Amazi y’imvura ni nkenerwa mu ngo zacu

Amazi y’imvura arashobora gukoreshwa mu buzima bwa misi yose kandi arafasha cane. – Vyanditswe na Vyizigiro Jimi Erevisi

Nkezabahizi Jiriberi : «Ibi bigega ndavyubaka mu musenyi hamwe n’isima gusa.» ©Iwacu

Nkezabahizi Jiriberi : «Ibi bigega ndavyubaka mu musenyi hamwe n’isima gusa.» ©Iwacu

Kuva aho imvura y’isegenya ihitanye vyinshi, abatari bake baribaza icokokorwa kugira amazi y’imvura ntasubire kwiha inkumbi. Nkezabahizi Jiriberi arongoye ishirahamwe ESCEP-Bat yatanguje umugambi wo gukingira ibidukikije ahereye mu kwegeranya amazi y’imvura.
Uwo mugambi werekeye kwubaka ibigega vy’amazi y’imvura avuye ku mabati. Iryo shirahamwe ryatanguye guhimiriza amasengero, amashure mato mato n’ayisumbuye hamwe n’amashirahamwe makuru makuru kwijukira uwo mugambi. Nkezabahizi ati: «Amazi y’imvura avuye mu bice birimwo amazu menshi y’abantu ni yo agira ingaruka mbi nyishi ku bantu n’ibidukikije gusumba amazi y’imvura iguye mu gahinga.»
Abandanya amenyesha yuko ayo mazi aho kureka ngo yonone ibidukikije ashobora gukoreshwa mu bikorwa vy’akamaro bitari bike kandi agasahiriza itunga ry’umuryango n’igihugu.Aremeza yuko hamwe uburyo bwo gukoresha amazi y’imvura abantu bobwijukira, ibice 80 kw’ijana hokoreshwa ay’imvura, rejidezo bakayikoreshereza amazi ku bice 30 kw’ijana.
Uwo muyobozi w’iryo shirahamwe ati: «Amazi y’imvura ari muri ivyo bigega abantu barashobora kuyamesuza, kuyogesha ibikorsho vyo mu nzu, kuyakoresha mu tuzu twa surwumwe, kuyakoropesha, kuyatekesha no kuyoga. Hanyuma bakavoma amaritiro nka 10 ku musi yokunywa. Ubwo bwoba ari uburyo bwiza bwo kuziganya ubutunzi mu miryango.»

Akandi karusho k’ivyo bigega ni akahe ?

Mu ntara zo hagati mu gihugu nka Kirundo, Mwaro na Muramvya baramaze gutahura akamaro kavyo: «Narubatse ibigega bijamwo iritiro ibihumbi 4, canke igihumbi vy’amazi i Muyinga ndabisabwe n’ishirahamwe Adra kandi abanyagihugu barabashima cane.I Mwaro muri komine Gisozi ndiko ndacubakira ishure. I Muramvya hafi ya Bugarama, abanyagihugu baho bacuruza cane ivyamwa bahora babironga mu mzi mabi y’imyonga, ubu narabubakiye akarorero k’ikigega kimwe cegereye inzu umugambi Fida wabubakiye bacururizamwo. Gishimwa n’abanyagihugu hamwe na Fida kandi mu misi iza tugomba gukorana cane twubake n’ibindi ahatari hake.»
Nkezabahizi aremeza yuko ivyo bigega bifise akarusho kanini gusumba ibindi bikono abantu bamaze imisi myishi baharaye bikozwe muri kawucu: «Ibi bigega ndavyubaka mu musenyi hamwe n’isima gusa.Birafasha gukingira ibidukikije kuko umusenyi dukoresha tuwukura mu nzuzi bigatuma zidasubira kwuzura ngo zitware ibintu n’abantu.»
Amenyesha yuko mu ntumbero yo gukingira ibidukikije, reta itari ikwiye kubuza abanyagihugu gucukura umusenyi n’amabuye mu nzuzi ahubwo ko yoshiraho amategeko canke igashinga igisata cayo kijejwe gucukura mu nzuzi zica mu gisagara ca Bujumbura cose.
Akandi karusho ni uko bishobora kwozwa imbere igihe cose imvura igomba itasure. Ikindi ivyo bigega vyishangije ni uko amazi abirimwo aba ayunguruye neza hakoreshejwe ubuhinga bwa none.
Umunyagihugu yikorera utwiwe muri karatiye ya Jabe hafi y’urusengero rwa gatorika rwitwa Mukiza Mweranda, ati: «Mu kwezi guheze iki kigega cahora cuzuye ariko abantu bahita bama bayanywa canke bayavoma, uko bukeye uko bwije ni ko bayijukira kandi barayakunda cane.»
Nkezabahizi arangiza amenyesha yuko yipfuza ko mu myaka 10 amashure yose yoba afise ivyo bigega kugirango n’abana batashe batahane amazi mu mihana iwabo ntibirirwe barazembagirika mu myonga. Mwomenya yuko ikigega kijamwo amaritiro 4000 acubaka ku muriyoni n’ibihumbi amajana umunani .

Amasezerano y'abayagira kur'urubuga ngurukanabumenyi rwa IWACU

Ivyiyumviro n'ibivugirwa hano ntibitegerezwa kurenga amategeko y'umubano mwiza. Mu bibujijwe kwandikira hano, harimwo amajambo y'amacakubiri afatiye ku bwoko, ibitsina, ukwemera kujanye n'idini, gutyozanya canke gutukana, amajambo ahamagarira gucanamwo, canke aza atanga amakuru ajanye n'ubuzima bwihereranye bwa muntu. Ikibujijwe kandi ni ugukoresha amasanamu canke ivyandikwa vy'abandi udatomoye isoko yavyo.
Iwacu ntizotiriganya mu gufuta icanditswe cose coza kirenga kuri ano masezerano, canke ivyanditswe bisubiwemwo, bitanzwe bitajanye n'inkuru vyandikiweko, bihayagiza ibidandazwa canke bidashingiye ku kwubahana hagati y'abahurira hano. Icanyuma : intererano izogirwa mu ndome nkuru izofutwa vuba.

Kwongerako iciyumviro

Votre adresse de messagerie ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *