Amasanganya yabaye ndanse mu mabarabara yo mu Cibitoke

Kubera amasanganya yo mw’ibarabara, abantu 25 barapfuye, 40 barakomereka cane mu gihe ca mezi 3. Abajejwe intwaro n’igiporisi bategekanya izindi ngingo.-Vyanditswe na Bahati Jagisoni

Imodokari yagize isanganya ©Iwacu

Imodokari yagize isanganya ©Iwacu

Isanganya rya vuba ni iryo ku w’Imana igenekerezo rya 14 Nyakanga, abantu 6 bari mu modoka yunguruza abantu iri mu bwoko bwa “Hiace” bitavye Imana 14 bagakomereka cane. Kw’ibarabara ry’igihugu inomero 5 i Kaburaza muri Komine Buganda ku birometero bitarenga 20 uvuye ku murwa mukuru w’intara. Ni inkuru zitangwa n’igipolisi n’abajejwe intwaro. Mu nkuru ziva ngaho nyene, umuvuduko urenze ku banyonga imiduga bamwe bamwe, Kutubahiriza amategeko, n’ukwitwaza impusha z’ukugendesha umuduga za Magendo ni vyo nkwezi z’impanuka zihitana abantu.

Kubw’abiyunguruza mu miduga mu Cibitoke amasanganya ni menshi kw’ibarabara Rugombo-Bujumbura na Rugombo Kayanza. Ayo masanganya aguma yiyongera yarateye umutima uhagaze abiyunguruza mu miduga barondera ubuzima mu guca muri ayo mabarabara. Abadandaza bamwe bamenyesha ko batakimanuka i Bujumbura ku gutinya amasanganya.

Ingingo zarategekanijwe

Kugira hatorwe umuti w’ingorane, abajejwe intwaro bafatanije n’abakuru mu gipolisi kijejwe amabarabara bagiye gukomeza kuyacungera. Nsabimana Anserume na Opp1 Bizindavyi Ejene, uwa mbere buramatari w’intara ya Cibitoke uwa kabiri komiseri mu kuru mu ntara ya Cibitoke. Basaba abunguruza abantu mu miduga gukwirikiza amategeko bongere bagabanye umuvuduko. Abakoresha impusha z’ukugendesha imodoka za magendo nabo bagatumirirwa kurondera izikwije amategeko, babanje gukora ikibazo.

Amasezerano y'abayagira kur'urubuga ngurukanabumenyi rwa IWACU

Ivyiyumviro n'ibivugirwa hano ntibitegerezwa kurenga amategeko y'umubano mwiza. Mu bibujijwe kwandikira hano, harimwo amajambo y'amacakubiri afatiye ku bwoko, ibitsina, ukwemera kujanye n'idini, gutyozanya canke gutukana, amajambo ahamagarira gucanamwo, canke aza atanga amakuru ajanye n'ubuzima bwihereranye bwa muntu. Ikibujijwe kandi ni ugukoresha amasanamu canke ivyandikwa vy'abandi udatomoye isoko yavyo.
Iwacu ntizotiriganya mu gufuta icanditswe cose coza kirenga kuri ano masezerano, canke ivyanditswe bisubiwemwo, bitanzwe bitajanye n'inkuru vyandikiweko, bihayagiza ibidandazwa canke bidashingiye ku kwubahana hagati y'abahurira hano. Icanyuma : intererano izogirwa mu ndome nkuru izofutwa vuba.

Kwongerako iciyumviro

Votre adresse de messagerie ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *