Amatongo n’igwirirana ry’abantu: ejo bizoba bimeze bite?

Igisagara ca Bujumbura kiguma caguka ku musi ku musi. Amakaratiye arashika n’ahobaye indimiro kandi abantu baguma bagwira. Mu gisagara bararengera amabarabara bashinga amakiyosike n’amakontineri. Hategekanywa iki mu gutunganya ibisagara n’isi ndimwa? Abajejwe ibisagara bati hari integuro nshasha. Ikigo kigira ivyigwa ku muceri kirahumuriza – VYanditswe na Bayaga Manyusi

Inzu zubatswe zegereye ibarabara ©Iwacu

Inzu zubatswe zegereye ibarabara ©Iwacu

Hari agahaze mu bijanye n’itunganywa ry’ibisagara vyo mu Burundi. Mu gisagara ca Bujumbura, hari amakiyosike, amakontineri n’amazu vyegereye ibarabara cane. Nko kw’ibarabara bita  Avenue de la Science hari aberegereje ibarabara gushika musi y’imetero. Ivyo ntivyorohereza uruja n’uruza rw’abantu n’imiduga . Hageze ku mugoroba usanga abantu babuze aho bahagarika imiduga yabo bakayishira mw’ibarabara. Kwubaka hadakwirikijwe amategeko rero bituma haba abasiturirwa amazu mu gihe aho bubatse haba hakenewe gukoreshwa iki canke kiriya.

Abubatse barenze imbibe baramaze kugabishwa

Ntangibingura Amisi, umuyobozi mukuru ajejwe itunganywa ry’ibisagara, aremeza ko ubuyobozi arongoye buzi ko hari abubaka batisunze amategeko. Ati: “Twaragabishije bene izo nyubakwa, turabaha n’imisi yo kuzibomora. Mwarabonye n’amazu yabomowe kuko yari yarengereye imbibe.” Uwo amenyesha ko kubomora bikurikiza amategeko. Atanga akarorero ku bubatse ku nkengera z’inzuzi n’ibiyaga, ati abahubatse imbere y’ itegeko rigenga amazi ntibabomorerwa, ariko abubatse mu nyuma barabomorerwa. Ati iyo ingingo nk’iyo yafashwe n’ubuyobozi bw’ibisagara, abajejwe kuyubahiriza ni abarongoye ibisagara, amakomine n’igiporisi.

Hariko harategurwa ibicapo vy’ibisagara

Ntangibingura Amisi: “Twaragabishije bene izo nyubakwa” ©Iwacu

Ntangibingura Amisi: “Twaragabishije bene izo nyubakwa” ©Iwacu

Ntangibingura avuga ko hariko harategurwa ibicapo vy’ibisagara. Ic’igisagara ca Bujumbura kiri hafi kurangira. Ivya Gitega, Ngozi na Rumonge na vyo ngo biri mu gutangurwa ku mafaranga atanzwe n’ibanki y’isi yose. Uwo muyobozi yongerako ko integuro y’itegeko rigenga ivyo bicapo vy’ibisagara yamaze gutangwa ku babijejwe. Ati n’ubundi buryo buriko buraronderwa haba mw’ibanki ya Afirika y’iterambere, mw’ibanki y’isi yose no mu bihugu bigize ubumwe bw’abanyaburaya mu ntumbero yo gutunganya ibisagara. Avuga rero ko bariko barategekanya inkikuro z’ibisagara, ahazoja amashure, amasengero, amasoko n’ibindi vya nkenerwa. Ivyo ngo bizofasha kumenya ahagenewe kwubaka amazu n’aho kurima. Ngo igisagara kiba gifise insiguro yaco n’ishusho yaco ku buryo herekanwa ubwoko bw’amazu azoba arimwo. Ntangibingura akavuga rero ko kuba hatahora hari ibicapo bigenga ibisagara vyari bikenesheje ico gisata. Ubu rero ngo bagiye no kugira urutonde rw’ibisagara hisunzwe uko bisumbanya amanota. Amenyesha kandi ko habayeho itegeko n°100/111 ryo ku wa 31 Mukakaro 2000 rigenga urutonde rw’ibisagara harabwe uko bisumbana. Aho harimwo ibisagara 68, bitanu vya mbere bikaba ari Bujumbura gifise 100 kw’100, hagakurikira Gitega, Ngozi, Kayanza na Rumonge.

Kera hariho integuro igenga ibisagara

Ndayirukiye Sirivesiteri: ”Nta nteguro yasubiye kuba” ©Iwacu

Ndayirukiye Sirivesiteri: ”Nta nteguro yasubiye kuba” ©Iwacu

Ndayirukiye Sirivesiteri, umuhinga mu bijanye n’ugutunganya ibisagara, avuga ko muri kahise, igisagara ca Rujumbura cari cubatswe n’ababirigi gushika mu 1962 bagiye. Ati abarundi ni bo bagerageje kugitunganya mu makaratiye. Ngo integuro ya mbere yitwa igicapo ngenderwako mu gutunganya ibisagara (schéma directeur d’aménagement et d’urbanisme), yagiyeho mu 1982. Ico gihe haragiyeho n’umurwi w’igihugu ujejwe ibisagara, aho mbere baca batomora ivyemeza ko ahantu hari igisagara. Iyo nteguro rero ngo yariga ingene igisagara kizokura mu myaka 20 canke 25. Ati barerekana ahazoja amazu y’abantu n’ahazoba imirima (nko mu kiyaya c’Imbo), aho gukingira kuko hagoye kwubaka nko ku misozi bakahatera ibiti n’ahakingirwa kuko ari ibibanza vy’ingenzi. Ikindi batibagiye ni amabarabara makuru n’ayazunguruka igisagara, eka n’aho kurangurira imirimo itandukanye, mu bumanuko no mu buraruko ngo abantu ntibagume bahurira mu gisagara hagati. Ariko ngo nta tegeko nshikiranganji ryaherekeje iyo nteguro naho vyari bitegekanijwe. Iyo nteguro rero yategerezwa kurangirana n’umwaka w’2000.

Integuro y’ibisagara yaribagiwe

Ndayirukiye avuga ko amagume yatumye haba abantu benshi baja mu gisagara kuruta uko vyari vyitezwe. Ati: “Reta nta nguvu yari igifise ico gihe, abantu bagira ivyo bashatse, barengera imbibe gushika aho n’ibitwara umuyagankuba biba mu mpangu, abandi bakubaka barengera amabarabara.” Ivyo vyose rero vyatumye uburaro bukenerwa cane. Ati hari n’abagiye kwubaka ku nkombe z’uruzi ngo baronke aho bakika umusaya. Arabandanya ati: “Nta nteguro yasubiye kuba, iyo yari yarengewe habaye akajagari.” Uwo muhinga rero avuga ko icokorwa ari ugusubira kugira iyindi nteguro ijanye n’ibihe tugezemwo. Amenyesha ko hari hakwiye kujaho umurwi w’igihugu ushigikiwe n’inzego nkuru z’igihugu kandi ukabamwo abo vyega bose, harimwo n’abahinga. Uwo murwi ngo boheza bakawuha ububasha bukwiye. Arongera ati: “Abarundi ntidufise imigenzo yo mu bisagara kuko twabibayemwo abazungu bagiye. Ni yo ngorane.” Avuga ko ahandi bategekanya aho igisagara kizagukira, abahari bakahabagurira kare hako babaha umuzibukiro hamaze kuzimba. Ino bica bitera ingorane kuko bituma haba abasamburirwa amazu, kuko ataba yubatswe nk’ayo mu bisagara. Ati mu gihe hoba ababomorerwa kuko inzu zabo zidakwije amategeko, bobigira ata gucagura. Ku bwiwe rero, ngo harakwiye no kujaho integuro yo kwunguruza abantu mu gisagara cose, hakaba n’ibituro bizwi, kuko n’ivyo biri mu ngorane z’ibisagara.

Integuro ntikwiye ku bisagara gusa

Samaniro Yohani Kenedi: “Umuceri warimwa rimwe ubu urimwa kabiri mu mwaka” ©Iwacu

Samaniro Yohani Kenedi: “Umuceri warimwa rimwe ubu urimwa kabiri mu mwaka” ©Iwacu

Mu gihe abantu baguma biyongera haba mu bisagara canke mu gihugu hagati, iruhande y’uburaro harakenerwa ivyo bafungura. Igiterwa c’umuceri kiri mu bifungurwa n’abantu benshi. Hariko hakorwa iki kugirango mu myaka iri imbere hashobore kwimbuka umuceri ukwiye abarundi? Samaniro Yohani Kenedi, umuyobozi w’indimo mw’ishirahamwe SRDI ryishinze guteza imbere akarere k’Imbo, avuga ko mu myaka y’1980, SRDI yakorana n’abanyagihugu mu kubaha aho barima umuceri n’ibiterwa mbumbarugo, imbuto y’umuceri n’aho bubaka. Kubera umuceri wongereje agaciro, babasavye ko hose boharima umuceri, none haciye hongerako amahegitara 800 ku 4000 yahora akoreshwa. Umuceri wahora urimwa rimwe mu mwaka ariko ubu ni kabiri. Avuga ko bategekanya uburyo bwo kwongereza amazi biciye ku rugomero rwa Kajeke, bikazofasha kwungura imirima. Aranavuga ko bakorana n’abandi basanzwe bakorera ku muceri nka PRODEFI, IRRI na ISABU.

Igiterwa c’umuceri carijukiwe

Bigirimana Yozefu: “Twipfuza kwimbura umuceri mwinshi ku giciro gito” ©Iwacu

Bigirimana Yozefu: “Twipfuza kwimbura umuceri mwinshi ku giciro gito” ©Iwacu

Bigirimana Yozefu, arongoye ikigo c’ugutohoza ku giterwa c’umuceri IRRI, ishami ryo mu Burundi, avuga ko ico kigo ari mpuzamakungu kandi gifasha abarimyi guteza imbere igiterwa c’umuceri. Ubu bakorana n’amashirahamwe y’abarimyi. Barabira hamwe imbuto y’ubwoko bwiza bafatiye ku karere barimamwo, kandi bakorera mu gihugu cose kiretse uturere tutabamwo umuceri. Barafasha abanyagihugu kuronka umuceri wimbuka cane kandi wera kare. Barakoresha utumashini mu kugabanya umuruho n’umwanya. Bigirimana ati: “Abarimyi bamaze guhitamwo imbuto nziza, duca tuyigwiza. Twipfuza kwimbura umuceri mwinshi kandi ku giciro gito. Haboneke uwukwiye abarundi, uwo kuziganya n’uwo gushora mu mahanga.” Barakorana kandi na ISABU, kaminuza y’Uburundi n’iy’i Ngozi. Imbuto bashimye baziha SRDI n’ubuyobozi bw’uburimyi n’ubworozi mu ntara biciye mu bushikiranganji bw’uburimyi n’ubworozi. Avuga ko bamaze gutanga umuceri witwa Vuninzara na Gwizumwimbu muri SRDI n’i Bubanza. Hiyongereye umwimbu uri hagati y’itoni n’itoni n’inusu kuri hegitera imwe gusa. Inyubakwa y’icicaro ca IRRI mu karere izokwugururwa muri Gitugutu i Bujumbura, hazohurira Uburundi, Kenya, Ubuganda, Mozambike,Tanzaniya, Madagascar n’Urwanda.

Ico mwiyumvira
  1. Kabanyiginya delira

    Muburundi birakenewe komuraiza inzuzigeretse muntumbero yokutamaza amazumw’Isi ndimwa, uwomugambi wobawa leta hanyuma abenegihugu bakawubahiriza, ukovyogenda nuku: reta yojamubasanzwe bafasha u Burundi ikabasigurira ko abarundibabeshejweho nokurima atirerotwifufa gukingira Isi ndimwa biciyemukwegeraniriza hamwe imiryango nkokwubaka inyubakwa ahantu hatarenza imetero 50 ku 50 halabamwo nkimiryango 50 Cankirenga ivyovyo vyotuma isinsimwa yiyongera kandi abarundi aribabandinyene amahera yubatse ayomazu kutasubiza umwanyumwe some go vyogora uyundimwa ugasanga biroroshe igikurunuko abarundi na reta yabobabigira ivyabontihabemwo inguvu.

Amasezerano y'abayagira kur'urubuga ngurukanabumenyi rwa IWACU

Ivyiyumviro n'ibivugirwa hano ntibitegerezwa kurenga amategeko y'umubano mwiza. Mu bibujijwe kwandikira hano, harimwo amajambo y'amacakubiri afatiye ku bwoko, ibitsina, ukwemera kujanye n'idini, gutyozanya canke gutukana, amajambo ahamagarira gucanamwo, canke aza atanga amakuru ajanye n'ubuzima bwihereranye bwa muntu. Ikibujijwe kandi ni ugukoresha amasanamu canke ivyandikwa vy'abandi udatomoye isoko yavyo.
Iwacu ntizotiriganya mu gufuta icanditswe cose coza kirenga kuri ano masezerano, canke ivyanditswe bisubiwemwo, bitanzwe bitajanye n'inkuru vyandikiweko, bihayagiza ibidandazwa canke bidashingiye ku kwubahana hagati y'abahurira hano. Icanyuma : intererano izogirwa mu ndome nkuru izofutwa vuba.

Kwongerako iciyumviro

Votre adresse de messagerie ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *