya marariya hakoreshejwe uburyo bukeyi kubera ari indwara ibangamira cane cane abakene. Basaba yuko mu kwivuza umurwayi akuze ariha amafaranga amajana 4 ariko hariho benshi bayabura bagaca babavura kuko baba batinya ko bitaba Imana kandi bashitse kwa muganga. Mbonerane ati: «Hamwe reta yokwijukira kurima ico giterwa hanyuma ikagabanya imiti ikura hanze kandi izimvye, abana n’abakenyezi bibungenze ntibosubira kwicwa na marariya.»
Kukaba nkako, muri Ruhuhuma uyu mwaka ishirahamwe ry’amagara y’abantu kw’isi ryaratangaje yuko hakwiye gukomezwa ubuvuzi bw’imiti kama, ivyo bikaduha intege zo gukomeza ico giterwa.Aribaza ati: «Turafise igisata c’ubuvuzi hamwe n’abandi bashakashatsi batari bake simbona igituma batarakigirako ivyigwa bahinyuze yuko kitavura iyo ndwara.»
Mbonerane yarangije amenyesha yuko umubu umwe upfa uvyaye iyindi mibu 150: «Twama twitwararika kwifuka umusegetera ariko tukibagira gutuza ibituma irwirirana ry’imibu.Tubwirizwa gusukura n’ugupompa aho tuba neza.»

Amasezerano y'abayagira kur'urubuga ngurukanabumenyi rwa IWACU

Ivyiyumviro n'ibivugirwa hano ntibitegerezwa kurenga amategeko y'umubano mwiza. Mu bibujijwe kwandikira hano, harimwo amajambo y'amacakubiri afatiye ku bwoko, ibitsina, ukwemera kujanye n'idini, gutyozanya canke gutukana, amajambo ahamagarira gucanamwo, canke aza atanga amakuru ajanye n'ubuzima bwihereranye bwa muntu. Ikibujijwe kandi ni ugukoresha amasanamu canke ivyandikwa vy'abandi udatomoye isoko yavyo.
Iwacu ntizotiriganya mu gufuta icanditswe cose coza kirenga kuri ano masezerano, canke ivyanditswe bisubiwemwo, bitanzwe bitajanye n'inkuru vyandikiweko, bihayagiza ibidandazwa canke bidashingiye ku kwubahana hagati y'abahurira hano. Icanyuma : intererano izogirwa mu ndome nkuru izofutwa vuba.

Kwongerako iciyumviro

Votre adresse de messagerie ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *