Amashirahamwe yo kurwanya Sida yaranaguwe

Naho hari amashirahamwe ane yacaguwe, igice ca kabiri c’uko Ikigega mpuzamakungu gitanga amafaranga ntikiratangura. Ariko si uburyo bubuze… – Vyanditswe na Nkurunziza Rize

ANSS

Ishirahamwe ANSS, rimwe muri ane yacaguwe ngo aronswe ayo mafaranga ©Iwacu

Amatati hagati y’amashirahamwe abiri yo kurwanya Sida, ABS na RBP+, akomeye yatumye Ikigega mpuzamakungu gihagarika, mu 2012, gutanga amafaranga y’igice ca kabiri y’umugambi PRIDE. Inyuma yaho vyemerejwe yuko ari umurwi w’igihugu ujejwe kurwanya ikiza Sida (CNLS) uzohabwa ayo mafaranga, hari hasigaye gutora amashirahamwe azoyakoresha kugira batangure umugambi PRIDE. Ivyo vyabaye muri Gitugutu umwaka w’2013. Amashirahamwe ane ni yo yashoboye gukwiza ibiçsabwa no kwerekana ubushobozi bwayo mu gushira mu ngiro uwo mugambi. Na yo ni aya : ANSS , Yezu Mwiza, APRODEM na SOS.
Kuki haheze amezi atanu kandi batararonswa amafaranga ngo batangure ibikorwa ? Mwomenya yuko igice ca kabiri c’uwo mugambi cari kumara amezi 33, kuva muri Nzero 2013 gushika muri Nyakanga 2015.Harabaye ukwikwega mu gucagura amashirahamwe azoshira mu ngiro uwo mugambi.
Igituma ngo ni uko basabwe gusubiramwo integuro nk’uko bimenyeshwa n’uwujejwe kumenyesha amakuru mw’ishirahamwe ANSS : « Badusavye kwongeramwo ibikorwa bitari biri vyaronse ababikora no gusubiramwo ikirangamisi c’ivyari biteguwe kuko twari tumaze gucererwa cane mu vyerekeye gutangura igice ca kabiri. » Ikiringo kirengako mu gutunganya integuro y’ibikorwa gituma haba uwanya wiyongera ku kirangamisi cari giteguye.

Ingene amafaranga akoreshwa

Nta n’umwe ashobora gutomora igihe ivyo bikorwa ikigega mpuzamakungu catangiye amafaranga bizotangurira. Ku ruhande rw’ayo mashirahamwe ane ntibitahuritse. « Turarindiriye. Ku ruhande rwacu turafise ivyo badusavye », bimenyeshwa n’uwujejwe kumenyesha amakuru mw’ishirahamwe ANSS.
Patiri Yamuremye Dezire, arongoye ishirahamwe Yezu Mwiza, aridoga ati : «Ntituzi n’igituma vyahagaze. Ntitwamenyeshejwe ivyatumye haba ugucererwa. » Ingaruka zavyo zirahambaye. Ibikorwa vyarahagaze : abafashwa ntibakironswa amakaye, hararenze umwaka, eka no mu vyerekeye gukinga, nta nyigisho zigitangwa, amahimiriza n’ibindi. « Dukora bukebuke cane kuko dufise uburyo buke», ni ko abandanya avuga Yamuremye arongoye Yezu Mwiza. Eka no mu mashirahamwe abiri asigaye ni ko bavuaga. Babona yuko uwujejwe kubasabikanya ayo mafaranga afise ingorane zo kugira integuro n’uburyo ayo mafaranga yokoreshwa yose. Patiri Yamuremye we ntarya umunwa : «Umurwi CNLS urafise ingorane z’uburongozi. Hakwiye yuko ubushikiranganji bw’amagara y’abantu n’umurwi ukwirikirana amafaranga yatanzwe n’ikigega mpuzamakungu mu kurwanya Sida, igituntu na marariya bawuhagurukira baraba ikiwubuza kurangura neza igikorwa cawo. » Mw’ishirahamwe ANSS batinya yuko ayo mafaranga azohava asubizwa inyuma ku bayatanze mu gihe abarwaye ico kiza n’abacanduye bayakeneye cane. Twaragerageje kurondera abo mu murwi CNLS ariko ntivyashobotse.

Amasezerano y'abayagira kur'urubuga ngurukanabumenyi rwa IWACU

Ivyiyumviro n'ibivugirwa hano ntibitegerezwa kurenga amategeko y'umubano mwiza. Mu bibujijwe kwandikira hano, harimwo amajambo y'amacakubiri afatiye ku bwoko, ibitsina, ukwemera kujanye n'idini, gutyozanya canke gutukana, amajambo ahamagarira gucanamwo, canke aza atanga amakuru ajanye n'ubuzima bwihereranye bwa muntu. Ikibujijwe kandi ni ugukoresha amasanamu canke ivyandikwa vy'abandi udatomoye isoko yavyo.
Iwacu ntizotiriganya mu gufuta icanditswe cose coza kirenga kuri ano masezerano, canke ivyanditswe bisubiwemwo, bitanzwe bitajanye n'inkuru vyandikiweko, bihayagiza ibidandazwa canke bidashingiye ku kwubahana hagati y'abahurira hano. Icanyuma : intererano izogirwa mu ndome nkuru izofutwa vuba.

Kwongerako iciyumviro

Votre adresse de messagerie ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *